Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
El Niño mu Burundi: Imvura nyinshi iteye impungenge mu gihe ingaruka zatanguye kwibonekeza
- Umwanditsi, Patrick Wasso i Bujumbura, na Bernard Bankukira
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 3
Mu gihe Uburundi busa n'ubutaritegura bihagije guhangana n'ingaruka zitezwe z'ibihe vya El Niño, ibimenyetso vy'ingaruka zayo vyovyo vyamaze gutangura kwibonekeza mu bice bitandukanye vy'igihugu.
Mu gace ka Nyamitanga kari muri zone Ndava ya komine Bukinanyana, intara ya Bujumbura, imvura nyinshi imaze kugwa yatumye haba inkukura zikomeye, zimaze kwonona amazu y'abanyagihugu, zongera zihungabanya uruja n'uruza kw'ibarabara rikuru Bujumbura-Cibitoke.
Uruza n'uruza ntirushoboka kuri iryo barabara. Abanyagihugu baba muri ako gace barataza basaba ko bogarukirwa, mu gihe abatwara komine Bukinanyana nta buryo ifise yo gukoresha iryo barabara.
Mariya Bukuru, umwe mu banyagihugu bo muri ako gace, avuga ko amazi y'imvura yarenze urugero agasanga abantu mu mazu yabo.
"Raba ukuntu inkukura yinjiye ngaha, ni Imana yakinze kuko ibi vyose vyava aho mw'ibarabara. Ibarabara ryari ryuzuye."
Ku birometero 33 uvuye i Bujumbura, igice c'iryo barabara caruzuyemwo amazi n'ivyondo, bigatuma uruja n'uruza rugorana. Imodoka zimwe zigerageza kurengana buhorobuhoro, mu gihe izindi zihagarara zigategereza ko amazi agabanuka.
Abanyonga imodoka bavuga ko iyo imvura iguye cane, uruja n'uruza ruhagarara burundu.
Umwe mu bashoferi ati: "Imvura iguye, nta modoka ishobora kurengana. Iyo iramutse iguye, zimwe zigarukira hariya hirya, izindi ku rya gatatu. Dusaba ko reta yadukorera iri barabara kuko ni igikoresho ca bose."
Uretse ibibazo vy'uruja n'uruza, hari n'abamaze gutakaza amazu yabo. Augustin Ntirampeba ni umwe muri bo. Inzu yiwe yarasenyutse kubera amazi y'imvura, none asigaye asaba indaro kugira aronke aho arara.
Agira ati: "Iyo imvura iguye, duca tugira ikibazo. Amazi aratera akadengera mu nzu, nta wusubira gucana, nta wusubira kurya. Tubayeho nabi cane, kuko twarabuze n'ubutabazi."
Abanyagihugu bavuga ko bamaze imyaka basaba ko iryo barabara rikorwa mu buryo burama ariko ko barindiriye amaso agahera mu nzira.
"Erega ni uko batubwira ngo baraza kurikora ariko ntibarikore. Baguma baduhenda, baraza bakayora ivu, ariko imvura iguye bigaca bigaruka kandi," ni ko umwe mu banyagihugu yavuze.
Abategetsi bo muri komine Bukinanyana bemera ko ikibazo kihari, ariko bakavuga ko ubushobozi bwa komine budahagije kugira ngo gitorerwe umuti.
Musitanteri wa komine Bukinanyana, Isaac Niyokwizera, avuga ko ibikorwa vy'ugusanura iryo barabara vyamaze kwigwa ariko ko igihe bizotangurira kitaramenyekana.
Ati: "Twebwe iyo imvura iguye, ico dukora ni ugukuraho ivyondo kugira tworohereze abanyagihugu kurengana. Ni co dushoboye kuko bisaba uburyo bwinshi kandi komine nta bushobozi bukwiye ifise."
Ibi bazo biri i Nyamitanga bifatwa nk'ikimenyetso c'ingaruka zishobora kwiyongera mu gihe ingingo zo kuzibira no gutabara zitoshirwa mu ngiro hakiri kare, na rirya hamwe hamwe ibibazo vyatanguye kwibonekeza. Hamwe ni nko kw'ibarabara Bujumbura–Rumonge, cane cane ahitwa mu Kijejeti, aho uruja n'uruza rurahungabana iyo imvura iguye. Ni ko bimeze no kw'ibarabara rihuza Gitega na Rutana.
Mu gihe abanyagihugu b'utwo duce barindiriye ko ayo mabarabara akorwa, ikibazo gisigaye ni ukumenya igihe umuti uzotorwa na cane cane ko imvura nyinshi yitezwe ishobora gutuma ingorane basanzwe bafise zirushiriza gukomera.
Izi ngorane ziri uku mu gihe reta y'Uburundi imenyesha ko ikeneye amafaranga arenga imiriyaridi 630 z'amarundi, ni ukuvuga hafi imiriyoni 210 z'amadolari y'Amerika, kugira ngo ishobore guhangana n'ingaruka za El Niño. Reta ivuga ko iza yaratanze imiliyari 10 mu bikorwa vyihutirwa biza vyaratanguye, mu gihe ayandi mafaranga yitezwe gutangwa n'abafatanyabikorwa mpuzamakungu, harimwo Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU.
Abahinga mu bijanye n'ikirere bavuga ko El Niño ishobora gutuma hagwa imvura nyinshi hagati y'uku kwezi kwa cumi na rimwe n'ukwa kabiri kw'umwaka uza, ikongera ibiza nk'imyuzure, inkukura n'isenyuka ry'ibikorwa remezo.