Umunezero n'ibigumbagumba vya Man City mu mafoto 14

Yatangajwe

Twabahitiyemwo amafoto 14 meza mu kwerekana ingene Manchester City yahimbaje intsinzi yayo mu rukino rwa nyuma rw'ihiganwa rya Bulaya rihuza imirwi yabaye iya mbere iwabo (Ligue des Champions/Champions League), aho umurwi wa Pep Guardiola waraye ubaye uwa kabiri mu Bwongereza ku ruhande rw'abagabo utsindiye ibikombe bitatu, ikizwi nka Tripler/Treble.

Ariko reka tubanze twibukanye igitsindo cahaye intsinzi Man City :

Rodri ni we yinjirije  Manchester City iki gitsindo
Insiguro y'isanamu, Rodri ni we yinjirije Manchester City iki gitsindo

Amafoto akurikira ni ayerekana ingene ibintu vyabandanije inyuma y'ifirimbi ya nyuma:

Man City kandi yaraye ibaye umurwi ugize gatandatu w'Ubwongereza utahukanye igikombe c'iri higanwa rya Bulaya rihuza imirwi yabaye iya mbere iwabo, ryahoze ryitwa Coupe d'Europe/European Cup none ubu ryitwa Ligue des Champions/Champions League kuva mu  1992/93
Insiguro y'isanamu, Man City kandi yaraye ibaye umurwi ugize gatandatu w'Ubwongereza utahukanye igikombe c'iri higanwa rya Bulaya rihuza imirwi yabaye iya mbere iwabo, ryahoze ryitwa Coupe d'Europe/European Cup none ubu ryitwa Ligue des Champions/Champions League kuva mu 1992/93
Ifirimbi ya nyuma ivuze, wamengo isi irururukiye ku bakinyi ba Inter Milan
Insiguro y'isanamu, Ifirimbi ya nyuma ivuze, wamengo isi irururukiye ku bakinyi ba Inter Milan, hanyuma ijuru naryo rirugurukiye abakinyi ba Man City
Haaland na Guardiola barwana mu nda
Insiguro y'isanamu, Haaland na Guardiola barwana mu nda
Iyi ntsinzi yarahojeje Kevin de Brune, umukinyi rurangiranwa wo hagati yavuye mu kibuga n'umubabaro mwinshi urukino rutarahera kubera uburwayi
Insiguro y'isanamu, Iyi ntsinzi yarahojeje Kevin de Brune, umukinyi rurangiranwa wo hagati yavuye mu kibuga n'umubabaro mwinshi urukino rutarahera kubera uburwayi
Ku ncuro ya mbere kuva ibaho Manchester City ishoboye guterura igikombe ca Champions League
Insiguro y'isanamu, Ku ncuro ya mbere kuva ibaho Manchester City ishoboye guterura igikombe ca Champions League
John Stones
Insiguro y'isanamu, Jone Stones
Ederson Santana de Moraes, umunyegori wa Manchester City yarakoze igikorwa kidasanzwe muri uru rukino mu gukuramwo imipira yari igoye
Insiguro y'isanamu, Ederson Santana de Moraes, umunyegori wa Manchester City yarakoze igikorwa kidasanzwe muri uru rukino mu gukuramwo imipira yari igoye, aho ku musegonda wa nyuma yakuyeyo umupira wagomba usubize urukino ibubisi
Gundogan mu minwe y'abafana
Insiguro y'isanamu, Gundogan mu minwe y'abafana
Foden
Rodri, ari na we yinjije igitsindo, yakoroye amosozi kubera umunezero
Insiguro y'isanamu, Rodri, ari na we yinjije igitsindo, yakoroye amosozi kubera umunezero
Haaland ntiyashoboye kwinjiza ariko wari umunezero udasanzwe kuri we
Insiguro y'isanamu, Haaland ntiyashoboye kwinjiza ariko wari umunezero udasanzwe kuri we
Julian Alvarez yinjirije ibitsindo bitatu Manchester City mu rugendo rwose rubashikanye kuri ino ntsinzi ya mbere muri Ligue des Champions
Insiguro y'isanamu, Julian Alvarez yinjirije ibitsindo bitatu Manchester City mu rugendo rwose rubashikanye kuri ino ntsinzi ya mbere muri Ligue des Champions
Pep Guardiola yaheruka gukora kuri iki gikombe mu 2011 ari umumenyereza wa Barcelona
Insiguro y'isanamu, Pep Guardiola nk'umumenyereza yaheruka gukora kuri iki gikombe mu 2011 ari umumenyereza wa Barcelona