IKIBIRIRAHO , Flávio Bolsonaro yahakanye ko yahunze Brésil inyuma yo gushika i Miami

Uwo mukandida yatsinzwe mu matora ya Perezida muri Brésil, avuga ko yagiriwe ihirikwa ry’ubutegetsi n’ihohoterwa rya politike, asubiramwo ibirego bitagira ivyemezo vy’uko habaye “ubusuma bw’amatora”.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Didier Bikorimana na Gildas Yihundimpundu

  1. Elon Musk ni 'incabwenge cane' – Putin inyuma y'ibiganiro n'uwo mukuru wa SpaceX

    Perezida w’Uburusiya Vladimir Putin ahagaze araba ku ruhande, mu gihe hariko herekanwa ibijanye n’ubuhinga bw’Uburusiya mu nama y’Uburusiya na Afrika.
    Insiguro y'isanamu, Perezida Putin yanavuze ku mugambi Uburusiya na bwo bufise wo gutanga internet biciye ku bigendajuru

    Perezida w’Uburusiya, Vladimir Putin, ku wa gatatu yavuze ko Elon Musk ari “incabwenge cane” inyuma yo kumenyesha ko bompi baguma bavuganira “hafi na hafi” ku bijanye n’ubuhinga bw’ibigendajuru.

    Ivyo Putin yabivugiye mu nama y’Uburusiya na Afrika i Moscou, igihe yaganira ku mugambi Uburusiya na bwo bufise wo gutanga internet biciye ku bigendajuru witwa Rassvet, utuma abantu baronka iyo internet iva ku bigendajuru.

    Avuga kuri Musk, nk’uko BBC yahinduye mu rundi rurimi ivyo yashikirije, Putin yagize ati: “Ni incabwenge cane”. Yongeyeko ati: “Turavugana gose, hafi na hafi, n’abafatanyabikorwa bacu bo muri Amerika, harimwo n’umushingantahe Musk.”

    Starlink ni igice kimwe mu bigize komanyi SpaceX ya Musk. Iyo kompanyi ntiyishuye ku gisabo c’uko yogira ico ishikirije kuri ayo makuru.

    Putin yabandanije avuga ko ari ngirakamaro ko Uburusiya buguma buvugana na Musk kugira ngo ibigendajuru vya Rassvet na Starlink “ntivyinjiranire mu gihe biba biriko birazunguruka mu kirere”.

    Yongeyeko ati: “Twebwe n’abafatanyabikorwa bacu bo muri Amerika turabiha agaciro twese mu buryo magiriranire, kandi n’ubwo hari ibibazo vya politike, turiko turakora cane.”

    Kompanyi SpaceX ivuga ko Starlink imaze kurungika mu kirere ibigendajuru bigera ku 13.000. Yamara ku rundi ruhande, ibiharuro vy’abakurikirana ibigendajuru biciye kuri internet vyerekana ko ivya Rassvet biri mu kirere ubu ari bikeya cane, biharurwa muri mirongo ibiri.

    Ku wa gatatu, ambassade y’Uburusiya muri Afrika y’Epfo yavuze ko Rassvet ari “ubundi buryo bw’Uburusiya bushobora gusubirira Starlink”, yongerako ko uwo mugambi “werekana intambwe za mbere gusa z’iki gihugu muri ico gisata”.

    Putin avuze ayo majambo ku bijanye na Rassvet na Starlink mu gihe bisa n’uko imigenderanire hagati ya Amerika n’Uburusiya iriko irushiriza kuba myiza, n’ubwo hasigaye igihe gito ngo harangire imyaka itanu kuva Uburusiya bushoje intambara yeruye kuri Ukraine.

    Ukraine yarakoresheje internet ya Starlink mu bikorwa vyo guhangana n’ingabo z’Uburusiya no kuzigumiza kure. Ariko, mu ndwi iheze, igisirikare ca Ukraine caragize ingorane zitari zitezwe mu bijanye no gukoresha Starlink. Musk yaremeje ko SpaceX yabikoze nkana.

    Mu ntango z’uku kwezi, Perezida wa Amerika, Donald Trump, yavuze ko yumvikanye n’Uburusiya ku bijanye no kwinjiza muri Amerika igitoro co mu bwoko bwa mazutu, mu ntumbero yo kugabanya ibiciro vyaco vyaduze cane kubera intambara Amerika irimwo na Irani.

    Izindi nkuru wosoma:

  2. Espagne yatangiye icyunamo cy'iminsi itatu nyuma yuko impanuka ya gariyamoshi yishe abarenga 60

    Ikamyo ikora ubutabazi bwo guterura ibintu iri mu kazi ahabereye impanuka ya gariyamoshi, iri hagati ya gariyamoshi ebyiri zigendera ku muvuduko mwinshi – gariyamoshi ya kompanyi ya leta Renfe AVE na gariyamoshi ya kompanyi itari iya leta Iryo. Ni mu ntera ya kilometero zigera ku 150 mu majyepfo y’umurwa mukuru Madrid, hagati y’imijyi ya Urda na Los Yebenes, mu ntara ya Toledo, ku itariki ya 28 Ukwakira (10) mu 2026.

    Espagne yatangiye icyunamo cy’iminsi itatu nyuma yuko abantu nibura 68 bapfuye naho abandi babarirwa muri za mirongo bagakomereka, muri imwe mu mpanuka zikomeye cyane za gariyamoshi zibayeho mu mateka y’Uburayi bwa none.

    Abakora ubutabazi bwihuse bakoze ijoro ryose bifashishije amatara amurika cyane kugira ngo bashobore gukata ibyuma bikoze ibice binyuranye bya gariyamoshi, mu gushakisha abapfiriye muri iyo mpanuka. Hari benshi mu bapfuye bataramenyekana imyirondoro yabo.

    Abategetsi barimo gukora iperereza ku cyateye iyo mpanuka, yabaye mu gitondo cyo ku wa gatatu ubwo gariyamoshi yavaga i Madrid ijya i Séville yagongaga gariyamoshi yari ihagaze.

    Minisitiri w’intebe Pedro Sánchez yavuze ko “Espagne yose iri mu kababaro”. Yongeyeho ko “ubuzima bwasenyutse, imiryango yasenyutse, umubabaro ni mwinshi cyane”.

    Minisiteri y’ubutegetsi bw’igihugu ya Espagne yavuze ko abakozi babarirwa mu magana boherejwe aho iyo mpanuka yabereye kugira ngo bafashe mu bikorwa by’ubutabazi. Indege nto zitajyamo abapilote (zizwi nka ‘drones’) hamwe n’indege za kajugujugu zirimo gukoreshwa mu gushaka abapfuye no gukuraho ibyasenyutse.

    Minisitiri wo gutwara abantu n’ibintu Óscar Puente yavuze ko iyo gariyamoshi yari ihagaze, ya kompanyi Iryo itari iya leta, yari irimo abagenzi 147, ndetse ko yari yahagaze mu nzira ya gariyamoshi kubera ko mudasobwa yari yananiwe gukora.

    Izindi nkuru wasoma:

  3. Flávio Bolsonaro yahakanye ko yahunze Brésil inyuma yo gushika i Miami

    Flávio Bolsonaro, umuhungu wa Jair Bolsonaro yahoze ari Perezida wa Brazil, avuye kuraba se ku nyubakwa y’igipolisi i Brasilia, kw’igenekerezo rya 9 Kigarama (12) 2025.

    Umukenguzamateka w’umunya Brésil, Flávio Bolsonaro, yashitse i Miami inyuma yo gutsindwa mu matora y’umukuru w’igihugu yabaye ku musi w’Imana, avuga ko atigeze yipfuza “kuva mu gihugu canje c’amavukiro”.

    Mu butumwa bwiwe bwa mbere kuva avuye muri ico gihugu, yavuze ati: “Sinahunze Brésil; nagiye ku neza ya Brésil.”

    Reta Zunze Ubumwe za Amerika zamuhaye impusha zo kwinjira ku butaka bwazo hamwe n’umuryango wiwe, inyuma y’uko Brésil ihagaritse pasiporo ziwe ku mvo z’itohoza ku vyaha. Bolsonaro arahakana ko hari ikibi yakoze.

    Ku wa gatatu, Perezida wa Amerika, Donald Trump, yabwiye abamenyeshamakuru ati: “Twaramuhaye uruhusha rwo kwinjira muri iki gihugu.”

    Perezida wa Brésil aherutse gusubira gutorwa, Luiz Inácio Lula da Silva, yaneguye ukuntu Bolsonaro yavuye mu gihugu mu mpisho, agira ati: “Abatagira ico bahisha nta co batinya.”

    Gushika kwa Bolsonaro muri Floride kwarangije ikiringo c’imisi cari giheze abantu batazi neza aho aherereye, inyuma y’uko bivuzwe ko yari yagiye muri Argentine, hanyuma ku wa kabiri bigatangazwa imburagihe ko yari yamaze kwinjira muri Amerika.

    Mu butumwa bwiwe, Bolsonaro yashimiye abakuru b’ibihugu vya Argentine na Amerika hamwe n’abanyagihugu ba Amerika, avuga ko basangiye “indangagaciro n’abantu beza bo mu gihugu canje”.

    Yagize ati: “Ntivyigeze biba mu vyipfuzo vyanje kuva mu gihugu canje, ariko ndazi neza aho ibintu biriko birerekeza.”

    “Navuye mu butegetsi burangwa n’ingingo zidasanzwe, kugira ngo nshobore kuba umuyobozi abantu banje bakwiriye.”

    Yavuze ko yagiriwe ihirikwa ry’ubutegetsi n’ihohoterwa rya politike, kandi ko urugendo yafashe yerekeza muri Amerika rwari rugamije gukingira umuryango wiwe.

    Muri iryo baruwa rirerire, yongeye gushimangira, ata vyemezo atanze, ivy’uko habayeho “ubusuma bw’amatora”, akemeza mbere ko bwatumye haba ikintu “kidashoboka hisunzwe ibiharuro” mu matora.

    Ku wa gatatu, Trump yaranse kugira ico avuze ku bijanye n’ivyo birego biri muri iryo baruwa rya Bolsonaro.

    Ivyavuye mu matora vy’uko Lula yatsinze vyaremejwe n’umukuru wa sentare nkuru iraba ivy’amatora muri Brésil, yari yagenywe muri aya mabanga na se wa Bolsonaro, Jair Bolsonaro yahoze ari Perezida w’ico gihugu.

    Izindi nkuru wosoma:

  4. Mwaramutse

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubashikiriza amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw’ikibiriraho.