Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Perezida wa Israel yahaye umukuru w'abatavuga rumwe n'ubutegetsi igikorwa co gushinga reta
- Umwanditsi, Nathan Williams
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 3
Perezida wa Israel yavuze ko agiye guha umukuru w'abatavuga rumwe na reta, Gadi Eisenkot, igikorwa co gushinga reta nshasha ihuriyemwo imigambwe itandukanye.
Isaac Herzog amaze imisi agirana ibiganiro n'imigambwe, inyuma y'uko ata ruhande na rumwe, haba urwa Eisenkot canke urwa Benjamin Netanyahu asanzwe ari umushikiranganji wa mbere, rushoboye kuronka ubwiganze mu nama nshingamateka ya Israel (Knesset), inyuma y'amatora yabaye mu ndwi iheze.
Eisenkot agiye guhabwa imisi 28 kugira agerageze gushinga reta nshasha, akaba ashobora kwongerwa iyindi 14.
Uwo yahoze ari umukuru w'igisirikare ca Israel yanditse ku rubuga rwa X ati: "Iki ni co gihe co gushinga reta y'ubumwe mu bihe bidasanzwe. Nzokora ibishoboka vyose kugira twerekane ko tubibereye."
Nta mugambwe n'umwe urigera utsinda amatora muri Israel ku buryo uronka ubwiganze mu nama nshingamateka. Ivyo bisigura ko reta zose zagiye zirashingwa muri ico gihugu ziba zigizwe n'imigambwe myinshi yagiye hamwe.
Umugambwe Likud w'umushikiranganji wa mbere Benjamin Netanyahu hamwe n'abo bacuditse bo mu ruhande rwa 'Extrême droite' n'abayahudi b'aba 'Ultra-orthodoxes', baronse intebe 53 kw'120 zigize inama nshingamateka ya Isreal.
Umugambwe Yashar wa Gadi Eisenkot uri hagati mu vya politike, hamwe n'iyindi migambwe itatu y'Abayahudi itavuga rumwe na reta iri mu runani rwiwe, baronse ibibanza 48.
Inani zibiri z'imigambwe iyobowe n'Abarabu, ari zo United Arab List na Joint List, zaronse ibibanza 19, ari vyo vyinshi cane vyambere iyo migambwe ironse mu mateka yayo, inyuma y'iyongerekana rikomeye ry'abatora mu Bayahudi b'Abarabu.
Ivyo vyatumye izo nani zishobora kugira uruhara rukomeye mu guhitamwo uwuzoshobora gushinga reta. Ariko rero, imbere y'amatora, imigambwe yose y'Abayahudi, kiretse umwe, yari yiyemeje kutifatanya n'izo nani mu gushinga reta.
Herzog yavuze ko, inyuma yo kuganira n'imigambwe yose muri iyi ndwi, agiye guha Eisenkot akaryo ka mbere ko kugerageza gushinga reta.
Itangazo ryavuye mu biro vya Perezida wa Israel ryavuze ko yamenyesheje Eisenkot na Netanyahu ingingo yafashe.
Iryo tangazo ryavuze kandi ko, inyuma y'ibiganiro yagiranye n'intumwa z'abashingamateka bashasha batowe, Eisenkot yashigikiwe n'abashingamateka 67 ari we yokwemererwa gushinga reta, mu gihe Netanyahu yashigikiwe n'abashingamateka 46.
Perezida wa Israel arafise ububasha bwo kwihitiramwo umuntu abona ko ashobora kuronka imigambwe yomufasha gushinga reta. Nta tegeko rimusaba guha ico gikorwa umukuru w'umugambwe ufise intebe nyinshi kurusha iyindi mu nama nshingamateka.
Ivyavuye mu matora vyerekanye ko hari uburyo butatu bushoboka bwo gushinga reta: reta y'ubumwe irimwo imigambwe ya Netanyahu na Eisenkot; reta y'imigambwe yo ku ruhande rw'i buryo harimwo uwa Netanyahu hamwe n'aboshobora kwiyonkora kuri Eisenkot, canke gushinga reta iyobowe na Eisenkot, ishigikiwe n'imigambwe y'Abarabu.
Eisenkot hamwe n'abagize urunani rwiwe bose, kiretse umwe, bari baranse kwifatanya n'imigambwe y'Abarabu mu gushinga reta. Ariko hari abibaza ko hashobora kuboneka amasezerano yotuma bashobora gukorana.
Eisenkot ashobora kandi kugerageza kwumvikana n'imigambwe y'Abayahudi b'aba 'ultra-orthodoxes', ariko n'ivyo nyene ntivyoroshe.
Hariho akarorero k'aho reta y'ubumwe yigeze gushingwa. Mu 2020, inyuma y'amatora atatu aho vyari vyanse ko haboneka uwutsinze afise ubwiganze bukenewe bwo gushinga reta, Netanyahu hamwe n'uwo bahiganwa wo hagati mu vya politike, Benny Gantz, barumvikanye ku masezerano yo gusangira ubutegetsi, aho uburongozi bwagiye burahanahanwa hagati yabo bompi.
Mu gihe c'ibiganiro Herzog yagiranye n'imigambwe itandukanye, yari yavuze ko kugira ngo hirindwe ko haba ayandi matora no kugira ngo hashobore gushingwa reta itekanye, yiteze ko "imigambwe n'abayiserukira batahura ko, bivuye ku kuntu ibintu vyifashe ubu, atari amasezerano yose ashobora gushirwa mu ngiro."
Hagati ya 2019 na 2022, ikiringo cari kirangwamwo ukutumvikana gukomeye hagati y'imigambwe muri politike ya Israel, habaye amatora atanu atandukanye, kubera ko Netanyahu n'abo bahiganwa bagiye barananirwa incuro n'izindi kwumvikana kugira bakorane.