Biritezwe ko Manchester United yirukana Michael Carrick mu misi iri imbere
Biriko birushiriza kwibonekeza ko umurwi Manchester United ushobora kwirukana umumenyereza mukuru Michael Carrick.
Uwo murwi wari wahisemwo kugumana na Carrick inyuma y'uko Bournemouth iwunyagiye 3-0 mu rukino rwabereye i muhira kw'igenekerezo rya 25 Gitugutu (10), ariko wari wafashe iyo ngingo mu ntumbero yo gusubira gusuzuma uko ibintu vyifashe muri iki kiringo c'ukwezi kw'akaruhuko k'inkino z'imirwi nserukiragihugu.
Amakuru atandukanye BBC Sport yahawe n'amasoko yayo avuga ko abagize inama nyobozi y'uwo murwi bakibandanya gukurikiza iyo nzira bari bafashe, kandi ko ata ngingo ya nyuma irafatwa ku bijanye na kazoza ka Carrick muri uwo murwi.
Ariko, biriko birushiriza kuvugwa ko umuyobozi nshingwabikorwa w'umurwi, Omar Berrada, hamwe n'umuyobozi ajejwe ivy'inkino, Jason Wilcox, bazosaba Sir Jim Ratcliffe, afise imitahe mike muri uwo murwi, hamwe n'umuryango wa Glazer, kwirukana Carrick.
Kunganya ibitsindo 4-4 n'umurwi Aston Villa ku musi wa Mungu vyatumye Manchester United, iri mu kibanza ca 18, igira intango mbi kuruta izindi zose mu mahiganwa yo mu gihugu mu myaka 40 iheze.
Muri Gitugutu (10), BBC Sport yari yatangaje ko Manchester United yari yatanguye gukurikiranira hafi uwahoze amenyereza Newcastle, Eddie Howe, hamwe n'uwahoze amenyereza umurwi nserukiragihugu w'Ubudagi, Julian Nagelsmann, mu ntumbero yo kurondera umusubirizi wa Carrick.
Birazwi ko uwahoze amenyereza Chelsea, Antonio Conte, na we nyene yipfuza cane kuronka iryo banga. Amakuru atandukanye BBC Sport yahawe n'amasoko yayo avuga ko na Mauricio Pochettino, yahoze amenyereza umurwi wa Tottenham Hotspur, yipfuza kumenyereza Manchester United.
Muri Myandagaro (8), Pochettino yarongereje amasezerano yo kubandanya amenyereza umurwi nserukiragihugu wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika.
Ariko, ayo masezerano bivugwa ko arimwo ingingo zimwemerera kuyahagarika igihe yoba aronse akazi gakomeye cane kandi kadasanzwe.
Umurwi nserukiragihugu wa Amerika urafise inkino zibiri zo gukuranamwo na Haiti, mu mahiganwa ya Concacaf Nations League, zizoba kw'igenekerezo rya 14 n'irya 18 Munyonyo (11).
Izindi nkuru wosoma: