Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Rwanda: Umurwi wa basketball wa APR wakuwe muri BAL kubera ibihano vya Amerika, bivugwa na NBA
- Umwanditsi, Basillioh Rukanga
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 2
Ishirahamwe ry'umupira w'amaboko rya Amerika, NBA (National Basketball Association), ritangaza ko ryakuye mw'ihiganwa ryayo rya Afrika umurwi wa basketball w'ingabo z'Urwanda, APR Basketball Club (APR BBC) kubera ibihano Reta Zunze Ubumwe za Amerika zafatiye Urwanda muri Ntwarante (3) uyu mwaka.
Imbere y'aha, NBA yari yavuze ko umurwi APR BBC uhabwa uburyo n'igisirikare c'Urwanda utazoja mw'ihiganwa rya Basketball Africa League (BAL) ryo mu 2026.
Ariko rero, ubu ni bwo bwa mbere NBA ishize ahabona icatumye APR ikurwa mw'ihiganwa.
Mu kwa gatatu uno mwaka, ishirahamwe ry'umupira w'amaboko wa Basketball mu Rwanda (FERWABA) ryari ryatangaje ko APR ari yo yari yafashe icemezo co "kwikura mw'iri higanwa".
Ishirahamwe NBA ryatangaje ibi igihe ryariko ryishura ku birego vyatanzwe n'abakenguzamateka babiri ba Amerika, bandikiye NBA bayisaba gusubira kwihweza amasezerano ifitaniye n'uno murwi w'Urwanda.
Muri Ntwarante (3), Amerika yafatiye ibihano igisirikare c'Urwanda, icagiriza uruhara mu gukomeza intambara ibera muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo (DR Congo).
Abo bakenguzamateka bavuze ko NBA iri mu kaga ko "kwisanga iriko irafasha mu mugambi wo kweza isura y'Urwanda biciye mu nkino, mu kwemera amafaranga atangwa na reta y'Urwanda ibandanya ihonyanga uburenganzira bwa muntu".
Mu ndwi iheze, Amerika yafatiye kandi ibihano ubushikiranganji bw'Urwanda bujejwe kwivuna abansi kubera ugushigikira umuhari w'inyeshamba za M23, wigaruriye ibice binini vyo mu buseruko bwa DR Congo. Urwanda rwamye ruhakana ibi birego nubwo hari ivyemezo vyinshi bivyerekana.
Urwanda ni kimwe mu bihugu vy'abafatanyabikorwa ba BAL kandi ruratanga uburyo kugira ngo inkino za nyuma z'iri higanwa zibere mu nyubakwa ya BK Arena, yakira abantu 10.000, ku mugwa mukuru Kigali.
Mw'ikete ryo ku wa 23 Gitugutu (10) ryandikiwe NBA, umukenguzamateka w'Umudemokarate Jeffrey Merkley hamwe na mugenziwe w'Umurepubulikani Marsha Blackburn basavye ko NBA yobashikiriza inyishu yanditse bitarenze ku wa 2 Munyonyo (2) ku bijanye n'igituma ibandanya ikorana n'Urwanda.
Babajije bati: "Ni uwuhe murongo ntarengwa kuri NBA mu kwemera amafaranga ava mu bihugu bihonyanga uburenganzira bwa muntu?"
Mu bindi bibazo babajije, basavye kumenya ukuntu NBA ishobora guhuza "ingendo yayo yo kubandanya ikorana n'Urwanda n'ivyo ivuga ko ishigikiye ubutungane".
Nk'uko urubuga ngurukanabumenyi rw'inkino rwo muri Amerika ESPN rubivuga, icegera c'umukuru wa NBA, Mark Tatum, mu nyishu yiwe yavuze ko umurwi wa APR "wamaze gukurwa" muri BAL inyuma y'ivyo bihano vyafashwe mu ntango z'umwaka.
NBA yavuze kandi ko APR izobandanya gutaramurwa mu gihe cose ibi bihano vya Amerika bizoba bikiri mu ngiro.
APR ni umwe mu mirwi ikomeye ya basketball mu Rwanda kandi yaraserukiye igihugu muri BAL mu 2024 na 2025, aho yarangije iri mu kibanza ca gatatu. Uyu mwaka yasubirijwe n'umurwi RSSB Tigers.
BAL ni ihiganwa rya basketball rihuza imirwi yo muri Afrika ryatangujwe kandi ritegurirwa hamwe na NBA be n'ishirahamwe mpuzamakungu rya basketball FIBA.
Ni ihiganwa rihuza imirwi 12 iva mu bihugu bitandukanye vya Afrika.
Kuva BAL itanguye mu 2021, Urwanda rwakiriye inkino zose za nyuma n'izo gukuranamwo havuyemwo rimwe gusa.
NBA ivugwa ko ironka buri mwaka amamiriyoni y'amadorari atanzwe n'Urwanda biciye mu masezerano y'ugukorana n'uburenganzira bwo kwamamaza.
DR Congo imaze igihe yiyamiriza amasezerano mpuzamakungu akomeye y'Urwanda mu vy'inkino, harimwo ayo rufitaniye na NBA, imirwi y'umupira w'amaguru yo ku mugabane wa Buraya hamwe na Formula 1, isaba ko afutwa.
Congo ivuga ko ayo masezerano afasha Urwanda kweza isura yarwo ku rwego mpuzamakungu, mu gihe intambara zibandanya mu buseruko bwa DR Congo.