Irani yanyonze abantu batatu bari bafashwe mu gihe c'imyiyerekano

Inzego z'ubutungane muri Irani zashize mu ngiro igihano c'urupfu caciriwe abantu batatu bari bafashwe mu gihe c'imyiyerekano yabereye mu gisagara ca Karaj muri Nzero (1), nk'uko vyatangajwe n'itororokanirizo ry'amakuru Mizan rifitaniye isano n'ubutungane muri ico gihugu.
Abanyonzwe ni abitwa: Hassan Deoband, Hamid Kazemi na Reza Zanganeh.
Nk'uko itororokanirizo Mizan ribivuga, uko ari batatu bagiriwe n'icaha co gukorana na Israel hamwe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu bijanye n'umutekano, hamwe no mu kwitwaza ibirwanisho mu myiyerekano yabaye ku magenekerezo ya 8 na 9 Nzero (1), uno mwaka. Baragirijwe kandi kugira uruhara mu gusambura no guturira inyubakwa rusangi hamwe n'ibikorwa remezo vy'umuyagankuba.
Iryo tororokanirizo rivuga ko ivyo bihano vy'urupfu vyashizwe mu ngiro ku musi w'Imana, inyuma y'uko vyemejwe na Sentare nkuru ya Irani. Amatungo yabo agiye kwigarurirwa na reta nk'uko vyategetswe n'iyo sentare nyene.
Mizan ryongeyeko ko hari n'abandi bantu 10 batawe muri yompi ku bijanye n'urwo rubanza, mu gihe abandi baciriwe ibihano vyo gupfungwa biri hagati y'imyaka itanu na cumi.
Amashirahamwe aharanira agateka ka muntu amaze igihe anegura cane ikoreshwa ry'igihano c'urupfu muri Irani, cane cane mu manza zijanye n'imyiyerekano hamwe n'ibibazo vy'umutekano w'igihugu.











