Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.

Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa

Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke

IKIBIRIRAHO , ‘Wamengo ni misire iriko irakoroka’ - Abantu icenda bapfuye mw’isanganya ry’indege i Florida muri Amerika

Iyo mpanuka yabereye hafi y’akarere ka Cresthaven, kari nko ku birometero 14 uvuye i Mar-a-Lago, ikigo co kuruhukiramwo ca Perezida Donald Trump kiri mu gace k’abatunzi ka Palm Beach, ejo ku wa Mungu

Incamake

  • DRC: Perezida Tshisekedi yavuze ko urubanza ruregwamo abo mu muryango we mu Bubiligi, ari 'umugambi mubisha' wo kumuharabika
  • Trump yaburiye Iran ko ishobora gusubira guterwa, na yo ivuga ko yiteguriye 'intambara y'igihe kirekire'
  • 'Wamengo ni misire iriko irakoroka' - Abantu icenda bapfuye mw'isanganya ry'indege i Florida mu karere kari nko ku birometero 14 uvuye ku kigo ca Donald Trump, Mar-a-Lago, muri muri Amerika

Amakuru y'ikibiriraho

Bernard Bankukira na Anne-Marie Niwemwiza

  1. DRC: Perezida Tshisekedi yavuze ko urubanza ruregwamo abo mu muryango we mu Bubiligi, ari 'umugambi mubisha' wo kumuharabika

    Ubwo yagiranaga ikiganiro n’abanyekongo baba mu Burusiya, Perezida Tshisekedi yavuze ko urubanza ruregwamo abo mu muryango we mu Bubiligi, ari ibikorwa byo kumuharabika byateguwe n’abatavuga rumwe na we, mu rwego rwo kwangiza isura ye, ibyo we yise umugambi mubisha kandi akongeraho ko ibyo agiye kubihagarika, nk’uko byatangajwe na Radio Okapi, iradiyo ikorera muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo, ikorera muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo.

    Iyo radio isubiramo amagambo yavugiye muri icyo kiganiro yagiranye na bo mu lingala cyashizwe kuri konte y'ibiro by'umukuru w'igihugu ku rubuga rwa X, aho yagize ati:

    “Babonye ko nkunzwe cyane n’abaturage, maze bagambirira kumparabika. Babanje kuvuga ko nkura amafaranga menshi mu isanduku ya Leta nkayakoresha mu ngendo. Ariko Banki Nkuru ya Congo, yagaragaje ko ayo mafaranga aba yarateganyijwe mu ngengo y’imari.”

    Perezida wa RDC yavuze ko nyuma yaho abo batavuga rumwe na we bahise berekeza ibikorwa byabo ku muryango we.

    Yashinje by'umwihariko umwunganizi mu mategeko yavuze ko ari “umunyamategeko w’impimbano” hamwe n’uwahoze ari Perezida Joseph Kabila, kuba bari inyuma y’umugambi ugamije kumugeraho banyuze ku bo mu muryango we.

    Yagize ati: “Nyuma bahisemo kwibasira umuryango wanjye. Bafatanyije n’umunyamategeko, w’impimbano, umaze imyaka 30 akorana n’Abanyarwanda, bifatanya n’uwo twasimburanye ku butegetsi kugira ngo bagirire nabi umuryango wanjye, bizeye ko nanjye byangiraho ingaruka.”

    Ku bijyanye n’iperereza ryakozwe muri uru rubanza, Perezida Tshisekedi yavuze ko kugeza ubu nta kintu na kimwe gikomeye kiratangazwa cyabonetse muri ayo mafaranga yaketsweho cyangwa mu byo bakoreweho isaka.

    Yagize ati: “Kugeza uyu munsi ndacyategereje kumva icyo bavuga ko babonye muri ayo masaka yakozwe.”

    Mu rwego rwo guhangana n’ibi birego mu nkiko, Perezida wa RDC yavuze ko yamaze gukoresha itsinda ry’abunganizi mu mategeko kugira ngo batangire gusubiza ibirego mu buryo bw’amategeko.

    Yagize ati: “Twafashe itsinda ry’abavoka. Tugiye gusubiza inyuma abaturega.”

    Ku birego byabaye intandaro y’uru rubanza, birebana n’uko bamwe mu bagize umuryango we bakekwaho uruhare mu bucukuzi butemewe bw’amabuye y’agaciro muri Katanga, Perezida Tshisekedi yabiteye utwatsi.

    Yavuze ko abantu bagize uruhare mu gusahura umutungo kamere w’ako karere bazwi neza.

    Yavuze ko muri abo harimo uwahoze ari Perezida Joseph Kabila ndetse na Moïse Katumbi, wahoze ari guverineri wa Katanga akaba n’umwe mu banyapolitiki b’abatavuga rumwe n’ubutegetsi, ubu akaba ari mu buhungiro.

    Aya magambo aje mu gihe uru rubanza ruregwamo bamwe mu bagize umuryango wa Perezida rukomeje guteza impaka nyinshi muri RDC ndetse rugatera umwuka utari mwiza hagati ya Kinshasa na Bruxelles.

    Andi makuru ushobora gusoma:

  2. Trump yaburiye Iran ko ishobora gusubira guterwa, na yo ivuga ko yiteguriye ‘intambara y’igihe kirekire’

    Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika yaburiye Irani ko igihugu ciwe “gishobora umusi umwe gukubita Tehran igasinzikara”, ariko akaba ata gihe yatanze.

    Trump yabivuze nijoro igihe yari mu myiyamamazo yabereye muri Iowa, imbere y’amatora y’abashingamateka ategekanijwe ejo aho bukera, kw’igenekerezo rya 3 Munyonyo (11), avuga ko atarahagarika inzira y’ibiganiro na Iran kuko ashaka, nk’uko yabivuze, “kwitonda no kugerageza gukingira ubuzima bw’abantu.”

    Perezida wa Amerika yongeyeko ati: “Hazogera igihe dutegerezwa kubatera bikomeye bagasinzikara cane.”

    Ku wa 8 Gitugutu (10) 2026, Trump yari yavuze ko Amerika itazotera Iran imbere y’amatora yo ku wa 3 Munyonyo, ashimangira ko impande zompi zari mu biganiro kandi ko vyariko biragenda neza.

    Trump yavuze ko ikibazo ca Iran yakiganiriyeko n’Umushikiranganji wa mbere wa Israel, Benjamin Netanyahu, mu gihe Tehran (ubutegetsi bwa Irani) yo yaburiye ko intambara iyo ari yo yose yosubira kwaduka yayo na Amerika ishobora kumara igihe kirekire kurusha iyaheruka.

    Trump yavuze ko ikiyago yagiranye na Netanyahu ku wa gatandatu cari “ikiyago ciza cane”, kandi ko ikibazo ca Iran kiri mu vyaganiriweko, ariko nta nsiguro yatanze.

    Utwigoro tw’ibiganiro vyo guhagarika intambara mu Buseruko bwo Hagati turabandanya, ariko tugaherekezwa n’amajambo y’iterabwoba ya Amerika na Israel avuga ibitero bishasha, mu gihe ibihugu vyompi biri mu gihe c’amatora ahambaye.

    Televiziyo ya reta ya Iran yasubiyemwo amajambo y’umuvugizi w’igisirikare, Mohammad Akrami Nia, avuga ati “intambara iyo ari yo yose yosubira kwaduka ishobora kumara igihe kirekire kurusha iyaheruka, kandi Perezida wa Amerika ntazoba ari we yishingira igihe izorangirira canke ukuntu izorangira.”

    Ayandi makuru ushobora gusoma:

  3. ‘Wamengo ni misire iriko irakoroka’ - Icenda bapfuye mw’isanganya ry’indege i Florida muri Amerika

    Abantu icenda bose bari mu ndege y’ubudandaji bapfuye inyuma y’aho ikorokeye mu karere gatuwemwo n’abanyagihugu nijoro ku wa Mungu mu ntara ya Floride, nk’uko bivugwa n’umushikiranganji ajejwe gutwara abantu n’ibintu.

    Iyo mpanuka yabereye hafi y’akarere ka Cresthaven, kari nko ku birometero 14 uvuye i Mar-a-Lago, ikigo co kuruhukiramwo ca Perezida Donald Trump kiri mu gace k’abatunzi ka Palm Beach, hafi isaha 12:50 z’umuhingamo ku masaha ya Amerika yo mu Buseruko, ni ukuvuga isaha imwe n’iminota 50 z’ijoro (19:50) mu masaha ya Gitega na Kigali.

    Amafoto yafashwe aho impanuka yabereye yerekana umwobo munini cane mw’ibarabara, n’imiriro yarurumba mu bice bitandukanye, ibice vy’iyo ndege yo mu bwoko bwa Learjet 60 hamwe n’ibimanyu vy’ibarabara bisanzagiye hirya no hino.

    Ikigo c’Amerika kijejwe kugenzura ivy’indege (FAA) cavuze ko iyo ndege yari yahagurutse iva i Austin muri Texas itera ija muri Bahamas.

    Ibinyamakuru vya Amerika hamwe n’umwihwezo w’urugendo rw’iyo ndege vyerekana ko yariko ihuruduka ku muvuduko udasanzwe imbere y’uko igwa hasi.

    Amashusho ataragenzurwa yahanahanywe ku mbuga nyagiro yerekana amashusho asa n’ayafashwe na kamera yo mu modoka akanya gato imbere y’uko iyi mpanuka iba. Muri ayo mashusho, imiduga yariko iragenda mw’ibarabara ryo mu micungararo, ubwo nyene iyo ndege ica iboneka ihurudukira hasi, ica iraturika.

    Buramatari wa Florida, Ron DeSantis, yabwiye abamenyeshamakuru ati: “Iyo uravye iyo videwo, birateye ubwoba cane. Wamengo ni misire iriko irakoroka, ubwo nyene haba igiturika gikomeye, ibisigarira bigasanzara hose.”

    DeSantis yavuze ko gushika ubu abari muri yo bataramenyekana, kandi ko ata makuru yari bwaboneke y’abantu boba bari aho iryo sanganya ryabereye, nimba muri bo hari abapfuye canke bakomeretse.

    Umushikiranganji akejwe ivyo gutwara abantu n’ibintu, Sean Duffy, yavuze ko iyo mpanuka ari “icago gikomeye cane”, avuga ko FAA yarungitse umurwi w’abahinga gufasha mu matohoza ariko akorwa n’Ikigo kijejwe gutohoza impanuka z’ugutwara abantu n’ibintu (NTSB).

    Urwego rw’akarere ka Palm Beach rujejwe gutabara mu gihe c’imiriro y’ivyaduka rwatangaje ko iki ari “icago kirimwo abantu benshi bahasize ubuzima”.

    Mu kiganiro n’abanyamakuru, DeSantis hamwe n’abategetsi bo muri ako karere bavuze ko abanyagihugu bagera kuri 600 hafi y’ahabereye iryo sanganya bahungishijwe ku bw’umutekano.

    Igihe iyo mpanuka yaba, havugwa n’imvura ivanze n’imituragaro ikomeye muri ako karere, mbere n’igihe hariko haba iki kiganiro n’abanyamakuru, imvura yari nyinshi.

    Perezida Donald Trump yari yagiye i Mar-a-Lago mu gitondo co ku wa Mungu, ariko yari yamaze kwurira indege nk’isaha imwe imbere y’uko iyo mpanuka iba.

    Ayandi makuru ushobora gusoma:

  4. Mwaramutse

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubashikiriza amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw’ikibiriraho.