Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abantu bababa 1000 baraye batawe muri yompi mu migumuko yabaye mu Bufaransa
- Umwanditsi, Jaroslav Lukiv
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 4
Abategetsi b'Ubufaransa bavuga ko abantu hafi 1.000 bafashwe mu gihe ibihumbi amajana vy'abanyagihugu bitabiriye iyindi myiyerekano mu gihugu cose, yavuyemwo imishamirano mu masaha yo ku mugoroba w'ejo ku wa gatandatu hamwe hamwe.
Inyuma y'umusi wose w'imyiyerekano yabaye mu mahoro ahanini, igipolisi cakoresheje imyuka iryana mu maso n'ibimodoka bitera amazi mu gusansaza abari mu myiyerekano mu bisagara bitandukanye harimwo París.
Naho vyagenze gutyo, abategetsi bavuga ko bashoboye kuzibira uruhagarara n'ugusahura, maze ntivyashika ku rugero nk'urwo mu ndwi iheze, urugero rutari bwibonekeze mu Bufaransa bw'igihe ca none.
Ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati buvuga ko abantu bashika 410.000 bitavye imyiyerekano y'ejo ku wa gatandatu, mu gihe amashirahamwe y'abakozi yoyo avuga ko abayitagiriye bashitse hafi 800.000.
Abapolisi bababa 70.000 ni bo barungitswe guhangana n'abari mu myiyerekano, hongera hafatwa ingingo zo gukomeza umutekano mu bisagara bitari bike kugira ngo bazibire akajagari kari guhava kaduka muri iyi myiyerekano yo kwiyamiriza ubuzima buzimvye hamwe n'ibibazi biri mu mashure nk'uko vyagenze mu yiheruka, aho abapolisi barengewe, amaduka amajana agasahurwa, inyubakwa zigaturirwa.
Perezida Emmanuel Macron yari yatangaje mu ntango z'iyi ndwi ko hazokwemererwa gusa imyiyerekano yateguwe n'amashirahamwe y'abakozi yemewe n'amategeko. Mu minsi iheze, abantu amajana barapfunzwe ku vyaha vy'ubwononyi, guturira amatungo y'abandi no gusahura, inyuma y'imanza zaciwe ikibiriraho.
I Parisi, haradutse ugutana mu mitwe hagati y'abari mu myiyerekano n'igipolisi kijejwe gutuza imigumuko. Bamwe mu bari muri iyi myiyerekano babonetse bazibira amabarabara bongera batera abapolisi ibintu bitandukanye.
Umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu Bufaransa, Laurent Nuñez, yavuze ko hari "ibihumbi vy'intagondwa zari zinyegeje inyuma y'abari mu myiyerekano, harimwo abantu bashika 500 bamemyekanye ko bakunze guteza uruhagarara," nk'uko bitangazwa n'itororokanirizo ry'amakuru AFP.
Mu gisagara ca Marseille kiri mu bumanuko, ibibombo vy'imicafu vyaraturiwe, mu gihe ibipande vy'ivyuma na vyo vyakoreshejwe mu kuzibira amabarabara. Hari kandi imodoka y'abajejwe umutekano yabonetse ica mu bizingiti vyaka umuriro vyari vyatambitswe mw'ibarabara muri ico gisagara kigira kabiri mu bunini mu Bufaransa.
Muri ico gihe nyene, mu gisagara ca Bordeaux kiri mu bumanuko, bamwe mu bari muri iyi myiyerekano bambaye imyambaro yirabura n'udupfukamunwa babonetse bariko bakura imbaho ku nyubakwa imwe kugira bazikoreshe mu kuzibira ibarabara.
Mu gisagara ca Lyon, igipolisi cakoresheje imyuka iryana mu maso mu gusanzaza abari bakoraniye mu gace ubutegetsi bw'intara bwari bwabujije gukorerwamwo imyiyerekano.
Umwe mu bari muri yo muri iki gisagara kigira gatatu mu Bufaransa agira ati: "Twari hafi 150, benshi muri twebwe turi abanyeshure bo mu mashure yisumbuye na za kaminuza. Twagiye tubona ubwo nyene haje vya vyuka biryana mu maso. Vyari bigoye kubona ikintu na kimwe mw'ibarabara."
Mu masaha yo ku mugoroba, umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu , Laurent Nuñez, yatangaje ko abantu hafi 1.000 bari bamaze gufatwa, kandi ko bashobora kwiyongera.
Imbere y'aho, umwe mu bitavye imyiyerekano yariko iba mu mahoro i Paris, yiyise Zelie, yabwiye BBC ko abantu bihaye amabarabara kubera ko "barengewe n'agashavu" kandi ko "bamaze igihe mu mubabaro mwinshi" kuva Emmanuel Macron aja ku butegetsi.
Uyu mukobwa w'imyaka 26 yavuze ati: "Baratuzivya. Batwaka amafaranga yacu, badutangisha amakori menshi, kandi nta co dushobora kuvuga. Ni co gituma uno musi turi mu mabarabara kuko turarambiwe, birarenze urugero."
Imiyabaga ibiri yari muri iyi myiyerekano, yari ya,baye udupfukamunwa ariko itipfuje kuvuga amazina yayo, na bo bavuze ko urunganwe rwabo rwatakaje icizigiro kandi rwumva rwarezwe n'ubutegetsi.
Umwe muri bo yagize ati: "Niyumvira ko gusahura atari ikintu ciza na gato. Ariko biterwa n'ubukene hamwe n'ubugome bw'abapolisi."
Yongeyeko ko iyo myiyerekano izorangira gusa "mu gihe tuzoba turonse inyishu ku vyo dusaba. Turakeneye koko ko ibintu bihinduka mu Bufaransa."
Hagati aho, abantu bashika 13.000 bitavye imyiyerekano yo kwiyamiriza umugambwe w'abagendera ku vyiyumviro bikaze, National Rally, mu gisagara ca Orléans kiri mu buraruko bwo hagati bw'Ubufaransa, imyiyerekano yabaye mu mahoro.
Imyiyerekano ikomeye yatewe n'ingorane nk'izo ziri mu Bufaransa yaranibonekeje mu bindi bisagara bitari bike vya Buraya ejo ku wa gatandatu.
Ku mugwa mukuru wa Albania, Tirana, abapolisi bajejwe gutuza imigumuko barakoresheje ivyuka biryana mu maso kugira basanzaze ibihumbi vy'abari mu myiyerekano biyamiriza ubutegetsi. Eka no ku mugwa mukuru w'Ububiligi, Bruxelles, haravuzwe imishamirano.
Mu gisagara ca Milan mu buraruko bw'Ubutariyano, igikorwa gikomeye co gucungera umutekano carimwo amajana y'abasirikare bafadikanije n'abapolisi carabujije abategura imyiyerekano gukoranira muri ico gisagara. Benshi bari bafise ubwoba ko hashobora gusubira kuba amabi nk'ayabaye mu ndwi iheze, aho ibintu vyaturiwe, ibiyo vy'amazu biramenagurwa, amaduka arasahurwa.
Abantu bashika 550.000 bitavye imyiyerekano yabaye mu mpera z'indwi iheze yo kwiyamiriza iduga ry'ibiciro vy'ibitoro hamwe n'ubuzima buzimvye, ishavu rikaba ryagiye ryiyongera inyuma y'imyiyerekano y'abanyeshure yari imaze amayinga atari make. Akajagari kakurikiye katumye hafatwa abantu barenga 2.500.
Mu ntango imyiyerekano ahanini yaba mu mahoro, ariko iza kwadukamwo intureka, ugusahura no kubomora, bikavugwa ko amaduka n'ibindi bibanza vy'ubudandaji birenga 2.000 hirya no hino mu Bufaransa vyagizweko ingaruka.
Urwego rw'Ubufaransa rujejwe ubudandaji n'amahinguriro (CCI) rwavuze ko ivyononekaye bifise agaciro k'imiriyoni amajana y'ama euro.
Nk'uko bivugwa na AFP, umwe mu bari muri iyo myiyerekano yaraciwe ikiganza n'igisasu c'abapolisi gikoreshwa mu gusanzaza ibirwi vy'abantu, abapolisi bashika 1.000 na bo bakaba barakomeretse.
Mu nyuma, abategetsi b'Ubufaransa batangaje amategeko yo kutava mu rugo mu masaha kanaka y'ijoro mu gisagara ca Paris no mu bindi bisagara.
Iyo myiyerekano ibandanya mu gihe hasigaye amezi atandatu gusa ngo habe amatora y'umukuru w'igihugu mu Bufaransa, abahiganira iki kibanza bakaba bariko begeka ibiriko biraba kuri Emmanuel Macron n'abashikiranganji biwe.