Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.

Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa

Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke

IKIBIRIRAHO , Umwongereza wanduye Ebola muri RD Congo agiye gusubizwa mu Bwongereza

Umuvugizi wa leta y'Ubwongereza avuga ko ibyago iyo virusi yica iteje ku bandi baturage b'icyo gihugu bikiri ku kigero cyo hasi.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Anne-Marie Niwemwiza, Bernard Bankukira, Didier Bikorimana, Gildas Yihundimpundu na Gisele Berwa

  1. Uburusiya na Ukraine birabandanya n’ibitero ku bigo ntanganguvu

    Uturere two hagati no mu buseruko bwa Ukraine turi mu bibazo vy’icikagurika ry’umuyagankuba inyuma y’ibitero vya misire n’indege zitajamwo abadereva (drones) vyagabwe n’Uburusiya ku wa kabiri, bikonona ibigo ntanganguvu.

    Isosiyete nini yigenga itanga umuyagankuba muri Ukraine, DTEK, yatangaje ko uturere twinshi two ku mugwa mukuru Kyiv turi mu twahuye n’ingaruka z’ivyo bitero.

    Umukuru w’igisagara, Vitaly Klitschko, yavuze ko abadasihika 50% ari bo inyubakwa zabo zironka umuyagankuba wo kuzisusurutsa. Yongeye gutangaza ko zimwe mu nzira za gari ya moshi zo mu gisagara zabaye zirahagaritswe gukora.

    Ahandi, abategetsi bashizweho n’Uburusiya mu ntara ya Luhansk iri mu buseruko bwa Ukraine batangaje ko abantu indwi bapfuye mu gitero cakozwe n’amadrone ku mabisi abiri. Abandi 14 barakomeretse muri ico gitero, harimwo n’imiyabaga ibiri.

    Imbere y’aho, Uburusiya bwari bwatangaje ko rumwe mu nganda nini zitunganya igitoro cahiye inyuma y’igitero c’amadrone.

    Amavidewo yahanahanywe ku mbuga nyagiro yerekana ibiturika n’umuriro mwinshi bivugwa ko vyabereye mu gisagara ca Ryazan, mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Moscou.

    Ukraine imaze igihe irasa inganda z’Uburusiya zitunganya ibitoro mu kwishura ibitero bikunze kugabwa ku bikorwa remezo vyayo.

    Ayandi makuru ushobora gusoma:

  2. Ronaldo yasezeye mu murwi nserukiragihugu wa Portugal

    Umusatirizi rurangiranwa wa Portugal mu mupira w'amaguru, Cristiano Ronaldo, yatangaje ko asezeye burundu gukinira umurwi nserukiragihugu.

    Uyu mukinyi w’imyaka 41, yaciye umuhigo kw’isi yose mu kwinjiriza Portugal ibitsindo 146 no gukina inkino 234 kuva atanguye gukinira igihugu ciwe mu 2003.

    Muri Nyakanga (9), Ronaldo yarivumbuye mu myiteguro y'umurwi serukiragihugu wa Portugal amaze kubwirwa ko atari gutanguzwa mu kibuga mu rukino rw’ihiganwa rya Nations League rwari guhuza Portugal na Danemark, ivyatumye acibwa ihadabu ry'amapawundi 215 hamwe no guhagarikwa mu kiringo c’imisi 30.

    Mu butumwa bwa videwo yashize kuri Instagram, Ronaldo yavuze ati: "Ku Banyaportugal, umunsi urashitse wo gusubiza inomero ndwi nahora nambara mu murwi nserukiragihugu.

    “Sinigeze numva ko iyo nomero yari iyanje jenyene, ariko mu myaka 23 nahawe amahirwe n'inshingano vyo kuyambara, kuyikingira no kuyinjirana mu bibuga bitandukanye kw'isi yose.

    “Uyu musi igihe kirageze co kuyiha urunganwe ruzokurikira. Si ingingo yoroshe gufata, kuko hari ingingo zidafatwa n'ubwenge gusa, ariko kandi zifatwa n'umutima.

    “Urugendo rwatanguye muri Myandagaro [8] 2003 rugahindura ubuzima bwanje burundu, ubu rurashitse kw'iherezo."

    Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru rya Portugal (PFF) ryavuze ko ridashobora kwakira ubu butumwa bwo gusezera uko nyene, ata cubahiro rihaye Ronaldo.

    Mw‘itangazo ryayo, PFF yagize iti: "Turipfuza cane gutegura no gufashanya mu buryo bwose bushoboka kugira ngo Cristiano Ronaldo ahabwe icubahiro gikwiye kubera urugendo rwiwe rw'akataraboneka mu mupira w'amaguru, aho abafana hamwe n'igihugu cose bazosubira kuronswa akaryo ko kumushimira no kunezerererwa ivyo yaduhaye."

    Ronaldo yakinye mw’ihiganwa ry’igikombe ca Buraya (Euro) incuro zitandatu. Portugal yarangije ihiganwa ari iya kabiri mu 2004, hanyuma itsindira igikombe mu 2016, gusa ikaba itigeze irenga igice ca kabiri gishira ica nyuma mw’ihiganwa ry’igikombe c’isi mu mwuga wiwe.

    Yabaye kizigenza w’umurwi nserukiragihugu kuva mu 2008, kandi yarafashije Portugal gutwara Nations League ya mbere mu 2019, hanyuma iriyongera mu 2025.

    Mukeba wiwe ruhebwa akaba n’umukinyi rurangiranwa wa Argentine, Lionel Messi, na we yasezeye ku mupira w'amaguru w'amakungu muri Gitugutu (10), mu birori vyuzuye ibigumbagumba vyabereye i Buenos Aires imbere y'abarenga 85.000 bari bitavye.

    Ayandi makuru ushobora gusoma kuri Ronaldo:

  3. Indege za Sosiyete y’indege ya Finnair zibasiwe n’iterabwoba ry’ibisasu bya baringa

    Sosiyete y’indege Finnair yatangaje ko indege zayo ebyiri, imwe yavaga i Helsinki yerekeza i Rome, n’indi ya Jettime yakoreraga urugendo rwa Helsinki-Vienna, zakorewe iterabwoba ry’ibisasu, ariko bakaza gusanga ayo makuru yari ibihuha.

    Iyi sosiyete yavuze ko ibi byabaye kuri uyu wa kane, kandi ko izo ndege zombi zageze amahoro aho zari zigiye.

    Yongeyeho ko abashinzwe umutekano i Rome basatse indege ikigera ku kibuga cy’indege ariko ntibagira ikidasanzwe babona.

    Muri Vienna na ho igenzura ryari rigikomeje, ariko kugeza ubu nta cyari cyaboneka.

    Finnair yagize iti: "Ku bw’amahirwe make, ibikorwa by’ingendo zo mu kirere rimwe na rimwe bihura n’iterabwoba nk’iri. Muri iki cyumweru twabonye n’izindi sosiyete z’indege mu Burayi zihura n’ubutumwa bw’ibisasu bw’impimbano."

    Yongeyeho iti: "Akenshi cyane ayo makuru y’iterabwoba aba nta shingiro afite."

  4. RDC yihanangirije abayobozi b'abatavuga rumwe n'ubutegetsi ko bashobora gufungwa bazira guhura na Kabila

    Minisitiri w’ubutegetsi bw’igihugu muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo yihanangirije abayobozi b’abatavuga rumwe n’ubutegetsi ko bashobora gufungwa baramutse bagiriye ingendo mu murwa mukuru wa Goma, muri Kivu y’amajyaruguru guhura n'uwahoze ari Perezida Joseph Kabila.

    NI nyuma y'uko uyoboye abatavuga rumwe n’ubutegetsi Moise Katumbi, yavuze ko we, Martin Fayulu n’uwahoze ari Minisitiri w’intebe Augustin Matata Ponyo bateguraga kujya guhura na Kabila nka zimwe muri gahunda z’abatavuga rumwe n’ubutegetsi mu ihuriro C64 ndetse n’abayishyigikiye.

    Mu nama yabo iherutse kubera i Roma, aba bayobozi niho bari batangarije ko bateganya kugirana ibiganiro bitandukanye na Perezida Félix Tshisekedi ndetse na Kabila mu rwego rwo gushaka umuti w'ibibazo bya politiki n'umutekano igihugu kirimo.

    Izindi nkuru wasoma:

  5. 'Impamvu yatumye dutsindwa ni intambara': Vance ariko yiyumvira kwitoreza kuba perezida mu 2028?

    Isesangura rya Daniel Bush

    Umumenyeshamakuru wa BBC ari i Washington

    Icegera ca Perezida wa Amerika, JD Vance, yatangaje benshi i Washington ku wa gatatu, igihe yavuga ata guca ku ruhande ko intambara yo muri Irani ari yo mvo nyamukuru yatumye umugambwe wiwe – ari wo w’aba Républicains – utsindwa mu matora yo hagati mu kiringo.

    Abatari bake babifashe nk’ukugerageza kwitandukanya na Perezida Donald Trump, imbere y’amatora y’umukuru w’igihugu yo mu 2028.

    Ukuntu Vance abona intambara yo muri Irani ni ibanga rizwi na benshi i Washington. N’ubwo yagiye ayishigikira ku mugaragaro incuro nyinshi, bivugwa ko mu nama yagiranye n’abategetsi bakuru bo muri reta ya Trump mu mwiherero, yagiye agaragaza ko atayishigikiye.

    Ariko, gushika ubu, ukwo kutayumvikanako ntikwari bwigere gushirwa ahabona mu buryo bweruye.

    Mu butumwa bw’amajambo 600 Vance yacishije kuri konte yiwe yo ku rubuga rwa X, yagize ati:

    "Nimba mushaka guharira ko [iyo ntambara] yari ikwiriye, ko gutakaza inama nkenguzamateka mu myaka itandatu iri imbere vyari bikenewe, aho [rero] nimuharire.

    "Nimuharire ko ico cari co kiguzi cari gikwiye kurihwa. Muvyemanga mutavyemanga, ivyo n’imiburiburi birimwo ukuvugisha ukuri."

    Ayo yari amajambo adasanzwe, kandi atari bwigere ashikirizwa mu myaka ya vuba. Biragoye no kwibuka ikindi gihe muri kahise ka politike ya Amerika aho icegera c’umukuru w’igihugu akiri mu mabanga yagiye ku mugaragaro akitandukanya na we mu buryo bukomeye ku kibazo gihambaye Trump azwiko cane mu bijanye n’imigenderanire n’ibindi bihugu.

    Haciye hakurikira ikindi kintu gishobora kuba catangaje abantu mbere kuruta ivyo. Trump, asanzwe akunda gusaba abategetsi bakuru bamwegereye kumugaragariza ko bamushigikiye badakekeranya, yaremeye ivyo Vance yavuze ko “ahanini” intambara ari yo yagize uruhara ku vyavuye mu matora.

    Ariko yongeyeko ko n’ubwo yosubira guhitishwamwo kuri ico kibazo n’ubu "nosubira kubigenza gutyo".

    Ico cabaye ikimenyetso co mu ntango cerekana ko Trump – asanzwe aha agaciro kanini ukudahemuka kw’abajenama biwe – ashobora kutazokwitambika imbere ya Vance hamwe yofata ingingo yo gutangura urugendo rwo kwiyamamariza ikibanza c’umukuru w’igihugu wa Amerika.

    Izindi nkuru wosoma:

  6. Ubufaransa bwiteguriye imyiyerekano ikomeye mu gihugu cose yo kwiyamiriza ubuzima buzimvye

    Ibihumbi amajana n’amajana vy'abanyagihugu bitezwe mu myiyerekano mu mihingo itandukanye y'Ubufaransa uyu munsi, mu rukurikirane rw’imyiyerekano yo kwiyamiriza ubuzima buzimvye hamwe n'ingorane zibonekeza mu kazi ka reta.

    Iyo myiyerekano yatangujwe n’abanyeshure yahavuye yaguka, ubu ikaba ihuriramwo n'abakozi bo mu nzego zitandukanye. Amasendika akomeye kurusha ayandi mu gihugu yahamagariye abakozi bayo guhakarika akazi, asaba ko imishahara yongerezwa kugira ngo ihangane n'iduga ry’ibiciro vy’ivya nkenerwa.

    I Paris, umugwa mukuru w'Ubufaransa, abategetsi biteze ko abantu bashika ku bihumbi 80 baza kwitaba imyiyerekano yemewe n’amategeko. Ariko umwuka mubi umaze gutangura kwigaragaza, aho imirwi y'abari muri yo yatanguye kuzibira amabarabara ikoresheje ibiseke vy'imicafu mu bibanza bitandukanye vy'igisagara.

    Hafashe ingingo ruhasha zo gucungera umutekano mu gihugu cose, abapolisi benshi bashirwa ku mabarabara kugira ngo bakurikirane uko imyiyerekano iriko iragenda. I Paris hamaze kwibonekeza uguterana inkokora no guterana amajambo hagati y'abari muri iyi myiyerekano bamwe bambaye udupfukamunwa n'abajejwe umutekano, hakaba hari impungenge ko hashobora kwaduka imishamirano mu masaha ari imbere.

    Iyi myiyerekano ni ikimenyetso c'uko uburakari bw'abanyagihugu ku bibazo vy'ubutunzi buguma bwiyongera. Amasendika amenyesha ko azokomeza gusaba ko imishahara yongerezwa kugira ngo abanyagihugu bashobore guhangana n'ubuzima bugenda buzimba, mu gihe reta nayo ikomeza kuba maso kubera ubwoba bw’uko iyi myiyerekano ishobora kwadukamwo imigyumuko.

  7. Tanzania: Sentare nkuru yakuyeho igihano co gukubita abanyeshure mu mashure

    Sentare nkuru muri Tanzania yatangaje ko amategeko yahora yemerera umwigisha guhana abanyeshure mu kubakubita inkoni ateye kubiri n’ibwirizwa nshingiro ry’ico gihugu, kandi ko ahonyanga uburenganzira bwa muntu cane cane ubujanye no kwubahiriza ubuzima hamwe no kudahohotera.

    Mu ngingo yafashwe kw’igenekerezo rya 3 Munyonyo (11) 2026 biciye ku rwego rwayo ruri i Dodoma, iyo sentare yafuse ingingo ya 2, iya 3 n’iya 6 zo mw’itegeko (ryo mu 2002) rigenga indero mu mashure, zerekeye ibihano vyo gukubita.

    Abacamanza bagize umwihwezo, basanze izo ngingo ziteye kubiri n’ingingo ya 12 (agace ka 2), hamwe n’ingingo ya 13 (agace ka 6), z’ibwirizwa shingiro rya Tanzania. Izo ngingo zishingira ku kwubahiriza agateka n’icubahiro c’umuntu, zikongera zikabuza ibikorwa canke ibihano bunyamaswa, vy’akagaye canke bitesha umuntu agaciro.

    Iyo ngingo yafashwe inyuma y’ikirego catanzwe mu mwaka wa 2025 n’uwitwa Samweli Maduhu Mangu, aho yitwarira ubushikiranganji bw’indero, afashijwe na LHRC, ishirahamwe ryunganira abanyagihugu mu vy’amategeko no kurwanira agateka ka zina muntu.

    Urwo rubanza rwari rwashingishijwe mu ntumbero yo gufasha umuvyeyi wa Mhoja Maduhu, umunyeshure wo mu mwaka wa kabiri w’amashure yisumbuye, yapfuye bitewe n’ibivugwa ko yoba yarakubiswe cane kw’ishure. Urupfu rwiwe rwatumye abantu basubira gusaba ko ibihano vyo gukubita bifutwa mu mashure.

    Mhoja yapfuye kw’igenekerezo rya 26 Ruhuhuma(2) 2025, kw’ishure ryisumbuye rya Mwasamba, mu karere ka Busega, mu ntara ya Simiyu. Amakuru BBC ifise avuga ko umwigisha yamukubise kubera atari yarangije igikorwa co mu mirwi mu cigwa c’indondabihugu.

    Ayo makuru nyene ashimangira ko uwo munyeshure yoba yakubiswe ku bihimba bitandukanye vy’umubiri, harimwo no mu mutwe, igihe yariko aragerageza kwikingira.

    Izindi nkuru wosoma:

  8. Trump yaba afite impungenge zo kongera kweguzwa?

    Perezida w’Amerika Donald Trump yavuze ko nta mpungenge afite ko ashobora kongera kweguzwa.

    Yabivuze ku wa gatatu, ubwo yavugaga bwa mbere mu ruhame nyuma yuko ishyaka rye ry’abarepubulikani ritsinzwe cyane mu matora yo hagati muri manda yabaye ku wa kabiri.

    Umunyamakuru yabajije Trump niba afite impungenge zo kuba ashobora kongera kweguzwa kuri ubu ubwo abademokarate bongeye kugenzura imitwe yombi – abadepite n’abasenateri – y’inteko ishingamategeko y’Amerika.

    Yagize ati: “Habe na gato.”

    Yavuze ko uko kweguzwa “kwasenya” ishyaka ry’abademokarate ndetse ko kwaba ari “ukweguzwa nta mpamvu”.

    Yagize ati: “Igihugu cyacu ubu kimeze neza [cyateye imbere] cyane kurusha mu kindi gihe icyo ari cyo cyose cyabayeho mu mateka yacyo.”

    Kugira ngo bisobanuke neza: Kuri manda ye ya mbere, Trump yegujwe inshuro ebyiri n’inteko ishingamategeko umutwe w’abadepite, ariko kuri izo nshuro zombi agirwa umwere na sena.

    Trump yahise asubira ku byo kuvuga ku cyumba kinini cyane cy’ibirori n’iminsi mikuru kirimo kubakwa mu nyubako y’ibiro bye bya White House, aho hantu kirimo kubakwa hakaba ari na ho yavugiye iryo jambo.

    Ati: “Murebe [ukuntu] inkingi irimo kuzamuka.”

    “Mutekereze rero noneho amatara y’imitako azaba atendera ku gisenge, mutekereze amakaro [yo mu mabuye] ya ‘marble’ azaba ashashe hasi.”

    Izindi nkuru wasoma:

  9. Amerika: Ivyavuye mu matora yo hagati mu kiringo ni 'intsinzi' ku banya Canada bizigiye agahengwe ku matagisi

    Ivyavuye mu matora yo hagati y’ikiringo aherutse kuba muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, ni vyo abanya Canada batari bake bari bipfuza – intsinzi ikomeye y’aba Démocrates isigura ko igice c’abatora badashigikiye ingingo za Perezida Donald Trump zo gushiraho amatagisi ku bidandazwa biva mu bihugu bisanzwe bifitaniye na Amerika imigenderanire ya hafi y’ubudandaji.

    Doug Ford, arongoye intara ya Ontario muri Canada, yagize ati: “Vyaranezereje cane.” Yongeyeko ko ari “intsinzi kuri Canada”.

    N’ubwo ivyavuye muri ayo matora yo ku wa kabiri bititezwe ko bizotuma Canada ikurirwako amatagisi ku bidandazwa mu gihe ca vuba, hari icizere ko ihinduka ry'umugambwe ufise ububasha muri politike ya Amerika rishobora gutuma haboneka ibikenewe bishobora gutuma Ottawa ironka amasezerano ayifitiye akamaro kanini, muri iki gihe ibiganiro ku vy'ubudandaji bikaba vyasubiye gutangura.

    Abategetsi b'aba Démocrates nka Hakeem Jeffries na Chuck Schumer, ubu bongeye kuronka ububasha bwinshi. Bompi mu mezi aheze bari basavye ko amatagisi ya Amerika yashizwe ku bidandazwa biva muri Canada agabanywa.

    Ariko rero, n’ubwo aba Démocrates ari bo bagenzura Inama nshingamateka na nkenguzamateka za Amerika, birashobora kutagira ico bihinduye kinini kuri ayo matagisi. Ingingo Perezida Trump yafashe zerekeye kuduza amatagisi ku vyinjira muri Amerika, ahanini yazifashe biciye mu mategeko ashirwaho na Perezida ubwiwe, atarinze kubanza kwemezwa n’inama nshingamateka na nkenguzamateka.

    Izindi nkuru wosoma:

  10. Trump avuga ko 'ahanini ni ukuri' ko intambara yo muri Iran ari yo yatumye abarepubulikani batsindwa mu matora

    Perezida w’Amerika Donald Trump yavuze ko “ahanini ni ukuri” ko intambara Amerika yatangije kuri Iran muri uyu mwaka ari yo nyirabayazana yo gutsindwa kw’abarepubulikani mu matora yo hagati muri manda yabaye ku wa kabiri.

    Trump yabivuze ku wa gatatu nyuma yuko Visi Perezida w’Amerika JD Vance asohoye itangazo rirerire ku mbuga nkoranyambaga avuga ko intambara yo muri Iran ari yo yatumye ishyaka ry’abarepubulikani ritsindwa cyane muri ayo matora, bigatuma imitwe yombi – abadepite n'abasenateri – y’inteko ishingamategeko ubu igiye kugenzurwa n’abademokarate.

    Ni ryo jambo rya mbere Trump yari avuze mu ruhame kuva ishyaka ry’abarepubulikani ritsinzwe muri ayo matora.

    Iryo jambo yarivugiye aharimo kubakwa icyumba kinini cyane cy’ibirori n’iminsi mikuru cyo mu nyubako y’ibiro bye bya White House. Icyo cyumba ni kimwe mu bintu arimo kwibandaho cyane kuri iyi manda ye ya kabiri. Nta byinshi yavuze kuri politike.

    Nubwo nta byinshi yavuze ku byavuye mu matora, nyuma y’ijambo rye yemeye kubazwa ibibazo bicye n’abanyamakuru kuri iyo ngingo.

    Trump yabajijwe kuri iryo tangazo rya Visi Perezida w’Amerika.

    Trump yagize ati: “Ahanini ni ukuri.”

    “Byatumye igiciro cya gaze [gasoline] kizamuka gacye, by’igihe gito.”

    Ariko yavuze ko ku bijyanye n’iyo ntambara n’ubundi yakongera akabikora nk’uko. Yongeyeho ko ibiciro bya gaze ari byo byababaje abatora, ko atari intambara yo ubwayo.

    Kuri Minisitiri w’ingabo Pete Hegseth, Trump yavuze ko atarimo gutekereza ku kumwirukana, avuga ko yakoze “akazi keza cyane”.

    Ku bijyanye n’abademokarate, Perezida w’Amerika yavuze ko yiteguye gukorana na bo, igihe cyose bazaba “badasenya”. Yavuze ko agifite ububasha bwo kuburizamo amategeko yabo mu nteko ishingamategeko.

    Izindi nkuru wasoma:

  11. Umwongereza wanduye Ebola muri RD Congo agiye gusubizwa mu Bwongereza

    Umwongereza w’umugabo wanduye Ebola muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo (DRC) azasubizwa mu Bwongereza.

    Ni we Mwongereza wa mbere wemejwe ko yanduye Ebola muri iki cyorezo cya vuba aha cyatewe n’ubwoko bw’iyo virusi budakunze kuboneka ariko bwica bwa Bundibugyo bwagaragaye muri DRC, bumaze kwica abantu barenga 5,000.

    Ntibisobanutse igihe urugendo rw’indege rw’uwo mugabo ruzabera.

    Mbere, umuvugizi wa leta y’Ubwongereza yavuze ko hari “uburyo buhamye bwo guhangana n’ibintu nk’ibi” ndetse ko ibyago ashobora guteza ku bandi baturage b’icyo gihugu bikiri ku kigero cyo hasi.

    Mu gusubiramo ibiri mu nyandiko y’imbere aho akora BBC News yo itabonye, ibiro ntaramakuru Reuters byatangaje ko uwo mugabo wanduye Ebola ari umukozi wo mu rwego rw’ubuvuzi.

    Abantu bajyana Ebola mu Bwongereza barayanduriye ahandi ni ibintu bibaho gacye cyane mu Bwongereza ndetse nta mpfu byigeze biteza.

    Mu mateka y’Ubwongereza, abantu bane ni bo bemejwe ko banduye iyo virusi. Umwe, wayanduye mu 1976, byari bivuye ku byabereye muri laboratwari, ndetse n’abandi bakozi batatu bo mu rwego rw’ubuvuzi bari bari mu bikorwa byo guhangana n’icyorezo cya Ebola muri Afurika y’uburengerazuba hagati y’umwaka wa 2014 n’uwa 2015.

    Abantu barenga 10,000 bemejwe ko banduye Ebola muri iki cyorezo gishya – cyadutse ku nshuro ya 17 – mu burasirazuba bwa DRC kuva gitangajwe muri Gicurasi (5) uyu mwaka. Ni cyo cya kabiri kimaze kwica abantu benshi cyane, nyuma y’icyo cyo muri Afurika y’uburengerazuba.

    Ubu cyabaye icya mbere kimaze kwica abantu benshi mu mateka ya DRC, aho kugeza mu mpera y’ukwezi gushize cyari kiri ku gipimo cyo kwica kiri ku kigero cya 48.6%.

    Izindi nkuru wasoma:

  12. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw'aka kanya.