Uburusiya buvuga ko inganda zabwo zitatu zitunganya igitoro zatewe kuri uno wa gatanu
Moscou ivuga ko Ukraine yasubiye kugambararira Perezida Donald Trump wa Amerika ku vyo yasavye vyo guhagarika ibitero ku nganda zitunganya igitoro zo mu Burusiya, kubera ingaruka zavyo ku biciro vya mazutu.
Incamake
Uburusiya butangaza ko inganda zabwo zitatu zitunganya igitoro zatewe kuri uno wa gatanu
Anne Marie Niwemwiza, Bernard Bankukira, Gisele Berwa na Gildas Yihundimpundu.
Ni hano turangirije amakuru yacu mu buryo bw'ikibiriraho, isango rindi ni ku wa mbere mu gatondo, ariko murashobora kubandanya musoma amakuru asanzwe nk'uko bisanzwe, kuri https://ndjeirbsjao.shop/gahuza%3C/p%3E%3C/div%3E%3Cdiv dir="ltr" class="css-1k9op6x e17x9cvu0">
Mugire weekend nziza
Uburusiya buvuga ko inganda zabwo zitatu zitunganya igitoro zatewe kuri uno wa gatanu
Alexander Novak, icegera c’umushikiranganji wa mbere
w’Uburusiya, yatangaje ko kuri uno wa gatanu hagabwe ikindi gitero ku bigo
bitatu bitunganya igitoro vy’Uburusiya, hamwe n’uruganda rutunganya gaze.
Yavuze ati: “Ego, uno musi habaye ikindi gitero ku nganda
zitunganya igitoro. Uruganda rumwe rwononekaye gatoyi gusa, ariko muri rusangi
ubuhinga bwacu bwo kwivuna ibitero vyo mu kirere bwakoze neza.”
Novak asubirwamwo n’itororokanirizo ry’amakuru TASS avuga ko
inyuma y’igihe gito ata bitero bihabaye, ibitero ku nganda zitunganya igitoro
vyasubiye gutangura, ariko ko amakompanyi y’Uburusiya ariko arakingira ibikorwa
vyayo.
Imbere y’uko atangaza ibi, abategetsi b’Uburusiya ntibari
bwatangaze ibitero bishasha vyagabwe kuri izo nganda. Ariko umufasha wa
Perezida w’Uburusiya, Yuri Ushakov, yavuze ko ico gitero atari ikintu
gitangaje.
Yagirije ubutegetsi bwa Ukraine ko bwongeye kugambararira Perezida
Donald Trump wa Amerika ku vyo yasavye vyo guhagarika ibitero ku nganda
zitunganya igitoro zo mu Burusiya, kubera ingaruka zavyo ku biciro vya mazutu.
Yaba Novak canke Ushakov, nta n’umwe yavuze amazina y’izi nganda
zatewe kuri uwo wa gatanu.
Gusa, buramatari w’intara ya Samara yatangaje ko habaye
igitero gikomeye, mu gihe urubuga Fire Point rwavuze ko uruganda rw’igitoro rwa
Novokuibyshevsk ari rwo rwagabweko igitero.
Hagati aho, Uburusiya na bwo nyene nta gahengwe buha
Ukraine, aho havugwa ibitero mu ntara zitandukanye, harimwo, Kyiv na Dnipropetrovsk,
aho Uburusiya bwarashe ibigo ntanganguvu bigatuma umuyagankuba ucika, nk’uko
bitangazwa n’umushikiranganji wa Ukraine ajejwe amasoko ntanganguvu.
Mu ntara ya Sumy naho, umugore umwe yishwe abandi bantu umunani
barakomereka inyuma y’igitero c’indege zitajamwo abadereva (drone) z’Uburusiya
mu gisagara ca Shostka, muri iyo ntara.
Trump avuga ko intambara ya Iran igiye kurangira vuba
Ahavuye isanamu, Getty Images
Igihe yari mu myiyamamazo
y’amatora y’abashingamateka n’abakenguzamateka ateganijwe ku wa 3 Munyonyo (11)
muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Perezida Donald Trump yavuze ko yemera ko
intambara iri hagati ya Amerika na Iran igiye kurangira vuba, naho atasiguye
ingene ivyo bizoshikwako.
Mu kiganiro
yahaye iradiyo KCMO yo mu gisagara ca Kansas City, Trump yavuze ati: "Vuba
cane intambara irarangira."
Yavuze kandi ko Amerika
ikeneye icemezo c’uko Iran itazokwigera itunga ibirwanisho ruhonyanganda vy’ubumara.
Amaze imisi avuga ko Amerika itazotera Iran imbere
y’ayo matora.
Papa yohereje urupapuro rw'itora binyuze mu iposita
Ahavuye isanamu, EPA
Insiguro y'isanamu, Papa yohereje ijwi rye abinyujije ku iposita
Papa Leo yohereje ijwi rye mu matora yo hagati muri manda
muri Amerika, akoresheje uburyo bwo kohereza urupapuro
rw’itora binyuze mu iposita bizwi nka mail-in vote.
Bivugwa ko ari ubwa mbere mu mateka umushumba wa Kiliziya
Gatolika ku isi atoye mu matora asanzwe ya politiki adafitanye isano n’idini.
Vatikani yatangaje ko Papa yemera ko buri muturage afite
inshingano zo kugira uruhare mu bikorwa bya demokarasi, harimo no kwitabira
amatora.
Uyu Papa wavukiye mu mujyi wa Chicago, yanditse ku
rutonde rw’abemerewe gutora mu karere ka Will, muri leta ya Illinois.
Muri ayo
matora, abaturage barimo gutora senateri mushya, ubahagarariye mu
Nteko Ishinga Amategeko ya Amerika (Congress), ndetse na guverineri mushya
Ku rundi ruhande, Donald Trump, na we wigeze gutora
akoresheje uburyo bwo kohereza urupapuro rw’itora mu posita, avuga ko ubwo
buryo burangwa n’uburiganya bukabije. Icyakora, ubushakashatsi bugaragaza ko
ibibazo by’uburiganya bugaragara muri ubwo buryo bwo gutora ari buke cyane.
Tanzania na Angola vyumvikanye guhuza ibahari Indiyano na Atlantike biciye ku nzira ya gari ya moshi
Ahavuye isanamu, Getty Images
Tanzania na Angola vyumvikanye guhuza imihora yavyo yo
gutwara abantu n’ibintu ihuza Ibahari Indiyano n’Ibahari Atlantike biciye ku
nzira ya gari ya moshi izoca muri Zambia no muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo
(RDC), nk'uko vyatangajwe na Perezida wa Tanzania, Samia Suluhu Hassan.
Inzira ya gari ya moshi ya Benguela yo muri Angola izohuzwa
n’iya TAZARA ihuza Tanzania na Zambia, isanzwe igarukira ku kivuko ca Dar es
Salaam.
Ico gikorwa kizohuza Umuhora wa Lobito uri ku nkengera z’Ibahari
ya Atlantike n’Umuhora wo Hagati urangirira ku nkengera z’Ibahari Indiyano.
Mu mwaka wa 2025, Ubushinwa bwasinye amasezerano y’agaciro
ka miliyari 1.4 z’amadolari y’Amerika na Zambia hamwe na Tanzania yo
gusubiramwo no guteza imbere inzira ya gari ya moshi ya TAZARA, bukaba bwari
bwaraterereye mw’iyubakwa ryayo mu myaka ya 1970 mu ntumbero yo kworosha
ishorwa ry’ubutare bw’umujumpu no kwinjiza ibitoro.
Muri iyi ndwi, ikompanyi y’ubwubatsi yo mu Butaliyano , Webuild,
yatangaje ko yatsindiye isoko ryo kwubaka igice c’inzira ya gari ya moshi y’Umuhora
wa Lobito muri Zambia.
Inzira ya gari ya moshi ya TAZARA yari imaze igihe ibonwa
nk’iyasubirira Umuhora wa Lobito, ushigikiwe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika
hamwe n’Ubumwe bwa Bulaya, uhuza Angola, uciye muri Zambia, ugashika muri RDC.
'Muri F1 nta wigeze uhaba umeze nkanjye' – Hamilton
Ahavuye isanamu, Getty Images
Insiguro y'isanamu, Lewis Hamilton yatangiye gukina muri Ferrari mu 2025
Lewis Hamilton avuga ko ari umushoferi utandukanye n’abandi bose Formula 1 (F1) yigeze igira, kandi yongeye gushimangira ko afite umugambi wo gukomeza gusiganwa kugeza ageze mu myaka 45 cyangwa irenga.
Uyu mukinnyi wegukanye igikombe cy’isi inshuro zirindwi yavuze ko ashaka gukomeza muri uyu mukino kugira ngo agere ku nzozi ze zo kuzasiganwa muri Afurika. Ibi yabivuze nyuma y’imyaka myinshi aharanira ko isiganwa rya Grand Prix ryazajya ribera kuri uyu mugabane.
F1 yamaze gusinyana amasezerano y’imyaka 10 n’igihugu cy’u Rwanda, azatangira mu ntangiriro z’imyaka ya 2030. Iri rizaba isiganwa rya mbere rya F1 ribereye ku mugabane wa Afurika kuva mu mwaka wa 1993.
Uyu mwongereza yavuze ko mu myaka 70 ishize uyu mukino umaze nta wundi muntu wigeze ubamo umeze nka we, kandi ko yumva yararemwe mu buryo bwihariye butandukanye n’abandi.
Hamilton azaba afite imyaka nibura 45 igihe iryo siganwa rizabera. Ni imyaka ingana n’iyo Fernando Alonso, umushoferi wa Aston Martin, azaba afite mu mwaka utaha kandi azaba agikomeje gukina muri F1. Icyakora, mu kiganiro n’abanyamakuru cyabaye mbere y’isiganwa rya Grand Prix ryo muri Mexico muri iyi weekend, Hamilton yavuze ko akwiriye gufatwa nk’umwihariko.
“Ese mwabonye uburyo nakiriye ibintu vuba mu isiganwa riheruka? Nari nihuse kurusha bamwe mu bashoferi bakiri bato cyane bari hano.
Hamilton yagize ibihe bikomeye mu mwaka we wa mbere akorera ikipe ya Ferrari, ariko muri uyu mwaka yagize umusaruro mwiza cyane kurushaho. Muri byo harimo no gutsinda isiganwa rya Grand Prix rya Barcelona-Catalunya mukwezi kwa 6.
Hamilton yavuze ko yagaragaje ko agifite ubushobozi bwo guhatana ku rwego rwo hejuru muri uyu mukino.
Yongeyeho ati:“Igihe ni cyo kizerekana niba nzaba nkiri hano mu myaka ya 2030. Sinifuza gukomeza muri uyu mukino igihe ubushobozi bwanjye bwo kwitwara neza mu masiganwa buzaba butakiri ku rwego rukwiye, ku buryo naba nkomeje kuhaguma ntakibasha gutanga umusaruro mwiza.”
Ahavuye isanamu, CFOTO/Future Publishing via Getty Images
Mu gihe Kylian Mbappé yari yitavye ibirori vyo gutanga
agashimwe ka Ballon d'Or i Londres ku mugoroba wo ku wa mbere w’iyi ndwi,
yisanze mu mpari zikomeye ku mbuga nyagiro zo mu Bushinwa.
Abafana b’umupira w’amaguru babonye video aho Mbappé atera
inkuru kw’isanamu yo gukekeza avuga ko imutwenza kurusha izindi zose. Iyo sanamu
yerekana isura yiwe igeretse kw’isanamu y’indongozi y’umushinwa asa na Mao
Zedong, ari na we yatangujue intwaro ya gikomunista y’Ubushinwa.
Naho Mbappé atigeze avuga izina rya Mao mu buryo butomoye, benshi
mu bakoresha imbuga ngurukanabumenyi mu Bushinwa babifashe nk’ugutuka uwo
mutegetsi afatwa nk’ikimenyetso gikomeye kandi c’iteka muri kahise k’iki
gihugu.
Ivyo vyaciye biteza uburakari bukomeye bwakwiragiye n’umuvuduko
munini ku mbuga nyagiro zo mu Bushinwa. Abatari bake bagiriza uwo mukinyi wa Real
Madrid kutubaha Ubushinwa na kahise kabwo.
Ibigo vy’ubudandaji vy’Ubushinwa, kimwe inyuma y’ikindi,
vyaciye bihagarika amasezerano vyari bifitaniye na we, ikompanyi China Media
Group, ari nayo mwene televiziyo ya reta CCTV, na yo ica ihagarika kwerekana
inkino z’ihiganwa ry’umupira w’amaguru rya Espagne, La Liga. N’ubushikiranganji
bw’imigenderanire y’Ubushinwa n’ayandi makungu bwaraneguye ayo majambo, buvuga
ko “Amajambo n’ibikorwa bibabaza imitima y’Abashinwa vyiyamirizwa bikomeye mu mpande
zoze z’igihugu”.
Ariko igitangaje muri vyose ni uko benshi mu bagaragaje
uburake batari bazi neza ico Mbappé yari yavuze. Kubera uburyo bukomeye Ubushinwa
bukoresha mu kugenzura no gucengera ibica kuri internet, butuma abanyagihugu
bababa miliyari 1,4 batamenya ibiriko birazunguruka kuri internet kw’isi yose, benshi
ntibazi neza icabaye.
Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images
Insiguro y'isanamu, Gutuka canke gutyoza Mao Zedong, indongozi yatanguje intwaro ya gikomunista ni icaha gihanwa n'amategeko mu Bushinwa
Kubera igitsure gikomeye, Mbappé yasohoye ubutumwa bwo gusaba imbabazi ku mugaragaro, avuga ko yicuza cane ku majambo avuga ko ari mabi. Abarongoye Real Madrid na La Liga na bo nyene basavye imbabazi, ivyerekana ikibanza umupira w’amaguru mpuzamakungu ufise mu Bushinwa.
Naho abategetsi b’Ubushinwa bavuga ko bafashe iki gikorwa c’ugusaba imbabazi ko ari ikintu gihambaye, uburakari bw’abanyagihugu ku mbuga nyagiro buracakomeye. Bamwe bavuga ko gushinyaguriza Mao ari ikintu kidashobora kwihanganirwa naho umuntu yosaba imbabazi, mu gihe abandi baguma barondera kumenya mu vy’ukuri ico Mbappé yavuze.
Mw’itangazo ryarungikiwe ibimenyeshamakuru, ONU yavuze iti: “Umurwi w’Ishirahamwe
mpuzamakungu ujejwe gukurikirana ibijanye no gupfungira abantu ubusa, wasanze ipfungwa
rya Lissu ritubahirije amategeko kandi ko yapfunzwe ata mvo zumvikana.”
Lissu yatawe muri yompi kuva muri Ndamukiza (4) 2025, yagirizwa icaha c’ubuhemu,
gishobora no guhanishwa igihano c’urupfu. Bitegekanijwe ko urubanza rwiwe
ruzosomwa ku wa 6 Munyonyo (11) 2026.
Nk’uko umushingwamanza wa CHADEMA abivuga, ku wa 26 Gitugutu (10) 2026, Lissu
yaratanguye yegereyegere yo kwisonzesha mu ntumbero yo kwiyamiriza ingingo yo
kumubuza kubonana n’abamuburanira, ata wundi ariko arabumviriza.
Hambavu ya dosiye ya Lissu, abo bahinga ba ONU bagaragaje kandi impungenge
ku bantu amajana bivugwa ko bamaze igihe kirekire bapfunzwe muri Tanzania ata
mvo zumvikana, bakaba bataranarengutswa mu butungane.
Benshi muri bo bafashwe ku vyaha vy’ubuhemu no kugumuka, nk’uko abo bahinga
babivuga.
Ibiciro vy’igitoro bibandanya kuduga kw’isi inyuma y’amakuru avuga ko ubwato bwagiye buca ku ma ‘mine’ muri Hormuz
Ahavuye isanamu, Royal Thai Navy
Ibiciro vy’igitoro ku rwego rw’isi vyabandanije kuduga ku wa gatanu,
inyuma y’amakuru yavuzwe ko ubwato butari buke butwara igitoro bwagiye buca ku
bisasu vyo mu bwoko bwa ‘mine’ mu muhora w’ingombane wa Hormuz.
Nk’uko bishikirizwa na BBC Persian, ishami rya BBC ryandika mu rurimi rw’igi
Perse, izo mpanuka zongeye gushimangira ko hakiri akaga n’ingorane bishobora
gutuma ukwunguruza no gukwiragiza igitoro kw’isoko mpuzamakungu bihungabana.
Igiciro ca peterori izwi nka Brent isanzwe ari mfatirwako mu gushinga
ibiciro, ku bayiguze ariko bazoyishikirizwa mu kwezi kwa 12, ciyongereyeko idolari
1.20 gica gishika ku madolari 116.8 ku kagunguru kamwe.
Igiciro c’igitoro kidatunganije co muri Amerika kizwi nka West Texas Intermediate (WTI) na co nyene ciyongereyeko
idolari 1.37 kigera ku madolari 103.37 ku kagunguru.
Kuva mu ntango za kuno kwezi, igiciro c’igitoro co mu bwoko bwa Brent caduze
hafi urugero rwa 11 kw’ijana (11%), mu gihe ic’igitoro co muri Amerika caduze
hafi 14 kw’ijana (14%).
El Salvador: Uwahoze ari Perezida yafunguwe nyuma yo kurangiza igihano
Ahavuye isanamu, Reuters
Insiguro y'isanamu, Uwahoze ari perezida wa El Salvador Elias Antonio Saca ubwo yarimo gutanga ubuhamya imbere ya komisiyo mu iperereza ku bikorwa bya ruswa, mu 2021
Elias Antonio
"Tony" Saca, wahoze ari Perezida wa El Salvador wari warafunzwe azira
ibyaha bya ruswa, yafunguwe kuri uyu wa kane, nk'uko byatangajwe n'umwunganizi
we mu mategeko.
Ibiro ntaramakuru Reuters dukesha iyi nkuru, bivuga ko Saca, w'imyaka 61, yarangije igifungo cy’imyaka 10 yakatiwe, nyuma yo kwemera icyaha cyo
kunyereza umutungo n’iyezandonke ry’arenga miliyoni 300 z'amadolari ya Amerika
yari mu ngengo y'imari ya leta mu gihe yayoboraga igihugu hagati ya 2004 na
2009.
Umwunganizi we,
Mario Machado, yavuze ko uwahoze ari Perezida yarangije igihano cye cyose
atabonye inyungu zo kugabanyirizwa igihe cy'igifungo cyangwa kurekurwa mbere
y'igihe.
Yagize ati: "Imyaka 10 yose
yarangiye. Twaje mu rukiko gutanga amakuru yemeza ko yafunguwe."
N’ubwo Saca yakatiwe n’urukiko mu
mwaka wa 2018, igihano cye cyatangiye kubarwa bahereye muri 2016, ubwo yatabwaga
muri yombi, muri gahunda y'ubukwe bw'umuhungu we.
Saca ni umwe mu baperezida bane
bayoboye El Salvador bashinjwe ruswa, n’ubwo abandi batatu batigeze bakatirwa n’inkiko.
Mauricio Funes
na Salvador Sánchez Cerén bahungiye muri Nicaragua, mu gihe Francisco Flores
yapfuye urubanza rwe rutaratangira.
Saca, wari umucuruzi
akaba n'umunyamakuru, yayoboye El Salvador ahagarariye ishyaka ry'abatsimbarara
ku mateka yo hambere rya Nationalist Republican Alliance (ARENA).
Mu mwaka wa
2014, nyuma yo kwirukanwa muri iri shyaka, yagerageje kongera kwiyamamariza
kuyobora igihugu abinyujije mu ishyaka Grand Alliance for National Unity
(GANA), ariko Urukiko rw'Ikirenga rwemeza ko uko kwiyamamaza kunyuranyije
n'Itegeko Nshinga.
Ubushinjacyaha
bwamushinjaga gukoresha amafaranga ya leta ku nyungu ze bwite no gufasha abo
bari bafatanyije mu bya politiki, harimo no kohereza amafaranga menshi mu
ishyaka rye.
Mu zindi manza mbonezamubano, Saca yanategetswe kwishyura leta
miliyoni nyinshi z'amadolari, yari yaranyereje.
Umukinnyi wa filime w'icyamamare Sir Patrick Stewart yapfuye
Ahavuye isanamu, Getty Images
Insiguro y'isanamu, Sir Patrick Stewart, wamamaye muri filime y’uruhererekane rwa Star Trek, yapfuye afite imyaka 86
Umukinnyi wa filime, Sir
Patrick Stewart, wamamaye cyane kubera uruhare rwe muri filime y’uruhererekane
rwa Star Trek, yapfuye afite imyaka 86.
Amakuru y’urupfu rwe yatangajwe ku
mbuga nkoranyambaga ze, avuga ko yapfiriye iwe mu rugo i Los Angeles tariki 28 ukwakira
(10) nyuma yo kurwara indwara ya Alzheimer (kwibagirwa) n’indi izwi nka Lewy
Body Dementia ifata imitsi y’ubwonko kugeza aho butagifite ubushobozi bwo kwibuka, gutekereza, kwigenzura mu kugenda,…
Itangazo ryashyizwe hanze rivuga ko
yari kumwe n’umugore we Sunny, anakikijwe n’abagize umuryango n’inshuti ze za
hafi mu minsi ye ya nyuma.
Rikomeza rivuga ko yari ataramiwe,
yumva umuziki inyumvankumve, amasengesho, amarira n’ibyishimo, ibintu
byagaragazaga urukundo n’icyubahiro yari afitiwe n’abamwegereye.
Stewart asize amateka akomeye mu
mwuga yamazemo imyaka irenga 70.
Yegukanye ibihembo byinshi birimo
Emmy Awards na Golden Globes, ahabwa n’inyenyeri ku muhanda wa Hollywood Walk
of Fame ndetse anagirwa intwari y’Ubwongereza n’Umwamikazi Elizabeth II.
Ahavuye isanamu, Press Association
Insiguro y'isanamu, Mu bahaye agaciro ibikorwa bye, harimo n'umwamikazi w'Ubwongereza Elizabeth II
Patrick yavukiye i Mirfield mu ntara ya Yorkshire mu Bwongereza, mbere yo kwamamara mu itsinda ry’amakinamico rya Royal Shakespeare Company. Nyuma yaho yubatse izina rikomeye muri cinema, kuri televiziyo no ku rubyiniro rwa Broadway muri Amerika.
Abamuzi bavuga ko yari afite ijwi ryihariye n’impano idasanzwe byatumye yigarurira abakunzi ba cinema ku isi yose.
Uretse kumenyekana nka Kapiteni Jean-Luc Picard muri Star Trek, yanagaragaye mu zindi filime zikomeye zirimo izo muri Marvel Cinematic Universe.
Mu itangazo ryasohotse nyuma y’urupfu rwe, umuryango we wavuze ko ibikorwa bye by’ubuhanzi byaherekezwaga n’ubwitange bwe mu bikorwa byo gufasha abandi, birimo kurengera uburenganzira bwa muntu, gufasha impunzi, abarokotse ihohoterwa ryo mu ngo ndetse n’abahoze mu gisirikare bafite ibibazo by’ubuzima bwo mu mutwe.
Stewart azakomeza kwibukwa nk’umwe mu bakinnyi ba filime bakomeye bo mu bihe bye, wubatse umusingi ukomeye mu mateka ya sinema n’ikinamico ku isi.
Mu magambo yakuwe mu gitabo cy’amateka y’ubuzima bwe, yavuze ko n’ubwo ubuzima bwe bwamugejeje kure cyane, yakomeje gukunda aho yakomokaga, ibintu byamuhaga umwirondoro ushyitse wubakiye kuri gakondo ye, ndetse bikamwibutsa buri gihe umuhamagaro wo gutaha iwabo.
Amafaranga ‘crypto’ y’agaciro ka miliyaridi 6.3 USD yagizweko igitero co kuri internet
Ahavuye isanamu, VCG via Getty Images
Ikigo Binance gikomeye cane mu vyerekeye amafaranga yo kuri internet
azwi nka ‘crypto’, kivuga ko ingorane y’umutekano yabaye ku wa kane ku rubuga
rwaco yagize ingaruka ku matungo afise agaciro kagera kuri miliyaridi 6.3
z’amadolari y’Abanyamerika.
Binance, urubuga runini kuruta izindi kw’isi mu kugurisha no kugura
amafaranga yo kuri internet yo mu bwoko bwa ‘crypto’, ruvuga ko hafi ica kabiri
c’ayo matungo camaze guhagarikwa biciye ku bufasha bw’izindi mbuga zikora
ivy’ubwo bwoko bw’amafaranga.
Rwavuze kandi ko ruzoriha amahera yose azoba yatakaye.
Binance yavuze ko ivyegeranyo vya mbere vy’itohoza vyerekana ko abagize
igitero bashobora kuba baciye kuri mudasobwa ngendanwa y’umuhinga akora muri
ico kigo, yari ifise akagorane. Ako kagorane koba katumye uwagavye igitero
ashobora gukura amafaranga kuri urwo rubuga atabifitiye uruhusha.
Bivugwa ko ari co “gitero gihambaye kuruta ibindi vyose vyabaye muri
kahise” mu bijanye n’amafaranga yo kuri internet. Gisumba icari cabaye mu 2025,
aho urubuga Bybit rwibwe amafaranga afise agaciro ka miliyaridi 1.5 z’amadolari
y’Abanyamerika.
Iki gitero gishasha cegetswe ku murwi TraderTraitor wo muri Koreya ya
Ruguru usanzwe uzwi kuri mwene ubwo bugizi bwa nabi.
Ico kibazo cerekeye urubuga Binance.com. Ariko urundi rubuga ruto cane
rwa Binance.US, rutanga ‘services’ zo kugura no kugurisha ayo mafaranga ku
banyamerika gusa, rwavuze ko rutigeze rugirwako ingaruka n’ico kibazo.
Insiguro y'isanamu, Martin Fayulu arasaba EU kujyanisha dipolomasi n'ibikorwa
Ihuriro C64 ry’abatavuga rumwe n’ubutegetsi muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo (RDC) rirashishikariza Ubumwe bw’Uburayi (EU) gushyigikira 'bihagije' ibiganiro bya politike byo mu gihugu bihuza Abanyekongo bose.
Nk’uko bitangazwa n’urubuga rwa radiyo y’Abafaransa (RFI), abayobozi b’iryo huriro babisabye mu nama bagiranye n'abashinzwe akarere ka Afurika yo hagati muri SEAE (Urwego rwa EU rushinzwe ibikorwa byo hanze), yabereye i Bruxelles mu Bubiligi, ku wa kane tariki ya 29 Ukwakira.
Abayobozi ba C64 banenze icyo babona nk'ukutajyana kw'imvugo n'ibikorwa bya dipolomasi y'Ubumwe bw'Uburayi. Bavuga ko n'ubwo uwo muryango uhora ushimangira ko Afurika ari umufatanyabikorwa w’ingenzi kuri wo, kugeza ubu ibikorwa bifatika byo gushyigikira demokarasi muri RDC bikiri bike.
Martin Fayulu, umwe mu bayobozi b’iryo huriro, yagize ati: "Icyo
mudakora ni ukwamagana ihonyorwa rikomeje kandi rishingiye kuri gahunda y'uburenganzira bwa muntu. Icyo mudakora, ni ukwamagana umugambi wo kurenga ku
Itegeko Nshinga rya Congo. Icyo mudakora, ntimushyigikira bihagije ibiganiro bya
politiki birimo bose".
Ku bwe, "nta gufata ubutegetsi
binyuze mu kurenga ku Itegeko Nshinga, kandi nta no kubufata hakoreshejwe
intwaro."
Ububiligi, bubinyujije kuri Minisitiri wabwo w’Ububanyi n’Amahanga, Maxime Prévôt, bwamaganye ihuriro rishya rya politiki n’igisirikare ryitwa FRN (Front pour la Refondation de la Nation), riherutse gushingwa na Joseph Kabila wahoze ari Perezida wa RDC.
Nyuma y'inama i Bruxelles, intumwa za C64 zahuye
kandi n'ibiro bya politiki bya rimwe mu mashyaka ari ku butegetsi mu Bubiligi, ariko
ntizashoboye kubonana na Maxime Prévôt.
Icyakora, iryo huriro ribona ko Joseph Kabila akwiye kugira uruhare mu biganiro bya politiki bigomba guhuza Abanyekongo
bose.
Umukuru w’abatavuga rumwe n’ubutegetsi muri Israel, Gadi Eisenkot, hamwe
n’abakuru b’imigambwe y’Abayahudi b’Abarabu, baneguye umushikiranganji wa mbere Benjamin Netanyahu,
inyuma y’uko avuze ko hari ibihugu vyo hanze vyivanze mu matora.
Ni mu gihe ururani rw’imigambwe arongoye rwatakaje ubwiganze mu nama
nshingamateka.
Umugambwe Likud wa Netanyahu wagirije imigambwe y’Abayahudi b’Abarabu ko
“yivye” amatora. Urwego rujejwe umutekano w’imbere mu gihugu, Shin Bet, ruriko
ruratohoza nimba koko iyo migambwe yararonse amahera avuye muri Qatar no muri
Turukiya, mu buryo butemewe n’amategeko.
Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Qatar burahakana ivyo bwise
ibirego “biteye isoni kandi vy’akaga”. Bwagiriza abanyapolitike ba Israel gukoresha
amakuru y’ibinyoma mu ntumbero yo kwambika izina ribi Doha.
Ivyavuye mu matora vyerekana ko ata ruhande na rumwe, haba urushigikiye
Netanyahu canke urw’Abayahudi batavuga rumwe na we, rwaronse ubwiganze mu nama
nshingamateka.
Urunani rw’imigambwe y’Abayahudi b’Abarabu, ari yo The Joint List na Ra’am,
rwaronse amajwi asumba ayari yitezwe. Rufise ibibanza 19 kw’120 bigize inama
nshingamateka ya Israel. Ivyo vyatewe n’uko igitigiri c’Abayahudi b’Abarabu bitavye
amatora congerekanye ku rugero runini cane.
Ivyo bituma uwo murwi ushobora kugira uruhara rukomeye mu kugena
abazogira ubwiganze mu nama nshingamateka. Urunani rw’imigambwe rurongowe na Netanyahu
rwaronse ibibanza 53, mu gihe urw’uwo bahanganye cane, Gadi Eisenkot, rwaronse
48.
Ku wa kane, umugambwe Likud wagirije imigambwe y’Abayahudi b’Abarabu ko
yatanze amahera kugira abantu bayitore, inyuma y’uko umukuru w’akanama
k’igihugu kajejwe amatora asavye urwego Shin Bet gutohoza “amakenga akomeye”
y’uko hoba hari ibihugu vyo hanze vyivanze mu matora.
Imigambwe yompi y’Abayahudi b’Abarabu yarahakanye yivuye inyuma ivyo birego. Ishimangira ko ata shingiro
bifise.