Tanzania: Amashirahamwe aharanira agateka ka muntu yateye ivyatsi igihano Sentare yaciriye Tundu Lissu

Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 3

Amashirahamwe atandukanye aharanira agateka ka zina muntu yaneguye igihano co gupfungwa imyaka ine umukuru w'umugambwe CHADEMA, Tundu Lissu, yaciriwe na Sentare nkuru yo muri Tanzania ku wa gatanu, ku caha co guteza imigumuko.

Ku bwa Amnesty International, ico gihano ni ingaruka z'urubanza rivuga ko, kuva mu ntango, rwabaye ata muco n'ubutungane birimwo. Umuyobozi w'iryo shirahamwe mu karere ka Afrika y'ubuseruko n'iy'ubumanuko, Tigere Chagutah, yavuze ko Lissu atari akwiye gufatwa, kurengutswa canke kwagirwa n'ivyaha.

Nk'uko Amnesty ibivuga, Lissu yamaze imisi 577 apfunzwe vy'agateganyo azira ko yakoze ivyo arekuriwe n'amategeko. Ishimangira ko uwo munyapolitike yankiwe no kuvugana n'abamuburanira mw'ibanga, ivyatumye ahitamwo kwiburanira.

Iryo shirahamwe rivuga kandi ko ibiganiro vy'ikibiriraho ku kungene urubanza rwariko ruragenda vyaciye bihagarikwa, mu gihe bamwe mu bari baje kurukurikirana bavuye mu mahanga batawe muri yompi, mu nyuma bakirukanwa ku butaka bwa Tanzaniya. Ryemeza ko Tundu Lissu yapfunzwe mu buryo butabereye. Risaba Tanzaniya gufuta ico gihano, ikamurekura akidegemvya ata kirinze gusabwa, ikongera ikubahiriza uburenganzira bwo guserura ivyiyumviro no gukoranira hamwe mu mahoro.

Ku ruhande rwaryo, ishirahamwe Human Rights Watch (HRW) ryavuze ko ico gihano ari ikimenyetso c'ivyo ryise ukubandanya kw'agacinyizo gakorerwa abatavuga rumwe n'ubutegetsi muri Tanzaniya. Ku bw'iryo shirahamwe, urubanza rwa Lissu rwatumye haduka amakenga ku bijanye n'agateka ka zina muntu kubera ko rwagiye rurateba kenshi, hamwe n'uko hari ibirego bivuga ko yankiwe kuvugana n'abamuburanira bari ukwa bonyene.

HRW yasavye abategetsi ba Tanzaniya kureka gukoresha ubutungane mu guhana abatavuga rumwe n'ubutegetsi, ahubwo bakubahiriza uburenganzira bwa politike n'ubwo guserura ivyiyumviro.

Ishirahamwe Pan-African Solidarity Network (PASNet) na ryo ryasavye ko Lissu arekurwa ubwo nyene ata gisabwe. Rivuga ko ico gihano co gupfungwa imyaka ine gitumye hibazwa ibibazo ku kuntu urubanza rwiwe rwaburanishijwe no ku bwigenge bw'amasentare muri Tanzaniya.

PASNet ivuga ko Lissu yagiriwe n'icaha gitandukanye n'ico yari yagirijwe agifatwa, kandi ko atahawe akaryo gahagije ko kwiregura. Iryo shirahamwe ryagaragaje kandi amakenga ku bijanye n'amagara yiwe, kuronka ubuvuzi bwihariye hamwe n'ingaruka kuguma apfunzwe bishobora kugira ku muryango wiwe.

Risaba ONU, Ubumwe bwa Afrika (AU) hamwe na Komisiyo ya Afrika ijejwe agateka ka zina muntu gushinga umurwi wigenga wo ku rwego mpuzamakungu kugira utohoze ku birego vy'ihonyangwa ry'agateka ka zina muntu bivugwa ko ryabaye inyuma y'amatora rusangi yo mu 2025 muri Tanzaniya.

Ibirego vyo mu rubanza rwa Tundu Lissu vyari bishingiye ku majambo yagirizwa kuba yaravuze kw'igenekerezo rya 3 Ndamukiza (4) 2025, mu nama yahuje abakandida ba CHADEMA ku biro vy'umugambwe biri i Mikocheni, Dar es Salaam.

Ubushikirizamanza buvuga ko yari agamije guhimiriza abanyagihugu kubuza ko haba amatora rusangi yo muri Gitugutu (10) 2025, akagira n'intumbero yo gutera ubwoba reta. Ariko Tundu Lissu yarahakanye ivyo birego vyose.

Urwo rubanza rwatanguye kwumvirizwa ku mugaragaro muri Sentare nkuru kw'igenekerezo rya 8 Nyakanga (9) 2025, imbere y'abacamanza batatu.

Kw'igenekerezo rya 21 Myandagaro (8) 2026, sentare yaciye ifata ingingo y'uko Lissu yategerezwa kwisigura ku vyaha yagirizwa.