Tanzaniya yishimiye ko inyuma y'imyaka 10 yasubiriye kwubura gaze

    • Umwanditsi, Basillioh Rukanga
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 3

Tanzaniya yatangaje ko yubuye gaze yo gutekesha nyinshi cane mu karere ka Mnazi Bay, kari mu bumanuko bw'ico gihugu. Ni ubwa mbere hasubiriye gutorwa gaze muri ico gihugu mu myaka cumi iheze.

Mu ntumbero yo guhimbaza itorwa ry'iyo gaz, umushikiranganji w'amasoko ntanganguvu, Juma Homera, yitavye ibirori vyabereye ahari ikibanza co mu kuzimu ahazocukurwa iyo gaze citwa Kasa-1X ST2, gisangiwe n'ikigo ca reta citwa Tanzania Petroleum Development Corporation (TPDC) hamwe n'ishirahamwe ry'Abafaransa rikorera mu gisata co gucukura gaze n'ibitoro ryitwa Maurel & Prom.

Yavuze ko kuba hatowe gaz yo gutekesha igereranywa kuba ingana na miriyardi 6,3 za metero kibe (mètres cubes) ari ''intambwe ikomeye cane'' mw'iterambere ry'ico gisata gitoya c'ibitoro na gaz muri Tanzania.

Bitegekanijwe ko bazotangura ibikorwa vyo gucukura mu ntango z'umwaka uza kandi ko iyo gaz izokwongereza umwimbu w'imbere mu gihugu.

Tanzania ifise gaz yo gutekesha ingana na metero kibe (mètres cubes) zirenga miriyaridi 1.629

Homera yavuze ko itorwa rihambaye ry'iyo gaz rituma igihugu kironka amasoko ntanganguvu yizewe, asukuye kandi atekanye ku giciro kitari hejuru, na cane cane muri iki gihe ibikorwa bisaba amasoko ntanganguvu biriko birongerekana bivuye ku kwiyongera kw'inganda n'ibindi bikorwa vy'ubutunzi.

Nk'uko ibiharuro vya reta ya Tanzaniya vyo mu 2024 bivyerekana, gaze yakoreshwa ku rugero rwa 80% mu gutanga umuyagankuba muri ico gihugu.

Mu myaka iheze, ico gihugu cahamagariye kwijukira gaze itunganijwe kugira ikoreshwe mu miduga. Hashizweho ibigo bitunganya iyo gaze n'amasitasiyo ayigurisha, ahanini mu gisagara ca Dar es Salaam.

Bamwe mu Batanzaniya bariko barahindura imodoka zabo kugira zikoreshe ubwoko bubiri bw'inguvu: gaze na essence. Gaze yimbuka muri ico gihugu ituma bashobora kuronka iyo bashira mu miduga izimbutse ugereranije n'igitoro co mu bwoko bwa essence.

Tanzaniya yatanguye kwubura gaze mu 1974 kw'izinga rya Songo Songo, mu karere ka Lindi kari mu bumanuko bushira ubuseruko bw'ico gihugu. Yubuye iyigira kabiri i Mnazi Bay, mu karere gahana urubibe na Lindi ka Mtwara, mu 1982.

Gukoresha iyo gaz mu bikorwa vy'ubudandaji vyatanguye mu 2004. Ivyo vyatumye ubushakashatsi bwo kurondera iyindi gaze bwongerekana, haba ku butaka no mu kiyaga. Mu 2016, hubuwe gaze nyinshi kuruta izindi zari zimaze kwuburwa, ingana na tiriyoni 2.7 z'ama metero kibe (mètres cubes).