Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.

Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa

Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke

Inyuma y'imyaka irenga 140, Mississippi iraronse umukenguzamateka wa mbere w'umwirabure

Scott Colom abaye umwirabure wa mbere aserukiye Mississippi mu nama nkenguzamateka ya Amerika mu myaka irenga 140, imbonekarimwe muri iyo ntara yiganjwemwo n’Abarepubulikani.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Anne Marie Niwemwiza, Bernard Bankukira, Didier Bikorimana na Gildas Yihundimpundu

  1. Mwakoze kubana natwe uyu munsi muri iyi gahunda y'amakuru yo mu buryo bw'aka kanya. Ni aho ku wa gatanu mu yindi gahunda nk'iyi.

  2. Amnesty International ishinja Sudani y'Epfo na ONU kudahagarika ubwicanyi bwahitanye abarenga 200

    Umuryango uharanira uburenganzira bwa muntu wa Amnesty International washinje ubutegetsi bwa Sudani y’epfo hamwe n’ingabo za ONU zishinzwe kubungabunga amahoro, kunanirwa gukumira ubwicanyi bwahitanye abantu barenga 200 mu mujyi wa Abiemnom, n’ubwo zari zarahawe amakuru y’igitero cyari cyitezwe mu byumweru bibiri mbere y’uko kiba.

    Muri raporo nshya yasohoye, Amnesty International ivuga ko muri Werurwe(3) uyu mwaka, abagabo bitwaje intwaro barenga 1,000 bagabye igitero muri uwo mujyi, bica abaturage barimo abana, baratwika banasahura inzu z'ubucuruzi.

    Uyu muryango uvuga ko abantu bishwe nabi cyane kuko batwikwaga cyangwa bagashimutwa mu buryo bwa kinyamaswa.

    Icyo gihe, abaturage benshi bari bahungiye ku birindiro bya ONU bashaka ubuhungiro.

    Amnesty International ivuga ko bamwe mu bishwe, barimo abantu barindwi, bapfiriye hafi y’irembo ry’ikigo cya ONU kiri muri uwo mujyi, aho abaturage bari bizeye kurindirwa umutekano, ariko bikarangira bahasize ubuzima.

    Ubutumwa bwa ONU muri Sudani y’epfo (UNMISS) bwemeye ko amakimbirane yari amaze ibyumweru bibiri afata intera mbere y’icyo gitero.

    Bwongeyeho ko bwahise bwohereza abapolisi 40 bo gufasha ingabo zabwo zishinzwe kubungabunga amahoro igihe imirwano yatangiraga.

    Amnesty International ivuga ko ONU yari ifite amakuru ahagije ku gitero cyari cyegereje, bityo uyu muryango ukaba usaba iperereza ryigenga ku bwicanyi bwo muri Abiemnom, ugasaba ko ababigizemo uruhare bose babiryozwa.

    Ku ruhande rwayo, ONU ivuga ko yakoze ibishoboka byose n’ubwo yari ifite ubushobozi buke bwo guhangana n’icyo kibazo.

    Izindi nkuru wasoma:

  3. RDC: Abasesenguzi baraburira ko ikibazo cyo kutihaza mu biribwa gishobora kurushaho gukomera

    Abantu hafi miliyoni 29 bo muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo (RDC) bari mu bibazo bikomeye byo kutihaza mu biribwa, nk’uko bigaragazwa n’isuzuma rishya ryashyizwe ahagaragara na guverinoma hamwe n’abafatanyabikorwa bayo mu bikorwa by’ubutabazi i Kinshasa.

    Isesengura rishya rya Integrated Food Security Phase Classification (IPC) rigaragaza ko abantu miliyoni 28.8 bashobora guhura n’inzara ikabije izakenera ubutabazi bwihutirwa hagati ya Nzeri(9) n’Ukuboza(12) uyu mwaka.

    Ibi bikaba bingana na 23% by’abaturage b’iki gihugu.

    Iyo Raporo ivuga kandi ko abantu bagera kuri miliyoni 3.6 bari mu cyiciro cya kane cya IPC, gisobanura urwego rw’ubutabazi bwihutirwa kubera ikibazo gikomeye cyo kutihaza mu biribwa.

    Uburasirazuba bwa RDC ni bwo bukomeje kwibasirwa cyane.

    Abantu barenga miliyoni 10 bo mu ntara za Kivu y’Amajyaruguru, Kivu y’Amajyepfo na Ituri bugarijwe n'ikibazo gikomeye cyane cy'imibereho.

    Teritwari za Djugu, Fizi, Shabunda na Walungu na zo ziri mu zashyizwe turi mu twashyizwe mu cyiciro cya kane cya IPC.

    Umuhuzabikorwa w’agateganyo wa Loni (ONU) ushinzwe ibikorwa by’ubutabazi muri RDC, Damien Mama, yavuze ko ibyagaragajwe n’iri sesengura ari ikimenyetso gikomeye cyo kwitondera, ashimangira ko ibikenewe mu rwego rw’ubutabazi bikomeje kurenga ubushobozi buhari.

    Umunyamabanga mukuru muri minisiteri y’ubuhinzi, Benjamin Toirambe Bamoninga, yavuze ko iri sesengura rizafasha inzego zibishinzwe kumenya aho zikwiye gushyira imbaraga no kuzamura umusaruro w’ibiribwa.

    Iri sesengura rya IPC riteganya ko ikibazo gishobora gukomeza gufata intera hagati ya Mutarama(1) na Kamena(6) umwaka utaha.

    Biteganyijwe ko abantu miliyoni 30.3 bashobora kuzaba bugarijwe n'ikibazo gikomeye cyo kutihaza mu biribwa mri icyo gihe, barimo miliyoni 4.2 bashobora kugera ku rwego rw’ubutabazi bwihutirwa (icyiciro cya kane cya IPC).

    Iyi raporo ivuga ko intambara, abaturage bahora bahunga aho gukora n’ibibazo by’ubukungu, biri mu bitiza umurindi iki kibazo gikomeje gufata intera.

    Izindi nkuru wasoma:

  4. Minisiteri y'ubuzima muri Gaza ivuga ko igitero Israel yagabye ku bitaro cyishe Abanye-Palestine batandatu

    Abantu batandatu bishwe naho abandi hafi kuri 20 barakomereka mu gitero cya Isirayeli cyo mu kirere cyagabwe ku bitaro bya Nasser biherereye mu majyepfo ya Gaza, nk'uko minisiteri y'ubuzima igenzurwa na Hamas ibivuga.

    Umuyobozi w'ibi bitaro yavuze ko misile ebyiri zakubise ku nyubako irimo serivisi zo kubaga n'ishami ryita ku barwayi barembye cyane (ICU) mu ijoro ryakeye, ariko ko imwe muri izo misile itaturitse.

    Minisiteri y'ubuzima ivuga ko abaganga, abarwayi n'abari baherekeje abarwayi bishwe muri icyo gitero, barimo na muganga ubaga Dr Rizq Abu Shaira.

    Iyi minisiteri, yamaganye icyo gitero, ivuga ko ari "ukurenga ku mategeko n'amasezerano mpuzamahanga mu buryo bugaragara".

    Igisirikare cya Isirayeli cyavuze ko cyari kigambiriye umuyobozi w'umutwe witwaje intwaro wa Hamas hamwe n'abarwanyi bandi bakoreshaga ibyo bitaro nk'"ibirindiro" byo guteguriramo ibitero bagaba ku ngabo za Isirayeli.

    Hamas yo yavuze ko Isirayeli irimo gukwirakwiza "inkuru z'ibinyoma" mu "mugambi ugaragara wo guhishira icyaha gishya cy'intambara".

    Mu mategeko mpuzamahanga, ibitaro ni ahantu ntavogerwa, ariko byakomeje kugabwaho ibitero inshuro nyinshi kuva intambara yo muri Gaza yatangira.

    Isirayeli ishinja Hamas gukoresha ibikorwa remezo bya gisivile mu nyungu za gisirikare. Ivuga ko uyu mutwe ubika intwaro kandi ugakorera ibikorwa byo kuyobora no kugenzura ibikorwa bya gisirikare yifashishije ibyo bitaro, ariko ibyo Hamas irabihakana.

    Isirayeli ntiyemerera ibitangazamakuru mpuzamahanga, harimo na BBC, kwinjira muri Gaza, ibintu bituma bigorana kugenzura mu buryo bwigenga amakuru ahavugwa, n’ibirimo kuhabera.

    Izindi nkuru wasoma:

  5. RD Congo: MSF ivuga ko miliyoni z'amadolari zo kurwanya Ebola zitarimo gukoreshwa ibyo zagenewe

    Umuryango w’abaganga batagira umupaka, Médecins Sans Frontières (MSF), uvuga ko miliyoni z'amadolari y'Amerika zigenewe guhangana n’icyorezo cya Ebola muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo (DRC) zitarimo kugera ku bakozi bo mu rwego rw’ubuzima barimo gukorera ahibasiwe na Ebola.

    Perezida wa MSF ku isi, Javid Abdelmoneim, avuga ko abaganga batarimo guhembwa, badahugurwa uko bikwiye ndetse ko barimo gukora akazi bibagoye kubera ubucye bw’ibikoresho bya ngombwa.

    Nta cyo leta ya DRC yahise itangaza kuri ibi birego bya MSF.

    Iryo tangazo rya MSF ririmo imvugo ikaze ni isuzuma rinenga cyane ukuntu ibikorwa byo kurwanya Ebola mu burasirazuba bwa DRC birimo kugenda.

    Dr Abdelmoneim avuga ko amafaranga menshi cyane y’imfashanyo atarimo kugera ku bakozi bo mu rwego rw’ubuzima, bigatuma basigara bagerageza guhangana n’iki cyorezo cya Ebola nta bikoresho bafite kandi badahembwa.

    Yavuze ko ibyo bintu bidashobora kwihanganirwa, atanga ingero z’ubucye bwa lisansi na mazutu byo mu modoka z’imbangukiragutabara (ambulances) n'iz'ubugenzuzi bw’iyo ndwara.

    MSF yasabye ko habaho gukorera mu mucyo kurushaho no kubaza inshingano leta ya DRC ku kuntu ayo mafaranga akoreshwa.

    Mu kwezi gushize, ikigo cy’Afurika cyo kurwanya no gukumira indwara (Africa CDC) cyavuze ko miliyoni hafi 700 z’amadolari y’Amerika – ni ukuvuga arenga miliyari imwe uyavunje mu mafaranga y’u Rwanda – bitazwi aho ziherereye.

    Izindi nkuru wasoma:

  6. Manchester United yabogoje umumenyereza wayo mukuru Michael Carrick

    Manchester United yasohoye itangazo imenyesha ko Michael Carrick yirukanywe mu kazi ko kumenyereza uwo murwi.

    Muri iryo tangazo, uwo murwi wagize uti:

    “Michael yagarutse muri uwu murwi muri Nzero (1), awufasha kurangiza uri mu kibanza ca gatatu muri Shampiyona y'Ubwongereza inyuma yo gutsinda inkino 12 muri 17 zari zisigaye, mu mwaka w'inkino wa 2025-2026. Ico gihe, umurwi waronse amanota menshi kurusha iyindi yose yo muri iyo Shampiyona.

    “Inyuma y'intango idashemeye muri uwu mwaka w'inkino, uwu murwi washitse ku ngingo itoroshe na gato y’uko hakenewe impinduka kugira ngo ushobore gushika kw’ihangiro.

    «Michael ni rurangiranwa muri Manchester United, kandi ni ko bizokwama. Nk'uko yabigize akiri umukinyi, n’ubu ni ko yavyifashemwo mu gukorana ukwitanga n’ubunyamwuga muri iki gihe yari yagarutse mu murwi. Uburobozi bwiwe hamwe n'ivyo yashitseko mu mwaka w'inkino uheze bizokwama vyibukwa.

    Izindi nkuru wosoma:

  7. Ukraine yagiriza Starshield kubangamira itumatumanako mu gihe Uburusiya bwongereje ibitero

    Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine avuga ko ingabo z’ico gihugu zahuye n’ihungabana rikomeye mu buryo bw’itumanaho bwa Starshield bwo muri Amerika, ryamaze iminsi itari mike, kandi rigahungabanya ibikorwa vya gisirikare vya Ukraine ku rubuga rw’intambara rwose.

    Nk’uko Zelensky yabivuze, izo ngingo zagabanije umuvuduko n’ubushobozi bw’itumanako hagati y’ingabo za Ukraine, bituma ingabo z’Uburusiya zoroherwa no kugaba ibitero ntahusha kandi vyahitanye abasirikare benshi ba Ukraine.

    Zelensky yavuze ko ingorane nk’izo nyene zari zibonekeje no mu kwezi guheze inyuma y’icuka kibi hagati yiwe na Perezida Donald Trump wa Amerika ku bijanye n’amasezerano y’ubudandaji bwa mazutu y’Uburusiya yavugwako ko yarenze ku bihano vyafatiwe Moscou.

    Starshield, uburyo bw’itumatumanako bwa gisirikare bw’ikompanyi Starlink ya Elon Musk, ni bumwe mu buryo kirumara Ukraine ikoresha mu gutunganya ibikorwa vyayo vya gisirikare kuva intambara n’Uburusiya itanguye.

    Zelensky avuze aya majambo mu gihe Ukraine yaraye isubiye gucucagirwa ibibombe n’Uburusiya mw’ijoro ryakeye. Ibisasu vya misire hamwe n’indege zitajamwo abadereva (drone) vyakubise uturere dutandukanye mu gihugu, harimwo n’umugwa mukuru Kyiv, aho umugore umwe yapfuye inyuma y’aho inyubakwa yabamwo iguweko n’igisasu. Uburusiya bwo buvuga ko bwarashe ibibanza bihingurirwamwo ibirwanisho.

    Ivyo bitero bibaye mu gihe habandanya utwigoro two kurondera amahoro hagati y’izo mpande zibiri. Intumwa zidasanzwe za Amerika, Jared Kushner na Steve Witkoff, zitezwe i Moscou mu mubonano na Perezida Vladimir Putin, inyuma y’ibiganiro vy’amahoro biheruka.

    Izi ntumwa za Amerika biteze gusaba Uburusiya kwemera ko ibihugu vy’i Buraya na vyo vyinjira muri ivyo biganiro, mu gihe hakiri ukutumvikana ku bibazo bihambaye birimwo ibijanye n’ubutaka hamwe n’umutekano wa buri ruhande.

    Ayandi makuru ushobora gusoma:

  8. Hegseth n’abahanuzi biwe bakebuwe mu burakari n’umusirikare arinda Imva y’Umusirikare Atazwi

    Umushikiranganji wa Amerika ajejwe kwivuna abansi, Pete Hegseth, hamwe n’abo bari kumwe baraye bakebuwe bikomeye nijoro ku wa gatatu n’umusirikare arinda Imva y’Umusirikare Atazwi iri mu kibanza c’icubahiro ca Arlington National Cemetery. Ibi vyabaye inyuma y’ibirori vyo gushira urugori rw’amashurwe ku mva mu guhimbaza Umunsi wahariwe Abahoze mu ngabo za Amerika.

    Hegseth yari yifatanije n’abandi kugira bifotoze, haca haba umwe muri bo atwenga, bituma uno musirikare arinda iyo mva ababwira n’uburakari hamwe n’ijwi rirenga ati: "Abashitsi bose basabwa kuguma batekanye no kwerekana icubahiro gikwiye igihe cose."

    Nk’uko ikimenyeshamakuru gikorana na BBC muri Amerika, CBS News, kibitangaza, mu bariko barifotoza harimwo abahanuzi ba Hegseth, Patrick Weaver na Tami Radabaugh, umukuru w’ibiro vyiwe Ricky Buria, hamwe n’umugore wiwe Jennifer Hegseth.

    Mw’itangazo, umuvugizi wa Pentagon (ubushikiranganji bwo kwivna abansi bwa Amerika), Sean Parnell, yavuze ati: "Mu gihe twari mu kwibuka uno musi w’icubahiro, umusirikare yakoze akazi kiwe neza kandi mu cubahiro mu kwibutsa bose inyifato ibereye no kwerekana icubahiro gikwiye."

  9. Intwazangabo mu gisirikare c’Uburusiya yaguye mw’iturika ry’imodoka i Saint-Petersbourg

    Abajejwe amatohoza mu Burusiya bavuga ko intwazangabo mu gisirikare yapfuye igihe imodoka yarimwo yaturika mu gatondo ko kuri uno wa kane, hafi y’inyubakwa y’akaguriro mu gisagara ca Saint-Pétersbourg.

    Itangazo ryasohowe n’urwo rwego rigira riti: "Abajejwe amatohoza buguruje dosiye y’ubwicanyi bw’umusirikare yishwe n’iturika ry’umuduga mu karere ka Pushkinsky."

    Abajejwe amatohoza hamwe n’abapolisi bamaze gushika aho vyabereye bakaba bariko barakora amatohoza “kugira ngo bamenye neza uko vyagenze”, nk’uko iri tangazo ribandanya rivuga.

    Imbere y’aho, itororokanirizo ry’amakuru Fontanka ryari ryatanze amakuru ko imodoka yariko inyongwa n’umusirikare yaturikiye kw’ibarabara rya Kolpinskoye mu kigwati ca Shushary, kiri mu karere ka Pushkinsky.

    Amakuru ya mbere avuga ko iyi ntwazangabo yari ifise ipete rya koloneli ari yo yariko inyonga iyi modoka igihe yaturika, Fontanka igatangaza ko yari ari kumwe n’umwe mu bagize umuryango wiwe, uwo na we akaba yarokotse ariko yakomeretse.

    Kuva intambara y’Uburusiya na Ukraine itanguye, haraheze imyaka irenga ine, intwazangabo nkurunkuru z’igisirikare zagiye zigandagurwa mu biturika vyabereye mu bisagara bitandukanye vy’Uburusiya, Ukraine ikaba ari yo yagiye yagirizwa.

    Ukraine yagiye yemera ko ari yo yagize uruhara muri bimwe muri ivyo bitero, ariko ibindi na vyo ikaba ataco yabivuzeko.

    Ubwo bwicanyi bwagiye bukorwa hakoreshejwe imodoka zatezwemwo amabombe, ibisasu bitegwa ku mapikipiki mato canke mu kurasa.

    Umusirikare mukuru kuruta abandi yishwe muri ubwo buryo kuva intambara yo muri Ukraine itanguye ni Liyetena Jenerali Igor Kirillov,yagandaguwe muri Kigarama (12) 2024 hafi y’inzu yabamwo i Moscou.

    Ivyo bitero vyarateje uburakari bwinshi mu Burusiya, mbere bikaba vyaranatumye Perezida Vladimir Putin yemera ko habaye agahaze mu nzego zikomeye z’iki gihugu zijejwe igendereza.

    Ayandi makuru ushobora gusoma ku ntambara y'Uburusiya na Ukraine:

  10. Igitero ca Israel ku bitaro cahitanye Abanya Palestina nibura batanu – Inzego zo muri Gaza

    Abanya Palestina n’imiburiburi batanu bishwe mu bitero vy’indege Israel yagavye ku nyubakwa iri mu bitaro vyitwa Nasser, mu bumanuko bwa Gaza, nk’uko BBC yavyiganiwe n’umukozi wo mu kigo kijejwe gukingira abanyagihugu, kigenzurwa n’ubutegetsi bwa Hamas.

    Ababibonye bavuga ko misire yatewe n’indege y’intambara yamaze akanya ica hejuru y’ako karere, mu nyuma ikubita inyubakwa y’ibitaro irimwo ivyumba bibagirwamwo abarwayi n’ibibanza vyakira indembe.

    Umuvugizi w’ico kigo yavuze ko abandi bantu 20 bakomeretse.

    Bivugwa ko mu bahitanywe n’ico gitero co ku wa kane mu gitondo, harimwo umuganga yari ajejwe kubaga.

    Igisirikare ca Israel nticari bwagire ico kivuga ku vyabaye. BBC yagerageje kukibaza ico kibivugako.

    Imbere y’aho, umuvugizi w’ikigo kijejwe gukingira abanyagihugu, Mahmoud Basal, yari yabwiye itororokanirizo ry’amakuru AFP ko abantu batandatu bishwe.

    Israel ntiyemerera BBC gukora amatohoza yigenga iri mu karere ka Gaza. Ivyo bituma idashobora kwemeza ido n’ido ry’ivyabaye.

    Ibikorwa vyo gukura abantu n’ibindi vyasambutse mu bisigarira vy’inyubakwa biriko bikorwa n’ikigo kijejwe gukingira abanyagihugu muri Gaza, gikora kiri musi y’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati bugenzurwa na Hamas. Ico kigo gifashwe mu mugongo n’ishirahamwe CICR.

    Amavidewo yashizwe ku mbuga ngurukanabumenyi n’abaharanira uburenganzira, yerekana umwotsi mwinshi imbere muri iyo nyubakwa, hamwe n’ugusambuka gukomeye kw’igoroga ya kabiri, aho ibikoresho vyo kwa Muganga n’ibitanda vyari vyasanzaye.

    Abo baharanira uburenganzira bakwiragije amakuru avuga ko ico gitero gishobora kuba cari kigamije kwica umukuru mu rwego rw’umutekano rwa Hamas, bivugwa ko yari yinyegeje muri iyo nyubakwa.

    Izindi nkuru wosoma:

  11. New York: Umusore w’imyaka 17 yafashwe ku rupfu rw’umunyeshure w’Umunya-Ghana

    Igipolisi co mu gisagara ca New York kivuga ko cafashe umusore w’imyaka 17 yagirizwa uruhara mu rupfu rw’umuyabaga w’Umunya-Ghana yishwe mu kwezi guheze.

    Uwo musore, adashobora kuvugwa izina kubera ko akiri muto, yagirizwa ivyaha birimwo ubwicanyi, hamwe no gutunga ibirwanisho mu buryo bunyuranye n’amategeko. Bitegekanijwe ko ashikirizwa sentare kuri uno wa kane.

    Javits Frimpong, umunyeshure w’imyaka 15, yarashwe n’abantu batamenyekanye ku wa 29 Gitugutu (10) igihe yari agiye kw’ishure. Igipolisi cari kimaze igihe kirondera abantu batatu bakekwako uruhara muri ubwo bwicanyi. Amashusho yafashwe na kamera (cameras) z’umutekano yerekana uwo muyabaga ariko ariruka ahunga abariko bamwirukako, umwe muri bo yambaye impuzu zirabura zose kandi apfutse mu maso.

    Se wiwe, Thomas Frimpong, avuga ko umuyobozi w’ishure umuhungu wiwe yigako yari yaramumenyesheje ko yakorerwa ihohoterwa n’abandi banyeshure, ivyatumye abanyeshure babiri bahagarikwa. Ariko ntibizwi nimba ivyo bifitaniye isano n’urupfu rwiwe.

    Nyina wiwe, Doris Adu Gyamfi, yabwiye BBC ko asaba ubutungane ku rupfu rw’umwana wiwe, akaba yanabisubiyemwo mu kiganiro n’abanyamakuru muri Amerika. Muri ico kiganiro, se wiwe na we yavuze ati: "Ico nsaba conyene ni ubutungane ku mwana wanje."

    Reta ya Ghana yiyamirije ubwo bwicanyi, igasaba ko ubutungane bukora.

    Nk’uko mushiki wiwe abivuga, Javits Frimpong yari afise indoto yo kuzoba umuganga kandi yari afise n’icipfuzo co kuzoba umusirikare. Bitegekanijwe ko azoshingurwa ku wa 20 Munyonyo (11) muri Amerika.

    Ayandi makuru ushobora gusoma:

  12. Iran yakangishije ko izokwica Trump na Netanyahu

    Général de brigade Kiomars Heidari, icegera c’Umukuru w’inama nkuru y’igisirikare ca Irani, yakangishije kwica abategetsi ba Reta Zunze Ubumwe za Amerika na Israel, nk’uko bishikirizwa na BBC Persian, ishami rya BBC ryandika mu rurimi rw’igi Perse.

    Muri videwo yashizwe ahabona n’itororokanirizo ry’amakuru rya reta ya Irani ku wa gatatu, uwo musirikare agaragara ariko avuga ati: “Tuzokwica Trump na Netanyahu”.

    Reta za Amerika na Israel ntaco zirashikiriza kuri ayo majambo.

    Muri ico kiganiro, Heidari yavuze ko ubu ubwato bwose bw’intambara bwa Amerika busigaye buhagarara ku birometero bigera ku 500 uvuye ku nkengera za Irani. Avuga ko ivyo vyatewe n’uko, ku magenekerezo ya 6 na 7 Gitugutu (10), ingabo za Irani zagavye ibitero ku bwato bubiri bw’intambara bwa Amerika.

    CENTCOM – bumwe mu buyobozi bw’ingabo za Amerika – yari yemeje, itaduduriyeko, ko habaye igerageza ryo kugaba ibitero kuri ubwo bwato ico gihe, ariko ica ivuga ko ata vyononekaye.

    Izindi nkuru wosoma:

  13. Iran ivuga ko izokwishura ibitero vyose vya Amerika, harimwo no gutera ibigo vyayo biri i Buraya

    Umunyamabanga w’Inama Nkuru y’Umutekano w’Igihugu muri Iran, Mohsen Rezaï, yagabishije ko Tehran izotera ibigo vya gisirikare vya Amerika, harimwo n’ibiri i Buraya, mu gihe vyokoreshwa mu gutanguza ibitero kuri Repubulika ya Kisilamu ya Iran.

    Mu kiganiro n’umunyamakuru al-Mayadeen wa televiziyo yo muri Libani cerekanywe nijoro ku wa gatatu, avuga ati: "Mu gihe hogira indege z’Abanyamerika ziguruka ziva ku kigo ca gisirikare ca Amerika, naho coba kiri mu gihugu c’i Buraya canke mu kandi karere ka kure, zikaza gutera Irani, ivyo bigo tuzobirasa."

    Yongeye avuga ko ibitero vyo gusubiza ibindi bitero bishasha vyogabwa na Amerika "vyokwibanda ku birindiro vya gisirikare vya Amerika biri kure cane, harimwo n’ivyo tutaratera gushika ubu", ariko ntiyasiguye vyinshi ku bijanye n’ivyo bibanza.

    Mohsen Rezaï yavuze kandi ati: "Dushobora no kuzorasa amazinga amwe amwe bo bibaza ko misire zacu zitoshikira."

    Intambara hagati ya Iran na Reta Zunze Ubumwe za Amerika yatanguye ku wa 28 Ruhuhuma (2) inyuma y’igitero rusangi ca Israel na Amerika kuri Tehran. Mu nyuma iyo ntambara yarakwiragiye no mu bindi bihugu vyo mu Buseruko bwo Hagati, harimwo ibihugu vyo mu Kigobe cAbarabu, Libani na Yemen.

    Inyuma y’amezi arenga umunani iyo ntambara itanguye, ibiganiro vy’amahoro nta ntambwe ikomeye biratera. Iyi ntambara ishingiye ku mugambi wa nikleyeri ya Irani, ariko Mohsen Rezaï yavuze ko ikibazo c’uno mugambi "kitari muri iki gihe" mu biganirwako hagati ya Iran na Amerika.

    Umugambi wa nikleyeri wa Irani umaze igihe kirekire uteza impari hagati ya Tehran n’ibihugu vy’Uburengero bw’isi, mu gihe Iran iguma ihakana ko ata mugambi wo guhingura ibirwanisho ruhonyanganda vy’ubumara ifise.

    Ku wa gatanu, igisirikare ca Amerika cemereye imiriyoni zishika 20 z’amadorari umuntu wese yotanga amakuru yerekeye umugambi wa nikleyeri ya Irani, ivyo Tehran ivuga ko "biteye iseseme".

    Ayandi makuru ushobora gusoma kuri iyi ntambara:

  14. Ambassadeur w’Uburusiya muri Amerika yapfuye ‘giturumbuka’

    Ubushikiranganji bw’Uburusiya bujejwe imigenderanire bwatangaje ko Alexander Darchiev, Ambassadeur wa Moscou muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, yashengeye afise imyaka 66.

    Uburusiya bwavuze ko uwo mudiplomate w’inzobere yapfuye “giturumbuka” ku mugoroba wo ku wa gatatu, igenekerezo rya 11 Munyonyo (11). Nta yandi makuru aratangazwa ku coba cateye urwo rupfu.

    Mw’itangazo Ubushikiranganji bw’imigenderanire bw’Uburusiya bwasohoye, bwamudondoye nk’“umudiplomate w’indyamunyu kandi yakorana neza n’abandi”. Bwashimangiye ko yakorera muri “kimwe mu bisata bigoye cane vya politike y’imigenderanire y’Uburusiya”.

    Alexander Darchev yinjiye mu bushikiranganji bw’Uburusiya bujejwe imigenderanire mu myaka ya 1990. Yagiye araserukira igihugu ciwe i Washington mu biringo bitandukanye. Yaraserukiye kandi Uburusiya yongera abubera n’umujenama mu karere ka Amerika ya Ruguru.

    Izindi nkuru wosoma:

  15. Inyuma y'imyaka irenga 140, Mississippi iraronse umukenguzamateka wa mbere w'umwirabure

    Umudemokarate Scott Colom yatsinze amatora y’abakenguzamateka muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika muri Mississippi, aha umugambwe wiwe wiwe intsinzi y’akataraboneka muri iyo ntara izwi ko itsimbataye ku mico ya kera kandi yari imaze imyaka mirongo yiganziwe n’Abarepubulikani.

    Intsinzi ya Colom w’imyaka 43 itumye aba umwirabure wa mbere wo muri Mississippi atsindiye intebe mu nama nkenguzamateka ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika inyuma y’imyaka irenga imyaka 140.

    Amajwi atarenze ibihumbi bitanu ni yo yatandukanije Colom n’umurepubulikani Cindy Hyde-Smith, bari bahanganye, uyu yari asanzwe ari umukenguzamateka.

    Iyi ntsinzi isigura ko Abademokarate bazoba bafise intebe 55 mu nama nkenguzamateka igizwe n’abantu 100, mu gihe ivyavuye mu matora yo muri Alaska bitaramenyekana neza kandi bikaba vyegeranye cane.

    Nk’uko ibiharuro bitangwa n’imboneshakure CBS bivyerekana, Colom yaronse amajwi 49.2%, mu gihe Hyde-Smith yaronse 48.7%, uwitoje ku giti ciwe na we aronka 2.1%.

    Mu butumwa bwa videwo yacishije ku rubuga rwa X, Hyde-Smith yakeje Colom, amwifuriza imigisha mu mabanga yiwe.

    Ntivyari vyitezwe ko ayo matora aba uko yabaye muri iyo ntara aho Perezida Donald Trump yatsinze amatora yo mu 2024 arusha abo bahiganwa amanota arenga 22%.

    Muri aya matora, Abademokarate baronse intsinzi ikomeye ku buryo bigaruriye inama nshingamateka na nkenguzamateka. Batsinze kandi mu ntara zari zisanzwe ari ibirindiro bikomeye vy’Abarerepubulikani, harimwo Texas, Caroline du Sud, Kansas na Iowa.

    Amatohoza yerekanye ko intsinzi ya Colom yavuye ahanini ku kungene abanyagihugu batishimiye uko ubutunzi bwifashe hamwe n’intambara yo muri Iran kuri iyi ntwaro ya Trump, ibi bikaba vyatumye baha umugongo umugambwe w’Abarepubulikani.

    Colom, yari asanzwe ari umushikirizamanza, mu myiyamamazo yiwe akaba yazungurutse mu turere twose tugize intara ya Mississipi.

    Ayandi makuru ushobora gusoma kuri aya matora ya hagati muri manda muri Amerika:

  16. Mwaramutse.

    Kaze mu makuru yo mu karere no mu makungu tubashikiriza mu buryo bw'ikibiriraho.