IKIBIRIRAHO , Misiri: Impanuka ya ya gari ya moshi yaraye ihitanye abantu nibura indwi

Ama-wagons atari make yataye inzira aratembagara igihe amagari ya moshi abiri yagongana hanze y’igisagara ca Giza.

Incamake

Misiri: Impanuka ya ya gari ya moshi yaraye ihitanye abantu nibura indwi

Amakuru y'ikibiriraho

Anne-Marie Niwemwiza na Bernard Bankukira

  1. Intambara ya Irani igiye kugira ingaruka kuri Pete Hegseth inyuma yo gutsindwa kw’Abarepubulikani

    Hakeem Jeffries (i bubamfu) na Pete Hegseth (i buryo)
    Insiguro y'isanamu, Hakeem Jeffries (i bubamfu) yashikirije aya majambo inyuma y'uko Pete Hegseth (i buryo) ashigikira ivyo yaranguye mu mabanga yiwe nk'umushikiranganji w'ukwivuna abansi

    Umukandida ari imbere mu bazoshobora kuyobora Inama Nshingamateka ya Amerika igihe Abademokarate bazoba bafashe uburongozi bwayo muri Nzero (1) umwaka uza, Hakeem Jeffries, yavuze ko ashigikiye cane ko umushikiranganji w'ukwivuna abansi, Pete Hegseth, abogozwa.

    Uno mushingamateka aserukira intara ya New York yabwiye ABC News ko yemera ko umushikiranganji Hegseth yakoresheje nabi ububasha yari afise, atoba umutekano w'igihugu yongera ategura ico yise intambara ititondewe kandi itwara igihugu uburyo bwinshi cane muri Irani.

    Umushingamateka w'Umurepubulikani yimirije gusezera mu mabanga yiwe, Thomas Massie -- umuntu aterekwa na gato Perezida Donald Trump -- avuga ko ategura gushikiriza integuro yo kubogoza Pete Hegseth bitarenze kuri uno wa mbere.

    Hegseth yagirizwa amakosa menshi, harimwo kurenga ku Cemezo 1973 kigenga ubushobozi bwa Perezida mu gutangura intambara (ikizwi nka War Powers Resolution).

    War Powers Resolution canke War Powers Act ni itegeko ryo mu 1973 rigenga ububasha bwa Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu gutangura canke kwinjiza Amerika mu ntambara ata ruhusha rw'inama nshingamateka na nkenguzamateka.

    Intambara yo muri Irani ifatwa ko ari imwe mu mpamvu nyamukuru zatumye umugambwe w'Abarepubulikani utsindwa ku rugero rw’akataraboneka mu matora y’abashingamateka n’abakenguzamateka yabaye mu ndwi iheze.

    Ayandi makuru ushobora gusoma:

  2. Misiri: Impanuka ya ya gari ya moshi yaraye ihitanye abantu nibura indwi

    Abantu bariko barondera ababo muri gari ya moshi yagize isanganya

    Nibura abantu indwi baraye bapfuye, abarenga 100 na bo bakomerekeye mu mpanuka y’igari ya moshi yabereye hafi y’igisagara ca Giza mu Misiri.

    Ikigo c’igihugu kijejwe amabarabara y’indarayi/ya gari ya moshi cavuze ko ama gari ya moshi abiri yatera aja mu bumanuko avuye i Giza na Cairo yagonganye, bituma ama-wagons menshi ata inzira atembagarira ku ruhande.

    Amasanamu ava aho iyo mpanuka yabereye yerekanye abantu bariko barondera abakomeretse mu ma-wagons yatembagaye agwa ubugarame, imwe muri yo yacitsemwo kubiri, mu gihe ibikorwa bikomeye vy’ubutabazi vyariko birabandanya.

    Ibiro vy’umushikirizamanza mukuru vyagabishije ko igitigiri c’abapfuye gishobora kwiyongera.

    Iri sanganya ryarimwo gari ya moshi ya mbere yariko iva i Giza yerekeza i Fayoum, mu bumanuko bw’umugwa mukuru Cairo yagonze ubw’inyuma iyindi gari ya moshi yariko iva i Cairo yerekeza i Aswan, ariko ikaba yari ihagaze.

    Iyo mpanuka yabereye mu gace kari hagati y’ibituro vya gari ya moshi vy’ahitwa Kafr Ammar na Al-Raqqa mu karere ka Al-Ayyat, hafi y’ahabereye imwe imwe mu mpanuka mbi cane za gari ya moshi muri kahise ka Misiri muri Ruhuhuma (2) 2002, igihe umuriro waduka muri gari ya moshi yariko iva i Cairo yerekeza i Luxor.

    Muri iyo mpanuka, abantu barenga 370 ni bo vyamenyekanye ko bapfuye, naho hari amakuru yavuga ko igitigiri c’abahasize ubuzima carenga ico kure n’iyo.

    Izindi mpanuka zibiri za gari ya moshi zabaye muri ako karere mu 2009 na zo nyene zahitanye abaharurwa muri mirongo.

    Humvikanye abantu basaba umushikiranganji ajejwe gutwara abantu n’ibintu gutanga imihoho inyuma y’iyi mpanuka nshasha yahitanye abantu.

    Ayandi makuru ushobora gusoma:

  3. Mwaramutse.

    Kaze mu makuru yo mu karere no mu makungu tubashikiriza mu buryo bw'ikibiriraho.