Intambara ya Ukraine: Aho kworosha kugira amahoro aboneke, Putin ariko yongereza ivyo asaba - Rosenberg

    • Umwanditsi, Steve Rosenberg
    • Igikorwa, Umwanditsi mukuru ku Burusiya
    • Yakoze inkuru ari, Moscow
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 3

Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya avuga ko yipfuriza Ukraine "amahoro arama".

Ariko ni na we yagomoreye ingabo ziwe kuri ico gihugu kibanyi mu ntambara yeruye imaze imyaka hafi itanu, kandi akabandanya yanka iciyumviro c'uguhagarika intambara burundu.

None kuri Moscou (ubutegetsi bw'Uburusiya), ni igiki gikenewe kugira habe amahoro?

Kremlin (ibiro vy'umukuru w'igihugu c'Uburusiya) yarabitomoye inyuma y'ibiganiro yagiranye n'intumwa za Amerika Steve Witkoff na Jared Kushner: "Uburyo bushasha bw'igihe kirekire bwo gucungera umutekano n'amahoro ata nkunzi."

Mu mvugo yoroshe, ibi bisigura ko Moscou ishaka guhindura intunganyo y'umutekano wa Buyara ku buryo yoba akunguko ku Burusiya.

Ivyo Uburusiya buriko burasaba bishobora kuvamwo impinduka za mbere zikomeye cane mu bijanye n'umutekano w'Uburaya kuva intambara y'ukwikekana (guerre froide/Cold War) irangiye.

Kremlin yongeye gushira imbere icipfuzo cabwo co muri Kigarama (12) 2021 casaba OTAN (urunani rwo kwivunira umwansi hamwe ruhurikiyemwo ibihugu vy'Uburengero) kutabandanya yiyagurira akarere yerekeza mu buseruko, be no gutanga ivyemezo ko ibihugu nka Ukraine na Géorgie bitazokwigera vyemererwa kuyinjiramwo.

Uburusiya kandi bwasavye ko OTAN igabanya canke ikura ibikorwa vyayo vya gisirikare mu bihugu vy'Uburaya bwo Hagati n'Ubuseruko vyinjiye muri uru runani inyuma y'irasambuka ry'Ubumwe bw'Abasoviyeti.

Abakuru b'ibihugu vy'Uburengero ico gihe bamiriye kure ivyo vyifuzo, bavuga ko ari nk'itegeko Uburusiya bwashatse kubahatirako. Inyuma y'amezi abiri, bwaciye butanguza igitero cabwo gikomeye kuri Ukraine.

Ivyo vyipfuzo vyari vyarashizwe ku ruhande. Ariko Kremlin yongeye kubigarukana muri ibi biganiro vya poritike mpuzamakungu.

Ikindi kandi, Yuri Ushakov, umwe mu bajenama ba Putin mu bijanye n'imigenderanire, yavuze ko Moscou iri mu kwongerako "ibindi vyipfuzo bishasha" ku rutonde rw'ivyo isaba, ifatiye ku co ifata ko ari amayeri y'Uburengero yo kurondera "gutsinda Uburusiya".

Gusa ibi si ukuvuga ko ibihugu vy'Uburengero bizovyemera.

Ariko kuba ikibazo c'umutekano w'Uburayi ubu kiriko kiravugirwa mu biganiro vyerekeye Ukraine, bifatwa nk'intsinzi ya Moscou.

Mu ntango z'ino ndwi, ikinyamakuru Komsomolskaya Pravda canditse kiti: "Muri Kigarama 2021, Uburusiya bwarasavye ku mugaragaro ko OTAN isubira kwihweza intunganyo yayo i Buraya.

"Ivyo vyifuzo vyacu vyarashinyaguriwe.

"Mu gihe rero ubu tumaze gutsinda urugamba rumwe mu guhatira Uburengero gutangura kwiyumvira ikibazo c'umutekano, abantu bacu bajejwe imigenderanire bakeneye gutsinda urundi mu gutuma Uburengero bufata nka nkama impungenge z'Uburusiya zijanye n'uko OTAN ibandanya yiyagurira akarere."

Kaja Kallas ajewe imigenderanire mu muryango w'Ubumwe bwa Buraya avuga ko ivyo Uburusiya busaba bijanye n'intunganyo nshasha y'umutekano wa Buraya ari "umutego" ufise intego yo "gusamaza kugira ntihabe amasezerano yo guhagarika intambara".

Yanditse ku mbuga nyagiro ati: "Intunganyo y'ibiganiro hagati ya Ukraine n'Uburusiya ni ikintu gihambaye. Ico gushira imbere kuruta ibindi ni ukubanza gushika ku masezerano yo guhagarika intambara, hagaca hakurikira amasezerano y'amahoro. Ico gihe ni ho hashobora guca haba ibiganiro ku mutekano wa Buraya mu buryo bwagutse."

Ikibazo ni uko Uburaya muri iki gihe butari ku meza y'ibiganiro.

Moscou na yo ntishaka ko bwohabwa ikibanza. Yama inegura abakuru b'ibihugu vya Buraya kubera ubufasha bwa gisirikare baha Kyiv Ubutegetsi bwa Ukraine, hamwe n'ingingo zikomeye bafata ku Burusiya.

Ibiganiro vy'amahoro vyabereye i Abu Dhabi muri Emira Zunze Ubumwe z'Abarabu muri iyi ndwi vyahuje intumwa za Ukraine, Uburusiya na Amerika.

Inyuma y'ibiganiro yagiriye i Moscou, Steve Witkoff yavuze ko Putin yemeye iciyumviro c'uko intumwa za Buraya zokwitaba ibiganiro vy'amahoro biri imbere kuri Ukraine.

Ariko ejo ku wa gatanu, Kremlin yavuze ko ingingo ya nyuma y'uko Uburaya bwohabwa ikibanza muri ivyo biganiro itarafatwa.

Umuvugizi wa Kremlin, Dmitry Peskov, yavuze ati: "Nitwamara gutahura imigambi yabo nyakuri n'ingene biteguriye gufasha mu nzira y'amahoro, ni ho tuzoshobora gufata ingingo ku bijanye n'ibiganiro ku kibazo ca Ukraine mu buryo bwagutse."

None kuri Putin ubwiwe hoho bimeze gute?

Mu biganiro yagiranye na Witkoff na Jared Kushner, yarerekanye ko atarota atezura kandi ko ata kimujugumiza.

Biroroshe gutahura igituma.

Abanyamerika ni bo bariko baramusanga aho yibereye bamusaba amasezerano, mu gihe Abanyaburayi na bo nyene bariko bariyumvira ingene bomushikira. Mu kwezi guheze, abakuru b'ibihugu vya Norvège na Finlande baramuhamagaye kugira bavugane.

Hanyuma kandi mu ndwi iza, i Shenzhen mu Bushinwa, mu nama y'ugufashanya mu vy'ubutunzi mu karere ka Aziya na Pasifika (APEC), Putin ashobora kugirana ibiganiro vyihariye na Donald Trump hamwe na Xi Jinping w'Ubushinwa.

Ibinyamakuru vy'Uburusiya bimaze no kubagereranya n'"Abakuru Batatu" bari bakomeye mu mwaka wa 1945, ari bo Joseph Stalin w'icahoze ari Ubumwe bw'Abasoviyeti, Franklin Roosevelt wa Amerika na Winston Churchill w'Ubwongereza, bahuriye hamwe kugira ngo batunganye gushasha Uburaya inyuma y'Intambara ya Kabiri y'Isi Yose.

Naho biri uko, inyuma y'imyaka hafi itanu y'intambara, Uburusiya bumaze gutakaza ibintu vyinshi ku rugamba.

Ubutunzi bw'Uburusiya na bwo buri ku gitsure kibandanya ciyongera.

N'aho Uburusiya ata gahengwe buha Ukaine, na yo nta gahengwe ibuha mu kubandanya ibitero vyayo vy'indege zitajamwo abadereva ku nganda zitunganya igitoro, ibi bikongereza ubwoba bw'uko hashobora gusubira kuba ikena ry'igitoro.

Ariko gushika ubu, nta kintu na kimwe muri ivyo kirashobora kugondoza Vladimir Putin ngo yemera guhagarika intambara.