Menya ibihano vy'umunyororo birebire bimaze kubaho kw'isi

Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 4

Igihano c'umunyororo w'imyaka 200 caciriwe umuvugabutumwa Paul Mackenzie wo muri Kenya catumye haba abibaza nimba hari ibihano bikaze nk'iki bimaze kubaho, abandi bibaza ku minyororo miremire gusumba iyindi kw'isi imaze gutangwa.

Mackenzie yakatiwe na sentare nkuru y'i Mombasa kubera uruhara rwiwe mu rupfu rw'abantu 191, harimwo abana 190, bapfiriye mw'ishamba rya Shakahola mu ntara ya Kilifi.

Aha turaraba abandi bantu bigeze gukatirwa umunyororo w'imyaka amajana canke ibihumbi.

5. Allan Wayne McLaurin - Amerika

McLaurin hamwe na mugenziwe Darron Bennalford Anderson bagiriwe n'ivyaha vyo kunyuruza, gufata ku nguvu, no kwiba umukenyezi ageze mu zabukuru.

Uburemere bw'igihano: McLaurin yakatiwe umunyororo usumba uwaciriwe mugenziwe, w'imyaka 21.250.

Ariko rero, haciye imyaka itatu, ico gihano caragabanuweko imyaka 500 inyuma y'uko yunguruje, bituma umunyororo wiwe usigara ku myaka 20.750.

4. Charles Scott Robinson - Amerika

Ku wa 14 Kigarama (12) 1994, Charles Scott Robinson yaragiriwe n'ivyaha bitandatu bijanye no gufata ku nguvu abana, harimwo gufata ku nguvu akoresheje ibindi bintu, gusambanya ku nguvu mu kanwa, hamwe n'ibindi bikorwa vy'agahomerabunwa vyakorewe umwana atarashikana imyaka 16.

Robinson yaciriwe umunyororo w'imyaka 5.000 kuri buri caha muri ivyo bitandatu, bituma umunyororo wiwe wose ushika ku myaka 30.000, ku vyaha vyo gufata ku nguvu no gukorera amabi umwana w'umukobwa yari afise imyaka itatu.

Abacamanza bunganira sentare ni bo bari batanze icipfuzo c'uko kuri buri caha yohabwa umunyororo w'imyaka 5.000, maze umucamanza w'akarere Dan Owens ategeka ko ahabwa ivyo bihano mu rukurikirane (kimwe inyuma y'ikindi).

Intumbero yari iyo kugira ngo Robinson ntaze asubire kurekurwa mu buryo ubwo ari bwo bwose, kuko babona ko "igihano c'ugupfungwa ubuzima bwose ata mahirwe yo kurekurwa atanze ingwati" kitari gikwiye ku vyaha yari yakoze.

3. Jamal Zougam - Espagne

Jamal Zougam ni Umunya-Maroc yaciriwe umunyororo kubera uruhara rwiwe mu bitero vy'ibibombe vyagabwe kuri gari ya moshi i Madrid muri Espagne ku wa 11 Ntwarante (3) 2004.

Ivyo bitero vyahitanye abantu 191 vyongera bikomeretsa abarenga 1.800.

Zougam, yari asanzwe akurikiranwa n'inzego z'umutekano kubera isano yari afitaniye n'abanywanyi b'umuhari al-Qaeda, yagirizwa kuba yarateze kimwe muri ivyo bibombe.

Vyongeye yari nyene iduka ryagurishije amaterefone ngendanwa yakoreshejwe mu guturitsa ivyo bibombe.

Mu kwezi kwa Gitugutu (10) 2007, sentare nkuru ya Espagne yamwagirije ivyaha 191 vy'ubwicanyi, rumucira umunyororo w'imyaka 42.922. Ariko rero, azomara mw'ibohero imyaka 40 gusa, kuko ari yo myaka myinshi kuruta iyindi umuntu ashobora gupfungwa hisunzwe amategeko ya Espagne.

Zougam yavukiye i Tangier muri Maroc, hanyuma aja kuba i Madrid muri Espagne.

Ari i Madrid, yari afise iduka ry'amaterefone ngendanwa ryaje kwemezwa ko ryagurishije amaterefone yakoreshejwe mu guturitsa ivyo bibombe ku wa 11 Ntwarante 2004.

Zougam yari yatanguye gukurikiranwa n'inzego z'umutekano muri Mukakaro (7) 2001, inyuma y'aho ubutegetsi bw'Ubufaransa bumenyeshereje ko ashobora kuba yari afitaniye isano n'umurwi wa al-Qaeda muri Espagne.

Mu gikorwa co gusaka inzu yabamwo i Madrid, abajejwe umutekano bahasanze ibikoresho vy'inyigisho z'intambara ishingiye kw'idini rya Islamu, harimwo videwo y'ikiganiro c'uwahoze arongoye al-Qaeda Osama bin Laden, hamwe n'inomero za terefone z'intagondwa zari zizwi ko zifitaniye isano n'uwo murwi.

2. Otman el-Gnaoui - Espagne

Othman El Gnaoui ni Umunya-Maroc yaciriwe umunyororo kubera uruhara rwiwe mu bitero vy'ibibombe vyagabwe kuri gari ya moshi i Madrid muri Espagne ku wa 11 Ntwarante (3) 2004, vyahitanye abantu 191 bikanakomeretsa abarenga 1.800.

El Gnaoui, yafatwa nk'uwugira kabiri mu bateguye ivyo bitero inyuma ya Jamal Ahmidan, azwi kandi kw'izina rya "El Chino", yagiriwe n'icaha co gutwara ibiturika vyakoreshejwe muri ico gitero no gutega kimwe muri ivyo bibombe vyaturitse.

Mu kwezi kwa Gitugutu (10) 2007, sentare nkuru ya Espagne yamwagirije ivyaha 191 vy'ubwicanyi, imucira umunyororo w'imyaka 42.924. Ariko rero, azomara mw'ibohero imyaka 40 gusa, kuko ari yo myaka myinshi kuruta iyindi umuntu ashobora gupfungwa hisunzwe amategeko ya Espagne.

El Gnaoui yavukiye i Tétouan muri Maroc, hanyuma aja kuba muri Espagne. Bikavugwa ko yakora akazi k'ubwubatsi imbere y'uko afatwa mu mwaka wa 2004.

Abajejwe umutekano batanguye kumukurikiranira hagufi kubera yikekwa ko yoba yari afise uruhara mu rudandazwa rw'ibiyayuramutwe. Ivyo vyatumye igipolisi gishiraho uburyo bwo kwumviriza ibiyago vya terefone yiwe.

Inyuma yo gusuzuma ibiyago vyafatiwe kuri iyo terefone amaze gufatwa, abakoze amatohoza basanze El Gnaoui yari yaravuganye n'abandi bakekwa gukora iterabwoba hamwe n'abandi bari bagize uruhara muri ayo mabi amayinga makeya imbere y'ivyo bitero vya Madrid.

Bikekwa kandi ko yahuye na Shazad Ali Gutjar, Umunya-Pakistan yari afitaniye ubucuti n'umuhari al-Qaeda yagirizwa uruhara mu gutegura ikindi gitero categerezwa kuba mu gisagara ca Barcelona.

Chamoy Thipyaso - Thailand

Umunyororo muremure kuruta iyindi yose imaze gutangwa ku caha c'ububeshi wahawe Chamoy Thipyaso hamwe n'abandi indwi bari bafatanije.

Umw'umwe wese yakatiwe umunyororo w'imyaka 141.078 na sentare mpanavyaha y'i Bangkok muri Thaïland ku wa 27 Mukakaro (7) 1989, inyuma yo kwagirwa n'icaha co kunyuruza amafaranga y'abanyagihugu bakoresheje amayeri yo kwegeranya amafaranga yabo ngo babaziganirize, amayeri yarimwo amamiliyoni y'amadolari.

Mu rundi rubanza rwabereye i Palma de Mallorca muri Espagne ku wa 11 Ntwarante 1972, ubushikirizamanza bwasavye ko Gabriel March Grandos, ico gihe yari afise imyaka 22, yokatirwa igihano c'umunyororo w'imyaka 384.912.

Yagirizwa kuba atashikirije amakete 42.768 yari ajejwe gutanga, aho kuri buri kete ubushikirizamanza bwasaba ko yohanwa imyaka icenda y'umunyororo.

Iyi nkuru yateguwe na Martha Saranga, itunganywa na Yusuph Mazimu.