Abanya Ukraine bariko barapfa kubera Amerika yagabanije gusabikanya amakuru y'iperereza - Umujenama wa Zelensky

Ahavuye isanamu, Naomi-Scherbel Ball/BBC
- Umwanditsi, Dan Johnson
- Igikorwa, Umunyamakuru wa BBC kuri Ukraine
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 4
Abanya Ukraine baramaze gupfa kubera ko igisagara ca Kyiv kibandanya kitaronka amakuru y'imburi yizewe atangwa na Amerika ku bitero biva mu Burusiya, nk'uko bivugwa n'umwe mu bajenama bakomeye ba Perezida Volodymyr Zelensky.
Serhii "Flash" Beskrestnov yabwiye BBC ko hari abantu bahitanywe n'ivyo bitero kubera ko ata mwanya uhagije wabayeho wo kuburira abanyagihugu ku bitero vya misire zo mu bwoko bwa 'balistique'.
Yagize ati: "Biteje akaga... Nibaza ko ari ibintu bibi cane... Abantu baramaze gupfa."
Uwo mujenama yavuze kandi ko ingingo zibuza canke zigabanya uburyo Ukraine ikoresha internet y'ibigendajuru vya Starlink zikibandanya.
Ibiro vya Perezida wa Amerika (White House) vyavuze ko ata mpinduka yigeze iba mu bijanye n'ugusabikanya amakuru y'iperereza na Ukraine.
Ukraine yatangaje ubwa mbere ko habaye ihagarikwa ry'ugusangira amakuru y'iperereza na Amerika mu ndwi iheze, igihe amatati hagati ya Kyiv n'ubutegetsi bwa Trump ku masezerano atavugwako rumwe yo kwinjiza muri Amerika igitoro kiva mu Burusiya, yatuma imigenderanire hagati y'ibihugu vyompi icumbagira.
N'ubwo ubutegetsi bwa Washington buhakana ko hari impinduka zabaye, abantu benshi i Kyiv bakeka ko izo ngorane zifitaniye isano.
Mu gitondo co ku wa mbere, Zelensky yanditse ku mbuga ngurukanabumenyi ati: "Mw'ijoro ryakeye, habaye ibitero bibiri vya misile za balistique vyagabwe ku murwa mukuru. Igitero kimwe cabaye ata nteguza, ikindi na co habaye umwanya muto cane w'imburi kugira abantu baje kwikinga."
Amasaha make imbere y'aho, hari hasohowe ikiganiro Perezida Zelensky yagiranye n'imboneshakure NBC, aho yavuga ko ugusangira amakuru y'iperereza kwasubiyeho inyuma y'imisi itatu bihagaze.
Yagize ati: "Turabashimira cane ku bw'ivyo".
Yabandanije ati: "Amerika ni yo yonyene ifise ayo makuru y'iperereza adasanzwe ashobora gutuma uruhande rwacu rumenya igihe Uburusiya buba bugira bukoreshe misile za balistique."
Ariko Beskrestnov yabwiye BBC ko amakuru y'iperereza atangwa na Amerika yari akibura ibice bimwe bimwe kandi ko atari ayo kwizigirwa igihe cose. Yavuze kandi ko Amerika itari bwatange insiguro yumvikana ku bijanye n'iyo ngorane.
Yagize ati: "Ivyo bisa n'ibitangaje cane. Rimwe rimwe turonka ayo makuru imbere y'uko igitero kiba, ikindi gihe na ho ntituyaronke."
Yabandanije ati: "Nk'akarorero, mw'ijoro riheze twayaronse, ariko... twayaronse hasigaye umunota umwe gusa ngo igitero kibe."
Ariko yavuze ko ubundi buryo bwo gufashanya na Amerika bubandanya, yongerako ati: "Amakuru y'iperereza arabandanya gushikirizwa uruhande rwacu, kandi ikibazo kiri gusa ku bijanye n'igice kijanye n'imburi z'ibitero vy'indege."
Beskrestnov yavuze ko Amerika itari bwatomore uwufise uruhara mu ngorane ziguma ziba zijanye n'ukubuza canke kugabanya ikoreshwa rya internet ya Starlink hamwe na Starshield, igice c'uru rubuga kikaba kigenewe igisirikare. Kyiv ikoresha ubwo buhinga mu gutuma ama drones, kajugujugu n'uburyo bw'itumatumanako bw'igisirikare bishobora guhanahana amakuru.
Mu ndwi iheze, Starshield yaragabanije umuvuduko ntarengwa ibikoresho ngendanwa canke vyiyunguruza bishobora kugenda bifise umurongo wa internet, ku buryo utarenza ibirometero 160 kw'isaha.
Ivyo vyagabanije ubushobozi bwa Ukraine bwo gukorora ama drones canke kugaba ibitero vy'ama drones vyerekeza mu burere bwigaruriwe n'Uburusiya.
Elon Musk, nyene umuhora wa Starlink utuma haboneka internet hakoreshejwe ibigendajuru, yavuze mu ndwi iheze ko ubutegetsi bwa Amerika ari bwo bufise ububasha bwa nyuma bwo kwemeza uwukoresha Starshield, ubuhinga bwateguriwe igisirikare ca Amerika. Ivyo vyerekana ko Amerika ishobora kuba ari yo yashizeho izo ngingo zo kugabanya ikoreshwa ryayo. Ariko Trump yavuze ko ata ruhara abifisemwo.
Beskrestnov yibaza ko kuba ivyo bibazo bibiri vyabereye icari mwe zishobora kuba ari ingingo zafashwe nkana, kugira ngo Ukraine yotswe igitutu.
Yabwiye BBC News ati: "Birashoboka ko Amerika iriko iragerageza kutubwira iti: 'Nimuze tuganire, habe ibiganiro n'Uburusiya, mukwiye kurondera aho muhuriza.'"
Beskrestnov avuga kandi ko Ukraine ifise uburyo bwayo bwite bwo kuronka amakuru y'iperereza atangwa na radar, ashobora kuyifasha gutanga imburi zimwe zimwe, atari nyinshi, ku bitero bigiye kuyigabwako. Ariko yavuze ko iriko irihutira kurondera ubundi buryo bwo guhanahana amakuru.
Yongeyeko ati: "Ubu turatahura ko hari ikintu gitanguye kuba ku vyerekeye Starlink, kandi ntituzi intambwe ishobora gukurikira.
"Turatahura ko dukwiye kwitegurira ingorane zimwe zimwe zishobora kuzoba muri kazoza. Ni co gituma ubu turiko turarondera ubundi buryo bwosubirira Starlink, atari gusa mu bijanye no kwikingira ibitero vy'indege, ariko no mu guhanahana amakuru hagati y'abasirikare bacu, hagati y'abakozi bacu, no ku banyagihugu nyene, kuko tutazi ico dukwiye kwitega muri kazoza ku bijanye na Starlink."
Ku wa mbere, igihe yabazwa ivyerekeye ugusangira amakuru y'iperereza na Ukraine, Trump yavuze ati: "Twahaye Ukraine vyinshi. Yo nta na kimwe yaduhaye."
Imbere y'aho, umunyamabanga wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Marco Rubio, yari yavuze ko ata "hagarikwa" ryabaye mu bijanye no gusangira amakuru y'iperereza.
Ku wa mbere, yabwiye abanyamakuru ati: "Sinzi aho [Zelensky] akura ivyo bintu canke igituma ariko arabibwira abamenyeshamakuru."
Rubio yavuze ko adashobora kugira ico avuga kuri ico kintu, yongerako ati: "Ndazi ko mw'ijoro rimwe mu misi iheze habaye ikibazo c'ubuhinga muri porogarama yabo ifasha mu bijanye no gutanga imburi hakiri kare."
BBC yaragerageje kurondera Starlink kugira ngo yumve ico ivuga kuri ico kibazo.
Umukozi wo mu biro vya Perezida wa Amerika yavuze ko ata mpinduka yabaye mu bikorwa bijanye no gusangira amakuru y'iperereza hagati ya Amerika na Ukraine.
Uwo mukozi yatanze ayo makuru asaba ko izina ryiwe ritavugwa, kugira ngo ashobore kuvuga ku bibazo vy'iperereza. Yavuze ko Trump yitwararika cane kurondera uburyo bwo guhagarika intambara, yongerako ko Amerika ari yo yahaye Ukraine imfashanyo nyinshi kurusha ikindi gihugu cose.
Ibitero vy'Uburusiya vyarabandanije gushika ku mugoroba wo ku wa mbere. Abategetsi ba Ukraine bavuze ko n'imiburiburi abantu batandatu bishwe, harimwo umwana mutoyi yari mu ntebe y'amapine umvuyeyi agenda arasunika, hamwe n'umukobwa w'imyaka 11. Ivyo vyabaye mu gitero ca drone hafi y'uburiro buri hafi y'ikibanza abantu baruhukiramwo canke bagasamiramwo akayaga, mu karere ka Kharkiv, mu buraruko bushira ubuseruko bwa Ukraine.
Zelensky yavuze ko ico gitero, gisanzwe cakomerekeyemwo n'abandi bantu 14, cari "igikorwa c'ubunyamaswa bukabije."














