Zimbabwe: Uwahoze ari umugore w'icegera ca perezida yarekuwe inyuma y'imyaka apfunzwe
Marry Mubaiwa, uwahoze ari umugore w’icegera ca Perezida wa Zimbabwe, yararekuwe inyuma y’imyaka indwi yari amaze apfunzwe mu gihe yariko aburana ku caha co kugerageza kwica uwo bahoze bubakanye.
Mubaiwa yagirijwe ico caha mu 2019, inyuma y’uko uwari umugabo wiwe ico, Jenerali Constantino Chiwenga, amwagirije kugerageza kubuza ko ahabwa ubuvuzi yari akeneye muri Afrika y’Epfo.
Ikinyamakuru The Herald ca reta ya Zimbabwe kivuga ko umucamanza yategetse ko Mubaiwa arekurwa, aho yasiguye ko runo rubanza rwamugizeko ingaruka mbi haba ku magara yiwe yo mu mutwe, haba mu bijanye n’inyifato no mu vy’ubutunzi.
Iyo ngingo yafashwe inyuma y’uko ubushikirizamanza busavye ko urubanza rwigizwa inyuma ukwezi kumwe kugira ngo bubanze kuvugana n’ivyabona.
Umushingwamanza wiwe avuga ko iyo ngingo ari intsinzi ije itevye cane. Yemeza ko uburenganzira bw’umukiriya wiwe bwari bwarahonyanzwe kubera uguteba kw’urubanza.
Avugira hanze y’inyubakwa ya sentare mu murwa mukuru Harare ku wa kabiri, uwo mushingwamanza yongeyeko ko niyo ubushikirizamanza bwasaba ko urubanza rusubira kuburanishwa, bazovyihweza ico gihe.
Mubaiwa yagirijwe ko yagerageje kwica Chiwenga igihe yari mu bitaro i Pretoria. Inyuma y’aho, ico cegera ca Perezida yahavuye aja mu Bushinwa aho yamaze amezi ane ariko aravurwa.
Mubaiwa yari yaciye apfungwa mu kurindira ko urubanza rwiwe ruburanishwa, kandi bari baranse kumurekura vy’agateganyo.
Urubuga rw’amakuru rwa New Zimbabwe ruvuga ko Mubaiwa yashimye irekurwa ryiwe, avuga ko ubutungane bwashitse, yongera ashimira umushingwamanza wiwe.
Mu 2017, Chiwenga yagize uruhara rukomeye mu guhirika Robert Mugabe wari Perezida wa Zimbabwe ico gihe.
Izindi nkuru wosoma: