Nta gahengwe hagati y'Uburusiya na Ukraine mu gihe ibiganiro bibandanya

Ahavuye isanamu, t.me/Koretskyi_official
N'ubwo ibiganiro hagati y'impande zose bibandanya, Uburusiya na Ukraine birabandanya biterana ibisasu, cane cane ku bigo ntanganguvu nyamukuru.
Umushikiranganji wa mbere wa Ukraine, Serhii Koretsky, yavuze ko Uburusiya bwagavye ibitero mw'ijoro ryakeye ku bigo binini vy’umuyagankuba bitandatu hamwe n'ikigo gitanga ubushuhe kiri hagati mu gihugu. Yavuze kandi ko ibigo vya gari ya moshi vyononekaye mu burengero no mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Ukraine.
Mu gisagara ca Kherson kiri mu bumanuko, ishure rimwe ryononekaye inyuma yo guterwa igisasu. Koretsky yavuze ko abantu n'imiburiburi 14 bakomerekeye muri ivyo bitero vyo mw’ijoro ryakeye.
Kuri uyu wa gatanu, Ubushikiranganji bw'Uburusiya bujejwe kwivuna abansi bwatangaje ko bubandanya n’ibitero vy’indege zitajamwo abadereva (drone) ku bigo ntanganvuru mu gisagara ca Kryvyi Rih no mu karere ka Odessa.
Ku rundi ruhande, Ukraine nayo yongeye gutanguza ibitero bikomeye ku nganda zitunganya igitoro vy'Uburusiya kuva mu mpera z'ukw’icumi. Mw'ijoro ryakeye, ikivuko ca Ust-Luga mu ntara ya Leningrad catewe.
Ni mu gihe ubushikiranganji bw'Uburusiya bujejwe kwivuna abansi bwatangaje ko drones 627 za Ukraine zarashwe mu turere 22 tw'Uburusiya, mu ntara ya Crimée/Crimea yigaruriwe n'Uburusiya no hejuru y'Ikiyaga ca Azov.
Buramatari w'intara ya Leningrad, Alexander Drozdenko, yavuze ko amadrone 150 yarasiwe mu kirere. Yanditse ku rubuga rwa Telegram ko ico gitero cari gitumbereye ku kivuko ca Ust-Luga mu karere ka Kingisepp.
Yavuze ko amwe muri ayo madrone yateje umuriro wakomerekeje abakozi batatu, ariko ko ubuzima bwabo butari mu kaga. Ico kivuko ca Ust-Luga kimaze igihe kigabwako igitero vya drone.
Mu ntara ya Smolensk, mu gisagara ca Yartsevo, ibisigarira vy’amadrone vyaguye ku nyubakwa y'amagorofa menshi biteza umuriro vyongera bihitana n’abantu babiri, nk'uko buramatari Vasily Anokhin yabitangaje.
Ayandi makuru ushobora gusoma:









