Uburusiya bwaraye busubiye gucucagira ibisasu vya misire ku
mugwa mukuru wa Ukraine, Kyiv, amasaha make gusa inyuma y'aho bwemereye
gusubira mu biganiro vy'amahoro, bizokwitabirwa kandi na Reta Zunze Ubumwe za
Amerika.
Umukuru w'igisagara ca Kyiv, Vitaliy Klitschko,
yavuze ko abantu batandatu bakomeretse, muri ibi bitero vyagabwe ku mazu y'uburaro,
ububiko bw’igitoro hamwe n'ibikorwaremezo vyo kwungurza abantu n’ibintu. Amakuru
yerekana kandi ko ibigo ntanganguvu na vyo nyene bishobora kuba vyatewe.
Naho biri ukwo, Perezida Donald Trump wa Amerika yavuze
ko, inyuma y'ibiganiro biheruka vyayobowe n'intumwa yiwe Steve Witkoff,
ubu inzira yo kurangiza iyo ntambara iri hafi cane kurusha ibindi bihe vyose. Ariko
abanegura Trump bamwagiriza ko ariko ahatira Ukraine kwemera guhagarika
intambara kurusha uko ahatira Uburusiya, mu kworohereza Moscou gusumba Kyiv.
Hampande ya Kyiv, igisagara ca Kharkiv kiri mu buraruko
bushira ubuseruko bwa Ukraine na co nyene catewe, mu bitero vyakozwe n’indege
zitajamwo abadereva (drone).
Ibi bitero bibaye mu gihe hari iyindi ntambwe nshasha
y'ibiganiro vy’amahoro irongowe n'intumwa za Donald Trump, ari zo Steve
Witkoff na Jared Kushner.
Ku wa gatatu, Witkoff yarahuye na Perezida Vladimir Putin
w'Uburusiya mu gisagara ca St Petersburg, umusi umwe gusa inyuma y’uko
ahuye na Perezida wa Ukraine.
Ibiganiro bihuriyemwo impande zitatu vyarahagaze muri
Ruhuhuma (2), maze Uburusiya buca bwongereza akariro mu bitero vyabwo, inyuma
y'uko Ukraine ikehaniwe n’uburyo bwo gukingira ikirere, bugizwe n’ibikoresho
vyo gutangira ibisasu vya misire, uburyo yari isanzwe ihabwa n’ibihugu vy’uburengero.
Mu Burusiya na ho
nyene, intara za Tula na Lipetsk zavuze ko zatewe n'amadrone ya Ukraine.
Buramatari wa Lipetsk avuga ko umuntu umwe yakomeretse.
Perezida Putin
yatanguje intambara yeruye kuri Ukraine mu mwaka wa 2022, ubu Uburusiya bukaba
bugenzura hafi ibice 20 kw'ijana vy'ubutaka bwa Ukraine.
Naho Perezida wa
Amerika yagiye avuga incuro nyinshi ko agiye kurangiza iyo ntambara, gushika
ubu ntarashobora kuyihagarika.
Ejo ku wa gatatu,
Perezida Zelensky yavuze ko ashobora kwemera amasezerano yotuma
intambara ihagararira aho igeze.
Yabwiye
ikinyamakuru Fox News ati: "Ivyo twovyita ‘uguhagarika intambara’
canke ‘uguhagarika ubwicanyi’ nk'uko Perezida Trump yabivuze. Intambara
ihagarare kandi ntisubire kubandanya. Ico ni co conyene dusaba Uburusiya uno
musi."
Yongeyeko ko
inyuma y'ivyo, hashobora gukurikira ibiganiro bijanye n'ingingo zo kwubahiriza
umutekano wa Ukraine.
Ivyo biganiro
vyabaye mu gihe icuka atari ciza hagati ya Ukraine na Amerika.
Trump aherutse kuvuga
ko igihe kigeze kugira Ukraine ironke uwundi mukuru w’igihugu, ndetse ubuheruka
agashimangira avuga ko hakeneye "uwundi muntu yoserukira Ukraine ku
meza y'ibiganiro".
Yaragirije kandi
Ukraine ko ibitero vyayo ku bigo vy'Uburusiya bitunganya igitoro vyatumye
ibiciro vy'igitoro biduga kuva intambara irongowe na Amerika kuri Irani
itanguye.
Trump yaraneguwe
bikomeye n'abashingamateka bo mu mugambwe w'aba-Demokarate hamwe na bamwe bo mu
ba-Repubulikani, inyuma y'aho akuriyeho ibihano vyari vyafatiwe Uburusiya, ivyo
bikaba bituma bushobora gusubira kugurisha amamiliyoni y'amatoni ya mazutu ku
masoko yo muri Amerika no kw'isi yose.
Ayandi makuru ushobora gusoma: