Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Imvo n'imvano: Ibihano vya Amerika ku Rwanda kubera intambara ya Congo hari ico bizoshikako?
Ikaze mu kiganiro c'imvo n'imvano co kuri uyu wa gatandatu igenekerezo ry'indwi, ukwezi kwa 11 mu 2026.
Uyu musi turabira hamwe ivyerekeye ibihano igihugu ca Reta zunze Ubumwe za Amerika kimaze igihe kiriko kirafatira igihugu c'Urwanda. Ibihano vya vuba n'ivyo gukura ico gihugu mu mugambi w'ubudandaji wa AGOA, ingingo izotangura gukurikizwa mu kwezi kwa mbere mu mwaka uza. Uwo mugambi worohereza ibihugu vyinshi vya Afrika gushorera ibintu bimwe bimwe muri Amerika bitarinze kuriha amakori. Mu gufata ivyo bihano, Amerika yagiriza Urwanda kutubahiriza agateka ka zina muntu, kutishira no kwizana muri politike hamwe no kubangamira inyungu za Amerika mu budandaji n'umutekano. Ibi bije bikurikira ibindi bihano vyaheruka gufatirwa ubushikiranganji bw'Urwanda bujejwe kwivuna abansi hamwe na banke Zigama CSS, kubera uruhara Amerika ivuga ko izo nzego zifise mu gufasha umugwi witwaje ibigwanisho wa M23, ugwaniriza reta ya Republika ya Demokrasi ya Congo mu buseruko bw'ico gihugu. Ubu uwo mugwi winjijwe mu runani rushasha ruzwi nka FRN rurongowe n'uwahoze ari umukuru w'igihugu wa Kongo Joseph Kabila.
Ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe ubutunzi buvuga ko ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw'Urwanda bwategetse abasirikare baharurwa mu bihumbi kuja kurwana ku ruhande rwa M23, butanga ibigwanisho, ibikoresho hamwe n'inyigisho. Amerika ivuga kandi ko amabuye y'agaciro yimbwa ahagenzurwa n'uwo muhari avangwa n'ayo mu Rwanda, ico gihugu kigaca kigurisha amabuye menshi hanze y'igihugu arenze kure ayimbwa imbere mu gihugu. Kuri ivyo bihano, umuvugizi wa reta y'Urwanda Yolande Makolo yabwiye BBC ati:"Amasezerano ya Washington arimwo ivyemejwe vyumvikana bijanye n'umutekano w'Urwanda, cane cane kurandurana n'imizi umuhari wagirizwa gukora jenoside mu Rwanda, FDLR, ufashwa na Congo bitarashirwa mu bikorwa, kandi bitariko birabazwa ico gihugu ca Congo." Ivyo bihano vya vuba bije kandi bikurikira ivyagiye birafatirwa abantu ku giti cabo bagirizwa kugira uruhara mu ntambara ibera mu buseruko bwa Congo, harimwo na James Kabarebe, umuhanuzi wa prezida Kagame mu bijanye n'umutekano. Prezida Donald Trump wa Reta zunze Ubumwe za Amerika ashira ku rutonde intambara yo muri Congo mu zo yatoreye inyishu mu masezerano yasinyiwe i Washington n'abakuru b'Urwanda Paul Kagame na Congo Felix Tshisekedi wa Congo mu kwezi kwa cumi na kabiri mu 2025, bahagarikiwe na Prezida Trump. Ariko ku rubuga, iyo ntambara irabandanya kubica bigacika. Onu ivuga ko, kubera iyo ntambara abantu barenga imiriyoni 6 ari bo bamaze guta izabo, abandi barenga umuriyoni bakaba bahungiye hanze y'igihugu. Onu kandi igabisha ko, atagikozwe, igitigiri c'abateshejwe izabo gishobora gushika ku miriyoni icenda, benshi bakazoba ari abo mu buseruko bwa Congo.
None kubera iki intambara ya Congo ibandanya inyuma y'ivyo bihano vyose vyagiye birafatirwa abatungwa agatoke kuyigiramwo uruhara? Ibi bihano hari ico bifasha mu kubaca intege? Canke n'ikimenyetso gusa? Kuki ibi bihano vyinshi biriko birafatwa na Amerika gusa?
Ibi ni vyo tugiye kwibandako muri iki kiganiro mwateguriwe kandi mugiye gushikirizwa na Cyriaque Muhawenayo.
Abatumire:
1. Dr Jason Stearns, umwanditsi, umwigisha wa kaminuza muri Canada akongera akaba n'umushakashatsi ku gihugu ca Congo,
2. Dr Zenon Ndayisenga yigisha kuri kaminuza ya Pretoria muri Afrika y'Epfo,
3. Prof Guy Bucumi, umwigisha w'ivyigwa vy'ibibazo mpuzamakungu muri Kaminuza ya Gisirikare ya Saint-jean muri Canada.