Ukraine: Ibiganiro vy'amahoro vyasubiye gutangura, buri ruhande rushaka impinduka

    • Umwanditsi, Laura Gozzi
    • Umwanditsi, Abdujalil Abdurasulov
    • Yakoze inkuru ari, Kyiv
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 5

Abategetsi ba Amerika bavuze ko Uburusiya na Ukraine biriko birerekana ko bishobora "kwemera kugira ico bihinduye gito", n'ubwo bitarabivugira hejuru, ku kibazo c'uwuzogenzura intara zo mu buseruko bwa Ukraine, igihe intambara izoba yarangiye.

Ivyo vyashikirijwe ku musi w'imbere y'ibiganiro vya mbere, kuva muri Ruhuhuma (2), bigiye guhuza impande zitatu, bigamije kurondera umuti w'intambara.

Abategetsi bakuru b'Uburusiya, aba Ukraine n'aba Amerika, bahurira i Abu Dhabi muri Emirats Zunze Ubumwe z'Abarabu, mu gihe hasigaye igihe gito ngo harangire imyaka itanu kuva Uburusiya bushoje intambara yeruye kuri Ukraine.

Jared Kushner - umukwe wa Donald Trump akaba ari mu bagize umurwi wa Amerika ujejwe ivyo biganiro, hamwe n'intumwa idasanzwe ya Amerika mu biganiro vy'amahoro Steve Witkoff - yavuze ko ibi biganiro bigiye kwibanda ku kurondera inyishu z'ibibazo vy'umutekano Uburusiya na Ukraine bishobora kugira igihe intambara izoba yararangiye.

Kushner yanditse ku rubuga X ati: "Ikintu gihambaye muri uwu mugambi ni ugutera intege impande zose kugira zitangure kuzirikana ata gufyina ibikurikira inyuma y'intambara."

Ariko rero, ivyiyumviro vy'Uburusiya na Ukraine ku bijanye n'ingene iyo ntambara yorangira biracari kure na kure cane.

Kimwe mu bibazo nyamukuru impande zompi zidahurizako ni intara ya Donetsk, iri mu buseruko bwa Ukraine, ubu igice kinini cayo kikaba kigenzurwa n'Uburusiya.

Uburusiya busaba Ukraine kurekura ibice ikigenzura vya Donetsk, ariko Ukraine ivyo ntivyerekwa. Ishaka kugumana ivyo bice ahubwo ikipfuza ko ibintu bihagararira aho bigeze, ingabo z'impande zompi zikaguma aho zigeze. Ukraine ivuga ko ivyo bice ikigenzura bihambaye cane ku mutekano wayo muri kazoza.

N'ubwo ata ruhande na rumwe rurerekana ko rwiteguriye kugira ico ruhinduye kuri ivyo, umutegetsi wa Amerika yavuganye n'abamenyeshamakuru ku musi w'imbere y'ibiganiro yavuze ko ivyo ari ivyo izo mpande zerekana ku mugaragaro, ariko ko mu biganiro vyo mw'ibanga, Uburusiya na Ukraine vyerekanye ko hari ivyo vyokwemera guhindura gatoya.

Ariko uwo mutegetsi aremera ko ico kibazo kidashobora gutorerwa umuti hatabayeho ibiganiro ku bijanye n'uburyo bushasha bwagutse bwo gutunganya umutekano inyuma y'intambara.

Yagize ati: "Ntibazoshobora gutorera umuti ikibazo ca Donetsk n'ic'uturere batumvikanako bataramenya ingene uburyo bwo gutunganya umutekano buzoba bumeze inyuma y'intambara".

Yabandanije ati: "Kandi ntimwibagire ko tutazoshobora kwemeza kimwe muri ivyo tutabanje kwumvikana ku kindi."

Ku ruhande rwa Ukraine, ubwo buryo bwo gutunganya umutekano inyuma y'intambara bushobora kuba burimwo ivyemezo vy'uko ibihugu biyishigikiye bizoyitabara ni yongera guterwa.

Ku Burusiya na bwo, hashobora kuba harimwo ico bwamye bwipfuza kuva kera ko ishirahamwe ryo kwivunira umwansi hamwe ry'ibihugu vy'uburengero OTAN (NATO) ryogabanya ibikorwa vyaryo mu bihugu biherereye mu burengero bw'umugabane wa Buraya. Ico ni ikintu gishobora gutera impungenge ibihugu vy'i Buraya.

Mu vyo impande zompi ziriko zirasabwa harimwo ibiganiro hagati yazo ku bibazo vy'umutekano, uburyo bwo guhanahana amakuru bwihuta mu bihe vy'ivyago, hamwe n'ingingo impande zompi zohurizako zo kugabanya umwuka mubi hagati yazo.

Abategetsi ba Amerika bavuga kandi ko hashobora gusubira gushirwaho urwego OTAN n'Uburusiya bihuriramwo, rwari rwahagaritswe ahanini kuva mu 2022.

Ibiganiro biheruka guhuza impande zitatu, vyabereye i Geneve muri Ruhuhuma (2), vyarangiye ata ntambwe ihambaye ishitsweko. Haciye igihe gito, intambara Amerika na Israel vyatanguje kuri Irani yatumye Washington ishira inguvu ahandi maze ntiyasubira kwitaho cane ikibazo ca Ukraine. Kuva ico gihe, nta bindi biganiro vyasubiriye kuba.

Abakuru b'ibihugu vy'i Buraya, ahanini batashizwe mu biganiro bigamije kurangiza iyo ntambara, bagiye basaba ko na bo nyene boba muri vyo. Bahagaritswe umutima n'uko hafatwa ingingo zijanye n'umutekano w'umugabane wabo batabigizemwo uruhara.

Ku wa mbere, umukuru wa Komisiyo y'Ubumwe bw'Uburaya, Ursula von der Leyen, yasavye ko ibihugu bihurikiye muri OTAN hamwe n'ibigize Ubumwe bwa Buraya vyoshirwa mu biganiro vyose bifise aho bihurira n'umutekano w'uyu mugabane.

Perezida Volodymyr Zelensky na we nyene amaze kuvuga incuro zitari nke ko Kyiv ishaka ko umugabane wa Buraya ugira uruhara muri ivyo biganiro.

Umutegetsi wa Amerika yavuze ko Amerika izotanga iciyumviro c'uko ivyo biganiro vyogirwa mu buryo buhuza ibihugu vyinshi, kugira ngo n'umugabane wa Buraya ushirwemwo. Yavuze ati: "Turizigiye ko n'Uburusiya buzovyemera", ariko ashimangira ko "Uburusiya butanezererewe Uburaya".

Kuva atanguye ikiringo ciwe ca kabiri, Perezida wa Amerika Donald Trump - yari yarigeze kwishimagiza avuga ko ashobora kurangiza intambara yo muri Ukraine mu musi umwe - yagiye atunganya ibiganiro bitari bike bigamije kurangiza iyo ntambara, n'ubwo ata kinini vyashitseko.

Hagati aho, ukuntu Trump asa n'uwutera yorohera Moscou vyatumye haba impungenge zikomeye i Kyiv no mu bihugu bigize Ubumwe bwa Buraya.

Inyuma yo guhura na Kirill Dmitriev, intumwa ya Kremlin, i Washington mu ndwi iheze, Trump yavuze ko hagiye kuba "amasezerano akomeye kandi meza cane" yerekeye Ukraine, ashobora "kuba arimwo Uburaya bwose".

Ariko, abantu benshi muri Ukraine ntibemera ko ayo masezerano yoshobora gutuma haboneka amahoro nyayo kandi abereye ku mpande zompi.

Oleksandr Merezhko, umushingamateka wa Ukraine arongoye umurwi ujejwe imigenderanire n'amakungu mu Nama nshingamateka, yabwiye BBC ko abona ko Trump ashaka "amasezerano yihuta, ariko Ukraine ikaba ari yo itanga ikiguzi". Yavuze ko ata nkeka ko Kyiv izoyanka.

Merezhko yavuze ko uburyo bwonyene bwo gutuma Putin atangura ibiganiro vy'ukuri ari ugushira Uburusiya ku gitutu kirushirije, biciye mu bihano no mu kugaba ibitero bikomeye ku bibanza biri kure mu Burusiya.

Yagize ati: "Igihe cose Putin azoba agifise ubushobozi bwo kubandanya intambara, nta mvo n'imwe azoba afise yo kuja mu biganiro".

Yaravuze kandi ko ingingo Trump aheruka gufata, nk'iyerekeye amasezerano yo kugura amazutu mu Burusiya, "ziremesha Moscou zikayiha inguvu zo kubandanya intambara".

Mu ntumwa z'Uburusiya zitaba ibiganiro i Abu Dhabi harimwo Vladimir Medinsky, umujenama mu biro vy'umukuru w'igihugu, ivyegera vy'umushikiranganji w'imigenderanire Sergei Ryabkov na Mikhail Galuzin, Igor Kostyukov arongoye urwego rw'iperereza rwa gisirikare, hamwe n'umusirikare w'ipete rya Jenerale Yury Zhigarlovsky.

Ukraine nayo irungika abategetsi bakuru batari bake bari bagize uruhara mu biganiro vyabaye imbere y'ibi. Muri bo harimwo Rustem Umerov arongoye urwego rw'iperereza ryo hanze y'igihugu, Kyrylo Budanov arongoye ibiro vya Perezida Volodymyr Zelensky, hamwe n'umushingamateka Davyd Arakhamiya.

Mu gihe ivyo biganiro biriko biraba, Uburusiya burabandanya kugaba ibitero bikomeye kandi bihitana abantu muri Ukraine, hamwe no gutera ibingo ntanganguvu. I Kyiv babona ko ivyo ari ikimenyetso c'uko Moscou ishaka gushira Ukraine mu bihe bigoye cane, kugira ngo yemere amasezerano ajanye n'ivyo Uburusiya busaba.

Ku wa mbere, Kushner yakoresheje imvugo yo kwigengesera aho yavuze ko ibiganiro vy'i Abu Dhabi bishobora "gutegura inzira y'iyindi ngunga izokurikira y'ibiganiro".

Yanditse ku rubuga X ati: "Iyi ni intambara igoye cane kandi idasanzwe", yongerako ko Amerika "iriko ija muri ibi biganiro ifise umwete wo kubishikana ku ntumbero, ariko kandi yisunze ibishoboka kandi vy'ukuri".