Aba Houthi bavuga ko abantu n'imiburiburi 33 bishwe mu gitero c'indege

    • Umwanditsi, Sebastian Usher
    • Igikorwa, Umunyamakuru akurikirana ibibera irya n'ino kw'isi
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 3

Ibimenyeshamakuru bifitaniye isano n'umuhari w'aba Houthi muri Yemen bivuga ko abantu n'imiburiburi 33, harimwo abagore n'abana, bishwe mu bitero vy'indege z'intambara za Arabiya Sawudite.

Ihuriro ry'ibihugu riyobowe na Arabiya Sawudite, rishigikiye reta ya Yemen yemewe n'amakungu, ntaco riravuga kuri ivyo birego.

Amashusho yerekanywe ku mboneshakure Al Masirah, iyobowe n'Abahouthi, yerekanye abajejwe gutabara bariko bakura imibiri y'abantu mu bisigarira vy'inyubakwa zasambuwe n'ibitero mu gisagara ca al-Shariyah, kiri mu buseruko bw'umurwa mukuru Sanaa.

Muri iyo mibiri, hagaragaramwo n'iy'abana.

Iyo mboneshakure yerekanye kandi abantu benshi bakomeretse bareruwe ku nderuzo bariko bajanwa kwa Muganga.

Itororokanirizo ry'amakuru Saba, na ryo nyene riyobowe n'Abahouthi, ryavuze ko ico gitero cagabwe na Arabiya Sawudite ku wa gatandatu. Ryongerako ko abantu 39 bakomeretse.

Arabiya Sawudite imaze imyaka irenga cumi iyoboye ihuriro ry'ibihugu biriko birarwanya Abahouthi, mu gushigikira reta ya Yemen yemewe n'amakungu.

Intambara yo muri Yemen yari imaze imyaka itari mike isa n'iyagabanije ugukara, ariko yarongeye gukomera kubera intambara ya Irani.

Amasezerano yo guhagarika ingwano yatanguye gusambuka igihe Arabiya Sawudite yagaba igitero ku kibuga c'indege ca Sanaa, kiri mu minwe y'Abahouthi, mu ntumbero yo kubuza indege ya Irani kuhagwa.

Inyuma y'ivyo, Abahouthi bashigikiwe na Tehran baciye batera ikibuga c'indege ca Abha muri Arabiya Sawudite. Bahavuye batangura no gutera ubwato bwa Arabiya Sawudite bwari busigaye buca mu kiyaga gitukura, ku nkengera za Yemen, nk'uburyo bwo gushora igitoro busubirira umuhora wa Hormuz.

Kuva ico gihe, ingwano zaciye zikomera muri Yemen hagati y'Abahouthi n'abo mu migwi yitwaje ibirwanisho barwanira reta ya Yemen ishigikiwe na Arabiya Sawudite.

Ku wa gatanu, igitero cagabwe kw'isoko mu ntara ya Taiz, aho hamaze imisi haba intambara zikomeye, bivugwa ko cahitanye abantu 30.

Abahouthi bagirije Arabiya Sawudite kugaba ico gitero, mu gihe ingabo za reta na zo zagirije Abahouthi kurasa igisasu ca misile kuri iryo soko.

ONU ivuga ko abantu barenga 1.600 bamaze kwicwa, abandi barenga 300.000 barata izabo kuva ingwano zisubiriye gukara.

Arabiya Sawudite imaze igihe igaba ibitero vy'indege ku birindiro vy'Abahouthi. Uwo muhari na wo nyene umaze kurasa ibisasu vya misile vyinshi ku bibanza bitandukanye vyo muri Arabiya Sawudite, harimwo ibibuga vy'indege n'ibikorwa remezo bijanye n'igitoro.

Amasaha makeyi imbere y'igitero cashitse mu gisagara ca Al-Shariyah, ihuriro ry'ibihugu riyobowe na Arabiya Sawudite ryavuze ko ryatangiriye igisasu ca misile cariko kija mu gisagara ca Riyadh.

Mu nyuma, Ubushikiranganji bw'amasoko ntanganguvu bwa Arabiya Sawudite bwavuze ko umunara wa Aramco wakubiswe n'ibisigarira vy'igisasu mu gitero bwavuze ko cari kigamije ico kigo.

Iyo kompanyi ya reta itunganya igitoro, Aramco, yononekaye ngo bisanzwe.

Mahdi al-Mashat, umwe mu barongozi b'Abahouthi, yarahiye ko uwo muhari uzokwihora ku bitero vyagabwe kuri Yemen.