Elon Musk ni 'incabwenge cane' – Putin inyuma y'ibiganiro n'uwo mukuru wa SpaceX
Perezida w’Uburusiya, Vladimir Putin, ku wa gatatu yavuze ko Elon Musk ari “incabwenge cane” inyuma yo kumenyesha ko bompi baguma bavuganira “hafi na hafi” ku bijanye n’ubuhinga bw’ibigendajuru.
Ivyo Putin yabivugiye mu nama y’Uburusiya na Afrika i Moscou, igihe yaganira ku mugambi Uburusiya na bwo bufise wo gutanga internet biciye ku bigendajuru witwa Rassvet, utuma abantu baronka iyo internet iva ku bigendajuru.
Avuga kuri Musk, nk’uko BBC yahinduye mu rundi rurimi ivyo yashikirije, Putin yagize ati: “Ni incabwenge cane”. Yongeyeko ati: “Turavugana gose, hafi na hafi, n’abafatanyabikorwa bacu bo muri Amerika, harimwo n’umushingantahe Musk.”
Starlink ni igice kimwe mu bigize komanyi SpaceX ya Musk. Iyo kompanyi ntiyishuye ku gisabo c’uko yogira ico ishikirije kuri ayo makuru.
Putin yabandanije avuga ko ari ngirakamaro ko Uburusiya buguma buvugana na Musk kugira ngo ibigendajuru vya Rassvet na Starlink “ntivyinjiranire mu gihe biba biriko birazunguruka mu kirere”.
Yongeyeko ati: “Twebwe n’abafatanyabikorwa bacu bo muri Amerika turabiha agaciro twese mu buryo magiriranire, kandi n’ubwo hari ibibazo vya politike, turiko turakora cane.”
Kompanyi SpaceX ivuga ko Starlink imaze kurungika mu kirere ibigendajuru bigera ku 13.000. Yamara ku rundi ruhande, ibiharuro vy’abakurikirana ibigendajuru biciye kuri internet vyerekana ko ivya Rassvet biri mu kirere ubu ari bikeya cane, biharurwa muri mirongo ibiri.
Ku wa gatatu, ambassade y’Uburusiya muri Afrika y’Epfo yavuze ko Rassvet ari “ubundi buryo bw’Uburusiya bushobora gusubirira Starlink”, yongerako ko uwo mugambi “werekana intambwe za mbere gusa z’iki gihugu muri ico gisata”.
Putin avuze ayo majambo ku bijanye na Rassvet na Starlink mu gihe bisa n’uko imigenderanire hagati ya Amerika n’Uburusiya iriko irushiriza kuba myiza, n’ubwo hasigaye igihe gito ngo harangire imyaka itanu kuva Uburusiya bushoje intambara yeruye kuri Ukraine.
Ukraine yarakoresheje internet ya Starlink mu bikorwa vyo guhangana n’ingabo z’Uburusiya no kuzigumiza kure. Ariko, mu ndwi iheze, igisirikare ca Ukraine caragize ingorane zitari zitezwe mu bijanye no gukoresha Starlink. Musk yaremeje ko SpaceX yabikoze nkana.
Mu ntango z’uku kwezi, Perezida wa Amerika, Donald Trump, yavuze ko yumvikanye n’Uburusiya ku bijanye no kwinjiza muri Amerika igitoro co mu bwoko bwa mazutu, mu ntumbero yo kugabanya ibiciro vyaco vyaduze cane kubera intambara Amerika irimwo na Irani.
Izindi nkuru wosoma: