Anne Marie Niwemwiza, Bernard Bankukira, Gildas Yihundimpundu na Gisèle Berwa
Depite Ilhan Omar avuga ko gusaka urugo rwe byari bidasanzwe kandi ko bitumye agiye kwimuka
Ahavuye isanamu, Getty Images
Depite Ilhan Omar uhagarariye leta ya Minnesota mu nteko ishingamategeko y'Amerika yavuze ko atagishoboye gukomeza kuba mu rugo rwe i Washington DC, nyuma yuko abakozi ba leta bahasatse mu cyumweru gishize.
Yavuze ko afite ubwoba ko aho atuye hamaze kumenyekana nyuma y’icyo gikorwa cyo kuhasaka.
Yabwiye igitangazamakuru MSN NOW ati: "Kubera ibikangisho byo kwicwa mpura na byo, ntibigishoboka ko nkomeza kuba muri iriya nzu hamwe n’abana banjye."
Mu kiganiro cye cya mbere agiranye n'itangazamakuru ku mugaragaro kuva urugo rwe rusatswe mu rukerera, Omar yasobanuye ko abakozi bo mu rwego rushinzwe iperereza ku byaha bijyanye n’umutekano w’igihugu (Homeland Security Investigations) bafashe ibintu birenga 10, birimo telefone zigendanwa n’udutabo yandikamo, mu rwego rw’iperereza.
Leta ntiratangaza icyaha Omar ashinjwa gukora ariko yavuze ko iryo saka ryari "mu rwego rw’iperereza ku byaha rikomeje gukorwa ryo ku rwego rw'igihugu".
Iryo saka rikurikiye amagambo atandukanye y’abategetsi bashidikanyaga ku bwenegihugu bw'Amerika bwa Omar, yabonye mu mwaka wa 2000, nyuma yo kuhagera avuye muri Kenya.
Perezida Macron yakajije ingamba zo kugabanya imyigaragambyo
Ahavuye isanamu, Getty Images
Insiguro y'isanamu, Imyigaragambyo yabaye mu cyumweru gishize yangije byinshi
Perezida
w'Ubufaransa Emmanuel Macron yatangaje ko imyigaragambyo "itemewe" igiye guhagarikwa mu minsi iri imbere, anashinja imitwe y'"abigometsi" b'abahezanguni bo mu murongo wa politike wo gushaka impinduka n'abangiza ibintu binyuranye, kuba ari bo bateje imvururu n'ubusahuzi byabaye mu mpera y'icyumweru gishize, nkuko bitangazwa n’ibiro
ntaramakuru Reuters.
Macron yabivuze kuri uyu wa kane, nyuma y'inama yagiranye n'abakuriye inzego
z'ubutasi na bamwe mu baminisitiri.
Yongeyeho
ko imyigaragambyo itegurwa n'imiryango, nk'amashyirahamwe y'abakozi, izakomeza
kwemererwa kuba, ariko ko ishobora kwimurirwa mu yindi mihanda hagamijwe kurinda
ibikorwa by'ubucuruzi.
Yagize
ati: "Ku wa gatandatu ushize habaye ibikorwa byo gushaka guhungabanya
igihugu byakozwe n'imitwe y'abahezanguni bo ku ruhande rw'ibumoso [bo mu murongo w'abaharanira impinduka], bafite
intego yo gusenya Repubulika."
Aya
magambo yayavuze mu gihe abategetsi hirya no hino mu Bufaransa bari kwitegura
indi myigaragambyo mishya, nyuma y'izo mvururu ziri muri zimwe mu zikomeye cyane zibaye mu mijyi itandukanye y'iki gihugu mu myaka myinshi ishize.
Abategetsi bo mu mujyi wa Lyon batangaje ko imyigaragambyo yose yari iteganyijwe ku wa gatandatu yahagaritswe.
Nubwo
bimeze bityo, indi myigaragambyo mishya yatangiye gutegurwa, mu gihe abategetsi
bafite impungenge ko impera y'iki cyumweru ishobora kongera kurangwa
n'imvururu n'umutekano mucye.
Insiguro y'isanamu, Eva Gretzmacher, w'imyaka 76, yamaze imyaka myinshi ari umukozi utanga imfashanyo muri Niger
Abagore babiri, umwe ukomoka mu Busuwisi n'undi
ukomoka muri Austria (Autriche), barekuwe nyuma yo kumara igihe kirenga umwaka bafashwe
bugwate muri Niger. Bahise bashyikirizwa abategetsi bo mu mujyi wa Benghazi muri Libya.
Ukomoka muri Austria witwa Eva Gretzmacher,
ufite imyaka 76, n’ukomoka mu Busuwisi witwa Claudia Abbt, ufite imyaka 69,
bashimuswe mu bihe bitandukanye mu mujyi wa Agadez, uri mu majyaruguru ya
Niger, muri Mutarama (ukwezi kwa mbere) no muri Mata (ukwezi kwa kane) umwaka ushize.
Nta makuru arambuye yatangajwe ku bantu bari
babafashe bugwate cyangwa ku byo basabaga kugira ngo barekurwe. Gusa hari
amakuru yari yarigeze guhuza iri shimutwa n’abarwanyi b’umutwe wiyitaLeta ya
Kiyisilamu (Islamic State). Nta n’amakuru yatangajwe asobanura uko barekuwe.
Leta ya Austria na leta y'Ubusuwisi zombi zemeje ko abaturage bazo
barekuwe.
Leta y'Ubusuwisi yatangaje ko Claudia
Abbt yarekuwe kandi ko yari ari mu nzira asubira mu Busuwisi. Naho leta ya Austria
yatangaje ko Eva Gretzmacher yarekuwe nyuma y'"umuhate ukomeye wo mu rwego rwa dipolomasi."
Nigeria: Abahuye n’uwanduye Ebola ntibemerewe kugenda mu ndege
Ahavuye isanamu, Anadolu via Getty Images
Minisitiri
w’Ubwikorezi bwo mu Kirere muri Nigeria, Festus Keyamo, yatangaje ko abantu 46
bahuye n’umurwayi wa Ebola bagiye gushyirwa ku rutonde rw’ababujijwe gukora
ingendo zo mu ndege mu gihe cy’iminsi 21.
Mu
itangazo yasohoye ku munsi w’ejo, yavuze ko abantu 44 bahuriye n’uwo murwayi mu
bitaro nyuma y’uko agaragaje ibimenyetso by’iyo ndwara, mu gihe abandi babiri
ari abakozi bo mu rugo rwe.
Yongeyeho
ko inzego z’ubuzima zirimo gukora ibishoboka byose kugira ngo abo bantu 46 bashyirwe
mu kato kandi basuzumwe, hamenyekane niba baba baranduye virusi ya Ebola.
Keyamo
yavuze kandi ko yamaze guha amakuru y’abo bantu, Ikigo cya Nigeria gishinzwe
iby’indege za gisivili (NCAA) kugira ngo icyo cyemezo gishyirwe mu bikorwa nta
nkomyi.
Yagize
ati: “Nasabye NCAA guhita imenyesha sosiyete zose z’indege, izo mu gihugu n’izo
mu mahanga, iby’iki cyemezo.”
Nigeria
yanakajije ingamba zo kugenzura hamwe no gukurikirana Ebola ku bibuga mpuzamahanga
by’indege, nyuma y’uko hemejwe umurwayi wa mbere w’iyo ndwara muri icyo gihugu
nyuma y’imyaka irenga icumi itahagaragara.
Amerika yasavye bamwe mu badiplomate bayo kuva muri Arabiya Sawudite mu gihe ibitero vy’Abahouthi bitera vyiyongera
Ahavuye isanamu, Reuters
Insiguro y'isanamu, Yemeni yarasinzikajwe n’intambara yo hagati mu gihugu yatanguye mu 2014
Reta zunze ubumwe za Amerika zasavye bamwe mu badiplomate bayo
n’imiryango yabo kuva muri Arabiya Sawudite, mu gihe ibitero vy’Abahouthi biriko
birarushiriza gukomera. Abantu batatu ni bo bahitanywe n’ivyo bitero mu bice
bitandukanye vy’ico gihugu.
Abategetsi ba Arabiya Sawudite bavuze ko ibisigarira vya drone yasambuwe
igihe yariko igerageza gutera ikibanza gitunganirizwamwo
ibitoro ari vyo vyahitanye babiri muri abo bapfuye. Uwundi umwe yahitanywe n’igitero
cagabwe ku kibuga c’indege mpuzamakungu ca King Fahd, i Dammam.
Kuva mu kwezi guheze ni ho amatati hagati y’Abahouthi bo muri Yemeni bashigikiwe
na Irani, na Arabiya Sawudite, yarushirije gukomera.
Mu kwishura ku bitero vya Arabiya Sawudite, abo Bahouthi bagavye ibitero
bakoresheje ama misire na drone ku bibuga vy’indege, ibikorwa remezo vy’amasoko
ntanganguvu n’ibirindiro vya gisirikare vyo muri ico gihugu.
Igitero giherutse kugabwa ku kibuga c’indege mpuzamakungu co ku murwa
mukuru Riyadh ni co cahitanye abantu benshi kuruta ibindi vyabaye muri ico
gihugu mu myaka itari mike iheze.
Mw’itangazo yasohoye, umuvugizi w’ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe
imigenderanire n’ayandi makungu yagize ati: « Ubushikiranganji ... bwategetse
ko abakozi ba Amerika bari muri Arabiya Sawudite badakora ibikorwa vyihutirwa,
hamwe n’imiryango yabo, bava muri ico gihugu. »
Yongeyeko ati: « Abahouthi bashigikiwe na Irani barushiriza kugira
uruhara mu ntambara na Arabiya Sawudite, harimwo ibitero bigabwa ku bibuga
vy’indege vya gisivire no ku bindi bikorwa remezo bihambaye. Ivyo bitero
vyahitanye abantu basanzwe bituma n’ingendo zihungabana cane. »
Uwo muvugizi yagabishije kandi ko « izo ntambara zishobora gukomera cane
mu gihe gito. »
Mu gitero giheruka kugabwa ku kibuga c’indege mpuzamakungu ca King Fahd,
abantu umunani ni bo bakomeretse.
Nta yandi makuru arashikirizwa ku bijanye na co. Ariko cabaye inyuma y’uko
ibibuga vy’indege vyo muri Arabiya Sawudite bigabweko ibitero incuro nyinshi
n’abarwanyi b’Abahouthi.
Ubushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu na bwo nyene ntiburamenyesha
uwoba yararungitse drone y’ubwiyahuzi yatumberejwe ku kibanza ca Shaybah gitunganirizwamwo
ibitoro, kiri hafi y’urubibe rwa Arabiya Sawudite na Emirats Zunze Ubumwe z’Abarabu. Ico gitero
cakomerekeyemwo abantu babiri.
Yemeni yarasinzikajwe n’intambara yo hagati mu gihugu yatanguye mu 2014,
igihe Abahouthi bakura ubutegetsi mu minwe ya reta, bakigarurira umurwa mukuru
Sanaa.
Iyo ntambara yarushirije gukomera mu 2015 inyuma y’uko ihuriro rya
gisirikare ry’ibihugu bitandukanye riyobowe na Arabiya Sawudite ritanguriye
igikorwa co kugerageza gusubiza ubutegetsi mu minwe ya reta.
Trump avuga ko hari ikintu kigiye kuba 'vuba cane', Irani na yo ikagabisha Amerika
Ahavuye isanamu, Reuters
Perezida Trump avuga ko hari ikintu kigiye kuba “vuba cane”
ku ntambara hagati ya Amerika na Irani, mu gihe hari amakuru avuga ko ingabo za
Amerika n'iza Israel zifise integura z'ibitero bishasha kandi bikomeye.
Trump yavuze kandi ko Washington (ubutegetsi bwa Amerika)
itari mu biganiro na Tehran (ubutegetsi bwa Irani).
Ikinyamakuru The New York Times catangaje ko mu
bibanza bishobora kuraswa muri ico gitero gishasha bishobora kubamwo ibigo
ntanganguvu, ibigo vya nikleyeri, hamwe n'ububiko bwa misire n'indege zitajamwo
abadereva bwa Irani.
Nk'uko ico kinyamakuru kibivuga, bamwe mu bategetsi ba
Amerika babona ko ibitero nk'ivyo bishobora gushira ubutunzi bwa Irani mu kaga
gakomeye cane, bigatuma abategetsi b’iki gihugu bemera kugira ivyo bahevye mu biganiro
vy’amahoro.
Hagati aho, kuri uno wa kane, ingabo za Irani zijejwe
gukingira ubutegetsi bwa Kisilamu (IRGC) zagabishije ko zishobora gutera ibigo
vy’ingabo za Amerika biri hirya no hino mu Buseruko bwo Hagati mu gihe
igisirikare ca Amerika cobandanya guherekeza amato aca mu Muhora wa Hormuz.
"Igisirikare ca Amerika gitegerezwa kumenya ko nimba
kibandanije n’iyi ngendo, iyi ntambara izoshika no ku birindiro vyaco biri muri
ako karere," niko izi ngabo zavuze mw’itangazo zacishije mu
kinyamakuru cabo Sepah News gikorera ku rubuga ngurukanabumenyi.
“Iri ni igabisha rikomeye,” niko iri tangazo rivuga.
Irani ivuga ko ari yo igenzura Umuhora wa Hormuz,
inzira kirumara y’ubudandaji bwo mu mazi yari isanzwe icamwo hafi ica gatanu c’ibitoro
bishorwa kw’isi yose imbere y’uko iyi ntambara itangura muri Ruhuhuma (2).
Irani ntihengeshanya kurasa amato agerageza guca muri uno
muhora adahawe uruhusha na Irani. Ariko amato
aca muri uno muhora agaherekezwa n’igisirikare ca Amerika abandanya yiyongera,
ibi bigatuma Irani yongereza ibitero vyayo.
Ingabo za Irani zatangaje mbere ko amato ane yatewe mw’ijoro
ryo ku wa gatatu rishira uno wa kane yarashwe igihe yariko agerageza guca muro
ako karere k’Ikigobe c’Abarabu.
Abantu babiri baraye bishwe mu gitero c’aba-Houthi muri Arabia Sawudite
Ahavuye isanamu, AP
Abategetsi ba Arabia Sawudite bavuga ko abantu babiri bishwe
abandi umunani bagakomereka mu gitero cagabwe mw’ijoro ryakeye ku kibuga
c’indege co mu gisagara ca Dammam mu buseruko bw’igihugu, mu gihe ibitero
vy’Aba-Houthi bo muri Yemen biriko biriyongera.
Urwego rwa Arabia Sawudite rujejwe ivy’indege za gisivire ruvuga
ko abishwe muri ico gitero cagabwe ku Kibuga c’Indege Mpuzamakungu c’Umwami
Fahd ari Umunya-Arabia Sawudite umwe n’Umuhindi umwe.
Uru rwego ruvuga kandi ko uruja n’uruza rw’indege rwamaze
gusubira mu buryo busanzwe.
Ni inyuma y’aho ejo ku wa gatatu mu gitondo, abandi bantu
babiri bishwe mu gitero c’indege zitajamwo abadereva zariko zigerageza kurasa
ku kigo gitunganya igitoro c’ahitwa Shaybah.
Nta bundi buvuzi Papa akeneye, inyuma yo kubagwa cancer yo mu mahaha
Ahavuye isanamu, Reuters
Insiguro y'isanamu, Papa ubwiwe ni we yatanguye gutangaza ko agiye kubagwa
Abaganga bavura Papa Leo XIV bavuze ko atazokenera ubundi buvuzi inyuma
yo kubagwa kugira ngo akurwemwo akavyimba ka cancer kari mu mahaha yiwe.
Ibipimo yari yakorewe imbere yo kubagwa vyari vyemeje ko yari afise cancer
yo mu mahaha izwi nka adenocarcinoma.
Itangazo ryasohowe na Vatikano rigira riti: « Isuzumwa ryakozwe
n’abahinga mu kuvura kanseri inyuma y’aho, ryemeje ko ata bundi buvuzi
bukenewe. »
Papa Leo XIV w’imyaka 71 yavuye mu
bitaro vya Gemelli biri i Roma mu mpera z’indwi iheze, inyuma y’imisi ine abazwe.
Igihe yakontororwa, yarahagaze kugira aganire n’abantu bari baje kumuramutsa.
Iryo tangazo risohotse mu gihe ku wa gatatu yashikirije ijambo mw’ihuriro
risanzwe riba rimwe mu ndwi, ku ncuro ya mbere kuva avuye mu bitaro.
Igikorwa co kumubaga cabaye kw’igenekerezo rya 13 Gitugutu (10) kandi camaze
iminota 90. Bamukuyemwo igice co musi c’ihaha ryiwe ry’iburyo.
Papa ubwiwe ni we yatanguye gutangaza ko agiye kubagwa. Yabivugiye mu
gisabisho yari asanzwe ahagararira buri yinga. Ico gihe, yabwiye abantu bari
bakoraniye mu kibanza ca Petero Mutagatifu ko abaganga bari babonye akavyimba
muri rimwe mu mahaha yiwe.
Amashusho yashizwe ahabona ku wa gatanu, haciye imisi mike abazwe,
yerekanye Papa ariko asoma imisa mu bitaro, yambaye ikanzu yabigenewe y’urwatsi
rubisi.
Kuri uwo musi nyene, Vatikano yatangaje ko Papa yavuganye kuri terefone
na Perezida w’Uburusiya Vladimir Putin, amusaba ko bahagarika intambara mu gisagara ca Oleshky co muri Ukraine kiri mu
minwe y’Uburusiya kandi kigoswe, kugira ngo imfashanyo y’ibifungurwa ishobore
gushikirwa abanyagihugu.
Yanasavye ko haba « ibiganiro vy’amahoro ».
Ku wa mbere, Papa yaragiranye ikiyago gisa n’ico kuri terefone na
Perezida wa Ukraine Volodymyr Zelensky.
Niger: Abagore babiri b’Abanyaburaya bari banyurujwe n’inyeshamba ziyitirira Islam barekuwe
Abakozi babiri
b’Abanyaburaya bakora mu vy’ubutabazi, bivugwa ko bari banyurujwe n’abarwanyi
biyitirira idini rya Isilamu muri Niger, barekuwe maze bajanwa muri Libya
inyuma y’amezi arenga 18 bari bamaze bari mu minwe y’abo barwanyi.
Umunya-Autriche Eva Gretzmacher hamwe n’Umuswisi Claudia
Abbt bamaze gushika mu gisagara ca Benghazi.
Bitegekanijwe ko ejo
ku wa kane bazosubizwa mu bihugu bakomokamwo.
Abo bagore babiri
bari banyurujwe umw’umwe ukwiwe mu bitero vyagabwe mu masaha y’ijoro ku mihana
yabo mu gisagara ca Agadez kiri mu buraruko bwa Niger mu mwaka uheze wa 2025.
Uko barekuwe n’ivyatumye barekurwa ntibiramenyekana neza.
Amatora yo muri Amerika: Trump ntiyorohewe mu myiyamamazo arimwo
Imyiyamamazo ya
Perezida Donald Trump yabereye mu ntara ya Caroline du Sud/South Carolina, mu
matora y’abashingamateka n’abakeguzamateka ategekanijwe muri Amerika
yarahungabanijwe n’abamwiyamiriza bagumye bamuciramwo incuro zitari nke.
Ubu buryo bwo guhungabanya ibikorwa vy’imyiyamamazo burabandanya
bwibonekeza cane mu makoraniro Perezida Trump aba arimwo, ibiharuro vy’abamushigikiye
bibandanya gukoroka. Ubu biri muri 30 kw’ijana.
RD Congo: Ububirigi bwateye ivyatsi umuhari FRN witwaje ibirwanisho urongowe na Joseph Kabila
Ahavuye isanamu, prevot.belgium.be/fr
Insiguro y'isanamu, Maxime Prévot abona ko hamwe intambara yokwiyongera, ibintu vyokwunyuka rwose, amahano n'umubabaro ku banyagihugu bikiyongera
Ububirigi buriyamiriza umuhari mushasha wa politike na gisirikare FRN ( Front pour la Refondation de la Nation) uherutse gushingwa muri Repuburika ya Demokarasi ya Kongo (RDC) ukaba urongowe na Joseph Kabila yahoze aramutswa ico gihugu.
Mw'ijambo yashikirije ku wa gatatu imbere y'umurwi w'abashingamateka ujejwe ibibazo vy'imigenderanire, umushikiranganji w'imigenderanire w'Ububirigi, Maxime Prévot, yavuze ko "bibabaje cane" kubona umuntu yahoze arongoye igihugu akaba na we nyene muri ico gihe yarahuye n'ingaruka z'imirwi yitwaje ibirwanisho ahitamwo "kuba indongozi y'umurwi wa politike na gisirikare urondera gushika ku butegetsi ukoresheje ibirwanisho".
Macron yagiriza abategetsi b’amahanga gukoresha imigumuko yo mu Bufaransa ku nyungu z'amatora yabo
Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images
Perezida Emmanuel Macron w'Ubufaransa yagirije abategetsi
b’amahanga ko bariko barakoresha imigumuko yadutse mu gihugu ku wa gatandatu ku
mvo z’amatora mu bihugu vyabo.
Atarinze kubavuga amazina, Macron yavuze ko abo bategetsi bariko
biyamamaza mu matora yimirije “bakoresheje Ubufaransa”, mu majambo bashikirije
ku vyerekeye izo ntureka zaturutse ku myiyerekano yo kwiyamiriza ubuzima
buzimvye.
Mw’ijambo yashikirije mu rugendo rwiwe mu bihugu vyo mu
Buseruko bwo Hagati, Macron yavuze ko abo ari “abategetsi bari mu bihe vyo
kwiyamamaza, haba hano muri aka karere canke hakurya y’ibahari Atlantike”.
Macron yasa n’uwuriko aravuga Perezida Donald Trump wa
Amerika ari mu myiyamamazo mu matora y’abashingamateka n’abakenguzamateka ategekanijwe
mu ntango z’ukwezi kuza, hamwe kandi n’umushikiranganji wa mbere wa Israel,
Benjamin Netanyahu, na we nyene ariko ategura amatora y’abashingamateka mu ndwi
iza.
Igihe yari mu myiyamamazo muri Kansas ku wa mbere, Donald
Trump – asanzwe adahagaze neza imbere y’ayo matora yimirije muri Amerika - yamaze
umwanya munini avuga ku Bufaransa, yerekana ko buriko “buraterwa, burasahurwa kandi
buturirwa n’abimukira, aba-jihadiste n’abakomunisti”.
Yabwiye abanywanyi biwe ati: “Mumenye neza ko ari vyo
Abademokarate bashaka gukorera Amerika.”
Eka n’Umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu
- na we nyene ari mu myiyamamazo - yavuze
amajambo asa n’ayo, aho yavuze ko Ubufaransa “bwatewe n’intagondwa z’Abasilamu”.
Ku bwa Macron, aba bategetsi atavuze amazina bakorera ku mavidewo
y’ikinyoma yakozwe n’ubwenge bukorano (AI) ku bijanye n’iyi migumuko.
Amavidewo yerekana imishamirano hagati y’abapolisi n’abari
mu myiyerekano bipfutse mu maso, hamwe kandi n’amatungo be n’amaduka ariko
arasahurwa, yarakwiragiye cane ku mbuga nyagiro.
Abantu bashika ku 150 baramaze gupfungwa, mu gihe abarenga
800 bamaze gushikanwa imbere y’ubutungane kuva iyo migumuko yadutse i Paris no
mu bindi bisagara birimwo Lyon, Marseille na Nice.
Reta yaremeye ko abaporisi “bananiwe no gufata ibintu mu
minwe” muri izo ntureka zadutse inyuma y’amayinga atari make y’imyiyerekano
y’abanyeshure biyamiriza ubuzima babayemwo mu mashure yisumbuye.
Uburusiya bwacucagiye ibisasu kuri Ukraine ata n’umusi uhaciye buvuze ko bwemeye gusubira mu biganiro
Ahavuye isanamu, Reuters
Uburusiya bwaraye busubiye gucucagira ibisasu vya misire ku
mugwa mukuru wa Ukraine, Kyiv, amasaha make gusa inyuma y'aho bwemereye
gusubira mu biganiro vy'amahoro, bizokwitabirwa kandi na Reta Zunze Ubumwe za
Amerika.
Umukuru w'igisagara ca Kyiv, Vitaliy Klitschko,
yavuze ko abantu batandatu bakomeretse, muri ibi bitero vyagabwe ku mazu y'uburaro,
ububiko bw’igitoro hamwe n'ibikorwaremezo vyo kwungurza abantu n’ibintu. Amakuru
yerekana kandi ko ibigo ntanganguvu na vyo nyene bishobora kuba vyatewe.
Naho biri ukwo, Perezida Donald Trump wa Amerika yavuze
ko, inyuma y'ibiganiro biheruka vyayobowe n'intumwa yiwe Steve Witkoff,
ubu inzira yo kurangiza iyo ntambara iri hafi cane kurusha ibindi bihe vyose. Ariko
abanegura Trump bamwagiriza ko ariko ahatira Ukraine kwemera guhagarika
intambara kurusha uko ahatira Uburusiya, mu kworohereza Moscou gusumba Kyiv.
Hampande ya Kyiv, igisagara ca Kharkiv kiri mu buraruko
bushira ubuseruko bwa Ukraine na co nyene catewe, mu bitero vyakozwe n’indege
zitajamwo abadereva (drone).
Ibi bitero bibaye mu gihe hari iyindi ntambwe nshasha
y'ibiganiro vy’amahoro irongowe n'intumwa za Donald Trump, ari zo Steve
Witkoff na Jared Kushner.
Ku wa gatatu, Witkoff yarahuye na Perezida Vladimir Putin
w'Uburusiya mu gisagara ca St Petersburg, umusi umwe gusa inyuma y’uko
ahuye na Perezida wa Ukraine.
Mu Burusiya na ho
nyene, intara za Tula na Lipetsk zavuze ko zatewe n'amadrone ya Ukraine.
Buramatari wa Lipetsk avuga ko umuntu umwe yakomeretse.
Perezida Putin
yatanguje intambara yeruye kuri Ukraine mu mwaka wa 2022, ubu Uburusiya bukaba
bugenzura hafi ibice 20 kw'ijana vy'ubutaka bwa Ukraine.
Naho Perezida wa
Amerika yagiye avuga incuro nyinshi ko agiye kurangiza iyo ntambara, gushika
ubu ntarashobora kuyihagarika.
Ejo ku wa gatatu,
Perezida Zelensky yavuze ko ashobora kwemera amasezerano yotuma
intambara ihagararira aho igeze.
Yabwiye
ikinyamakuru Fox News ati: "Ivyo twovyita ‘uguhagarika intambara’
canke ‘uguhagarika ubwicanyi’ nk'uko Perezida Trump yabivuze. Intambara
ihagarare kandi ntisubire kubandanya. Ico ni co conyene dusaba Uburusiya uno
musi."
Yongeyeko ko
inyuma y'ivyo, hashobora gukurikira ibiganiro bijanye n'ingingo zo kwubahiriza
umutekano wa Ukraine.
Ivyo biganiro
vyabaye mu gihe icuka atari ciza hagati ya Ukraine na Amerika.
Trump aherutse kuvuga
ko igihe kigeze kugira Ukraine ironke uwundi mukuru w’igihugu, ndetse ubuheruka
agashimangira avuga ko hakeneye "uwundi muntu yoserukira Ukraine ku
meza y'ibiganiro".
Yaragirije kandi
Ukraine ko ibitero vyayo ku bigo vy'Uburusiya bitunganya igitoro vyatumye
ibiciro vy'igitoro biduga kuva intambara irongowe na Amerika kuri Irani
itanguye.
Trump yaraneguwe
bikomeye n'abashingamateka bo mu mugambwe w'aba-Demokarate hamwe na bamwe bo mu
ba-Repubulikani, inyuma y'aho akuriyeho ibihano vyari vyafatiwe Uburusiya, ivyo
bikaba bituma bushobora gusubira kugurisha amamiliyoni y'amatoni ya mazutu ku
masoko yo muri Amerika no kw'isi yose.