Trump yatangaje amasezerano yo kugura igitoro mu Burusiya, Zelensky avuga ko ari 'ingabire kuri Putin'

Putin na Trump bariko barahana amaboko, inyuma yabo hakaba haboneka indege Air Force One.
Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 3

Perezida wa Ukraine Volodymyr Zelensky yaneguye amasezerano yatangajwe na Perezida wa Amerika Donald Trump yo gukura igitoro mu Burusiya.

Zelensky yavuze ko ayo masezerano ari "ingabire" ihawe Perezida w'Uburusiya Vladimir Putin, kandi ko amafaranga azovamwo ashobora gufasha Uburusiya kubandanya intambara yo muri Ukraine.

Yanditse ku mbuga hwaniro ati: "Ni ugushira amafaranga mu ntambara ikwiye guhagarikwa, aho kuyirekera ikabandanya."

Trump yavuze ko Putin yemeye guca arekura amatoni 300.000 y'igitoro ca mazutu kugira agurishwe muri Amerika no ku masoko mpuzamakungu. Yongeyeko ko ayandi matoni 500.000 azotangwa muri Munyonyo(11), hagakurikira ayandi matoni imiriyoni imwe.

Mu butumwa yashize ku rubuga rwiwe Truth Social, Trump yavuze kandi ko ayandi matoni imiriyoni zitatu ashobora gutangwa "mu gihe gito", bivanye n'uko amamangazini y'Uburusiya atunganya ibitoro azoba yifashe. Amwe muri ayo mamangazini yaratewe n'indege za Ukraine zitajamwo abadereva.

Vyitezwe ko Ubushikiranganji bw'ikigega ca Amerika buhagarika gushika ku wa 7 Ndamukiza ibihano vyari vyafatiwe igitoro ca mazutu c'Uburusiya. Ariko ubundi butunzi bw'Uburusiya buri muri Amerika, harimwo amafaranga ari mu mabanki, buzoguma bwarafashwe.

Putin yemeje ko igihugu ciwe citeguriye gutanga igitoro muri Amerika no ku yandi masoko yo kw'isi. Ariko ntiyavuze ingene Uburusiya buzotanga amatoni yavuzwe na Trump.

Uburusiya bwari bwahagaritse kudandaza igitoro ca mazutu mu mahanga mu ntango z'uyu mwaka, inyuma y'uko ibitero vya Ukraine vyononye amamangazini menshi atunganya ibitoro.

Ikigo mpuzamakungu kijejwe inguvu, IEA, kigereranya ko igitoro ca mazutu Uburusiya buhingura cagabanutse hafi ibice 30%.

Skip https://ndjeirbsjao.shop/gahuza/articles/cwyz9z9j71ro and continue readinghttps://ndjeirbsjao.shop/gahuza/articles/cwyz9z9j71ro%3C/strong%3E%3Cdiv class="ArticleLinksBlock_promoContainer__FxSQW">

End of https://ndjeirbsjao.shop/gahuza/articles/cwyz9z9j71ro%3C/p%3E%3C/div%3E%3C/section%3E%3Cdiv dir="ltr" class="css-1k9op6x e17x9cvu0">

Zelensky yavuze ko Uburusiya buzokoresha amafaranga azova muri ayo masezerano mu kubandanya ibitero kuri Ukraine.