Menya ivy'izi ntare zifise inyifato itamenyerewe mw'ishamba

Intare ziri hejuru ku giti.
Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 3

Iyo umuntu agiye kurondera canke kuraba intare mw'ishamba, ikibanza ca mbere aba yiteze kuzisangamwo ni hasi, mu bisaka, musi y'ibiti. Ariko, mu karere k'ikiyaga ca Manyara muri Tanzaniya no mw'ishamba rya Ishasha muri Uganda, hari izimaze kugira inyifato itamenyerewe, aho zisigaye ziruhukira mu bushorishori bw'ibiti.

Iyo uzihweje uri kure, wokwibaza ko ari utuyabu turyamye twitekaniye. Ariko mu vy'ukuri ziba ari intare nini kandi zikomeye. Ziba ziriko zihweza iryo shamba mu mutekano nta ngere, ibitangaza cane ingenzi nyinshi ziba ziteze kuzisanga hasi mu vyatsi canke mu bisaka.

Inyifato itangaje

Muri rusangi, intare zifatwa nk'ibikoko biganza ibiyaya binini. Imibiri yazo y'inguvu kandi ifise imitsi ikomeye yaremwe ku buryo zishobora guhiga inyamaswa zifungura zikayirukako, zigendera hasi, gushika ziyifashe.

Ugereranije n'ingwe hamwe n'inguge, intare ntizwi cane nk'iyifise ubuhinga bwo kwurira ibiti. Ingwe n'inkende zo zifise imibiri itaremereye cane, kandi zirashobora kugenda no gutaruka ziva kw'ishami ry'igiti rimwe zija ku rindi. Ivyo bituma zishobora kumara umwanya muri ivyo biti ata ngorane.

Ariko rero, mu turere tumwe two muri Afrika yo mu Buseruko, intare zaragize inyifato idasanzwe. Zisigaye zurira ibiti zikamara n'umwanya munini ziri hejuru mu mashami yavyo. Iyo nyifato itangaza abashakashatsi, ndetse igakwega n'ingenzi hamwe n'abakunzi b'inyamaswa zo mw'ishamba.

Mu vy'ukuri, muri ayo mashamba, intare zarahinduye cane ingeso zari zisanzwe zifise. Birashika ukabona imirwi yazo iruhukiye ku mashami manini y'ibiti, aho zimara amasaha menshi mu gihe c'ubushuhe bwinshi bwo ku murango.

Kubera iki izo ntare zurira ibiti ?

Intare iri hejuru kw'ishami ry'igiti.

Abahinga mu vy'inyamaswa zo mw'ishamba bavuga ko kwurira ibiti ari bumwe mu buryo izo ntare zikoresha kugira ngo zimenyere canke zitahure neza ishamba zibamwo.

Iyo imvura itasuye mu kiyaya ca Rift, ivyatsi birebire bica bihinduka ubuhungiro bw'udukoko turyana, harimwo n'isazi zinunuza amaraso y'izindi nyamaswa. Iyo ziruhukiye mu biti, intare ziraronka akayaga kazifasha kugabanya ububabare n'ukutoroherwa ziterwa n'utwo dukoko.

Ikindi, ku murango, isi irashuha cane kubera imishwarara y'izuba. Mu biti ho, haba hari igitutu n'akayaga gahoraho, haba hakanye cane. Ivyo biha intare ahantu heza ho kuruhukira, bigatuma umubiri wazo udasesagura inguvu zitari ngombwa mu kugerageza guhangana n'ubushuhe.

Uretse ko ibiti bizikingira ubushuhe n'udukoko, iyo izo ntare ziri hejuru ku biti, biranazifasha kubona neza agahita irya n'ino. Zirashobora kubona bitagoranye ahaherereye ubusho bw'imbogo, bw'impongo, n'ibindi bikoko, uko bigenda vyegera aho birisha canke ahari ivyambu vy'amazi. Ivyo birazifasha gukurikirana no guhiga ico zifuza gufata.

Abami b'ishamba, hejuru mu giti

Umurwi w'intambwe hejuru mu giti.

N'ubwo intare zishobora kumara umwanya mu biti, ntizishobora kuvyurira neza nk'ingwe. Ingwe zifise umubiri muto kandi muremure, hamwe n'umurizo muremure uzifasha kutajugumba iyo ziri hejuru ku mashami y'ibiti. Intare zo, zirasumba cane ingwe mu bunini no mu buremere, ivyo bigatuma kwurira ibiti bizigora.

Rimwe rimwe, iyo intare ziri hejuru ku mashami y'ibiti, zirakoroka. Ico ni ikindi gitangaza kandi kigakwega ingenzi ziba zifise amahirwe yo kukibona.

Ariko, ukwo gukoroka ntikuzica intege cane. Muri make, zifise ubushobozi budasanzwe bwo kwihanganira ingorane. Kenshi zica zivyuka, zikikunkumura umukungugu uziri ku mubiri, zigaca zisubira kwurira ca giti nyene kugira ngo zisubire aho zisanzwe ziruhukira, nk'uko womengo nta cari cabaye.