IKIBIRIRAHO , Trump avuga ko intambara ya gisirikare muri Iran ‘mu vy'ukuri yarangiye', ibitero bishasha bikaba bititezwe
Perezida Donald Trump wa Amerika avuga ko intambara igihugu ciwe kirimwo na Irani “yarangiye ku ruhande rwa gisirikare”, kandi ko hari intambwe nziza ziriko ziraterwa mu biganiro.
Incamake
Trump avuga ko intambara ya gisirikare muri Iran 'mu vy'ukuri yarangiye', ibitero bishasha bikaba bititezwe
Igipolisi mu matohoza inyuma ya videwo y'abagabo babiri bafashwe n'umuriro kuri kaminuza ya Ohio
Amakuru y'ikibiriraho
Bernard Bankukira na Gildas Yihundimpundu
Igipolisi mu matohoza inyuma ya videwo y'abagabo babiri bafashwe n’umuriro kuri kaminuza ya Ohio
Ahavuye isanamu, Getty Images
Ibikorwa vy’ishirahamwe ry'abanyeshure b'abahungu kuri Kaminuza
ya Ohio muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika vyahagaritswe vy'agateganyo inyuma
y'aho hasohokeye videwo yerekana abagabo babiri bafashwe n’umuriro.
Iyo videwo, yakwirakwijwe cane ku mbuga nyagiro, yerekana umurwi
w'abantu bariko bitwengera bavuza n’akaruru mu gihe impuzu z'umwe muri abo
bagabo zafatwa n'umuriro. Uwo mugabo yaciye yita ku wundi muntu na we nyene
impuzu yari yambaye zifatwa n’umuriro.
Abo bagabo bompi baboneka bivumbagatanya hasi mu kugerageza kuzimya
uwo muriro, imbere y’uko inyuma y’akanya abari aho baza kubatabara.
Abategetsi ba kaminuza bavuga ko abo vyashikiye bariko baravurwa,
mu gihe ivyabaye vymaze gushikirizwa igipolisi co muri ako karere kugira gikore
amatohoza.
Ishirahamwe Sigma Alpha Epsilon rivuga ko abo bizoboneka
ko babigizemwo uruhara bazobibazwa.
Trump avuga ko intambara ya gisirikare muri Iran ‘mu vy'ukuri yarangiye'
Ahavuye isanamu, Press Association
Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika avuga
ko intambara igihugu ciwe kirimwo na Irani “yarangiye ku ruhande rwa gisirikare”,
kandi ko hari intambwe nziza ziriko ziraterwa mu biganiro bigamije kuyihagarika.
Mu kiganiro n’abanyamakuru ejo ku wa mbere muri Maison
Blanche/White House (ibiro vy’umukuru w’igihugu), Trump yavuze ko Amerika igumije
ibintu uko bimeze ubu bisabwe n’ibihugu bibanyi vya Iran. Yongeye avuga ko
amahirwe y’uko Amerika yosubira kugaba ibitero kuri Iran ari make cane, naho ashimangira
ko ingabo zayo ziteguriye kwishura mu gihe ibintu vyohinduka.
Trump yanse gutangaza ku mugaragaro ko intambara yarangiye,
avuga ko ibihugu vy’incuti za Amerika biri mu Kigobe c’Abarabu bishobora kubandanya
bihura n’iterabwoba riva muri Iran. Yavuze kandi ko icemezo c’ingabo za Amerika
co kugota ibivuko vya Irani kiriko kirafasha mu gukomeza umutekano w’akarere no
gukingira ibihugu bibanyi vya Iran.
"Dufise incuti nyinshi zikomeye hariya, rero
dutegerezwa gukora ibishoboka kugira ntizihave zigirirwa nabi," niko
Donald Trump yavuze.
Imbere y’aho kuri uwo munsi nyene, Trump yari yakiriye muri
Maison Blanche umushikiranganji wa mbere wa Qatar, Sheikh Mohammed bin Abdul
Rahman Al Thani. Impande zompi zavuze ko ibiganiro vyabo ku bijanye no
kurangiza intambara vyagenze neza. Qatar nayo yavuze ko ibiganiro vyabaye
hagati y’abategetsi bayo, Trump hamwe n’icegera c’umukuru w’igihugu JD Vance
vyibanze ku gushika ku masezerano no kugarukana amahoro mu karere.
Kuva intambara itanguye inyuma y’ibitero rusangi vya Amerika
na Israel kuri Irani muri Ruhuhuma (2) uno mwaka, bimwe mu bihugu vy’incuti za
Amerika mu Kigobe, harimwo Arabia Sawudite, Qatar na Emira
Zunze Ubumwe z’Abarabu, vyarahuye n’ibitero vya Iran mu gihe c’iyo ntambara,
vyatumye ingendo z’indege mu karere zihungabana cane.
Kuva aho Abarepubulikani batsindiwe cane mu matora y’abashingamateka
n’abakenguzamateka yabaye ku wa 3 Munyonyo (11), Trump yagiye yerekana kenshi
ko ashigikiye ko imishamirano igabanuka. Mu kiganiro aheruka kugira kuri
televiziyo, yavuze ko ata mpamvu abona yotuma intambara yongerekana.
Iyo ntambara kandi yarateje impari za poritike i Washington.
Umushingamateka w’Umurepubulikani Thomas Massie yasavye ko umushikiranganji
w’ukwivuna abansi Pete Hegseth abogozwa, nubwo Trump yamushigikiye avuga ko ibi
bifise intumbero za poritike. Abademokarate bavuga ko bashobora kubandanya n’uno
mugambi mu gihe inama nshingamateka na nkenguzamateka nshasha zizoba zitanguye
ibikorwa vyazo.
Ayandi makuru ushobora gusoma ku ntambara yo muri Irani: