Trump yegetse ivyavuye mu matora ku ba Républicains batari nyabo n'imboneshakure Fox News

Ahavuye isanamu, Getty Images
Donald Trump yanditse ku rubuga rwiwe Truth Social, aho yagize ico avuze ku vyavuye mu matora vyari bimaze kumenyekana mw’ijoro.
Yagize ati: "Reka mbe umusesanguzi wa politike, mubi n'umwiza, nsigure imvo zatumye aba Bakandida batsinda canke batsindwa!"
Ati: "Iyo Greg Abbott, Buramatari wa Texas, ataza guhinduka RINO (impfunyafunyo y'Icongereza isigura umu Républicain kw’izina gusa) mu mezi atandatu ya nyuma y'Ubuzima bwiwe bwa Politike, ntiyari gutsindwa."
Trump yashize kandi ku rubuga ishusho y'inkofero itukura yanditseko ijambo "veto". Bisa n'uko yashaka kwerekana ko ashobora guhagarika itegeko iryo ari ryo ryose rizotorwa n’inama nshingamateka na nkenguzamateka nshasha zizoba zigenzurwa n'aba Démocrates.
Yaneguye kandi imboneshakure Fox News, ivyo akaba yari yiriwe abikora, aho yabaza igituma iyo mboneshakure yatumiye umu Démocrate Bill de Blasio, yahoze ari Buramatari wa New York, akaba umwe mu bari mu kiganiro cerekeye ibibazo vya politike.
Trump ati: "Fox News ifise uruhara muri uku gutsindwa, kubera ko iguma idahengeshanya gutumira abatavuga rumwe [natwe] b’aba Démocrates, n’ibibi birenze ivyo."
Mu masaha y’imbere y’aho ku mugoroba, yari yanditse ati: "Jewe sinari ku rupapuro rw’itora, kandi iyo mba nariko, twari GUTSINDA KU MAJWI MENSHI CANE! Murakoze kuba muzirikanye kuri iyi ngingo."
Izindi nkuru wosoma:



