Amerika yemereye imiriyoni $20 umuntu wese azoyiha amakuru ku mugambi wa nikleyere wa Iran

    • Umwanditsi, Nathan Williams
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 4

Amerika yatangaje ko izotanga ingero ishika ku miliyoni 20 z'amadolari ku muntu wese azoyironsa amakuru ajanye n'umugambi wa niklyere wa Irani.

Urwego rwa reta ya Amerika rujejwe gutanga ubushimwe ku batanga amakuru mwene ayo, ruvuga kandi ko rushobora gufasha kwimurira mu kindi gihugu umuntu azotanga ayo makuru.

Perezida wa Amerika, Donald Trump, yari yatangaje mu mwaka uheze ko ibibanza vya Irani bikorerwamwo ivyerekeye inguvu za nikleyere vyasambuwe burundu, inyuma y'ibitero vy'indege Amerika na Israel zagavye kuri ico gihugu.

Irani iguma isigura ko porogarama yayo ari iya nikleyere y'amahoro gusa, kandi ko ata mugambi ifise wo gukora ibirwanisho ruhonyanganda.

Hagati aho, igisirikare ca Amerika kivuga ko kiriko kirashiraho umurwi udasanzwe ujejwe gukomeza utwigoro twa Washington two kubuza Irani gucisha ku mbibe zayo ibirwanisho hamwe n'ibikoresho vyafatiwe ibihano.

Bumwe mu buyobozi bwa gisirikare bwa Amerika bwitwa CENTCOM, bwavuze ko umurwi udasanzwe witwa 'Task Force Iron Gate' uzokorera mu gisagara ca Tampa, muri reta ya Florida, ukazokorana n'izindi nzego za reta ya Amerika.

Uretse gukurikirana uruja n'uruza rw'ibirwanisho, uwo murwi uzokwibanda kandi ku kurwanya no kuzibira ibikoresho bishobora gukoreshwa mu bikorwa vya gisirikare no mu bikorwa vya gisivire, hamwe n'uburyo butemewe bwo kwinjiza amafaranga.

CENTCOM ivuga ko ibihano vyo mu mazi yashize ku bivuko vya Irani vyatumye ico gihugu kidashobora gushora hanze ibitoro vy'agaciro karenga imiliyaridi 25 z'amadolari y'Amerika.

Itangazo Amerika yasohoye ku bijanye n'impembo y'amamiliyoni y'amadolari, yavuze ko ayo mahera azohabwa umuntu wese azotanga amakuru ajanye na porogarama ya nikleyere ya Irani, harimwo ayerekeye «ibibanza, ibikoresho n'abantu bafitaniye isano n'iyo porogarama».

Iryo tangazo ryavuze ko kuba Irani itubahiriza ivyo isabwa n'Urwego mpuzamakungu rujejwe inguvu za nikleyere (IAEA), mu bijanye n'amasezerano yo kugenzura ibikorwa vyayo vya nikleyere, vyatumye urwo rwego rutakaza ubushobozi bwo gukurikirana no kumenya neza uko Irani iriko irakora canke ingene ishingura ibice nyamukuru bikenerwa muri iyo porogarama, nk'imashini zitwa 'centrifuges'.

Izo mashini zirakenerwa mu gukora 'uranium' ihinguye kandi yongewe inguvu. Iyo 'uranium' ishobora gukoreshwa mu guhingura igitoro gikoreshwa mu vyuma bitanga inguvu za nikleyere (réacteurs), ariko kandi, iyo yongerejwe ubushobozi gushika ku rugero rwa 90% canke rurenga, irashobora gukoreshwa mu gukora ibirwanisho ruhonyanganda.

Hari haciye imisi bivugwa cane ko, inyuma y'amatora yo hagati mu kiringo, Amerika ishobora gusubira kugaba ibitero bikomeye kuri Irani. Ariko imbere y'ayo matora, Trump yari yabwiye abanyamakuru ko ata cihutirwa cotuma ivyo bikorwa.

Mu kiganiro yahaye Imboneshakure Fox News ku musi w'imbere y'amatora, uwo mukuru w'igihugu yavuze kandi ko Amerika «ishobora gukenera kugaba igitero ku kibanza citwa Pickaxe Mountain», ikibanza co munsi y'ubutaka gifitaniye isano na porogarama ya nikleyere ya Irani.

Trump yavuze ko ivyo «atari ikintu gikomeye» kandi ko vyoshobora gukorwa mw' «isaha imwe».

Uwo mukuru w'igihugu yari amaze gukangisha incuro nyinshi ko Amerika izotera ibisasu kuri ico kibanza co munsi y'ubutaka gikekwa ko gifitaniye isano na porogarama ya Irani ya nikleyere.

Ariko rero, Trump hamwe n'icegera ciwe JD Vance baremera ko abantu benshi muri Amerika badashigikiye intambara na Irani, kandi ko ivyo vyagize uruhara mu gutsindwa gukomeye kw'aba Républicains mu matora yo hagati mu kiringo aherutse kuba. Ivyo vyatumye hibazwa ko reta ya Amerika ishobora kuba itacipfuza kubandanya iyo ntambara.

Ku wa gatanu, Trump yashimangiye ko Irani ishaka cane guhagarika intambara imaze amezi umunani ihanganyemwo na Amerika, yerekana ingaruka iyo ntambara yagize ku butunzi bwa Tehran no ku gisirikare cayo.

Yagize ati: «Ubu turiko turaganira na bo. Barashaka cane gushika ku masezerano».

Ku wa kabiri, umuvugizi wa reta ya Qatar mu bijanye n'imigenderanire n'ayandi makungu yavuze ko impande zompi «ziriko zirihweza ivyiyumviro twazishikirije», yongerako ko bagifise icizere c'uko hazoshobora kwumvikanwa ku masezerano.

Abaserukira Irani mu biganiro bari baganiriye n'abahuza ku ciyumviro co gusubira kwugurura Umuhora wa Hormuz mu kiringo c'imisi ibiri, igihe Amerika izoba imaze kwemera ivyo Irani isaba.

Amerika na Irani vyari vyashitse ku masezerano y'intango yo guhagarika intambara no gusubira kwugurura uwo muhora muri Ruheshi (6), ariko ayo masezerano yahagaze inyuma y'indwi nkeya, igihe Irani yasubira kugaba ibitero ku bwato bwari mu mazi, Amerika na yo igasubira gushiraho ibihano vyo mu mazi kuri Irani.