Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.

Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa

Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke

IKIBIRIRAHO , Trump avuga ko intambara ya gisirikare muri Iran ‘mu vy'ukuri yarangiye', ibitero bishasha bikaba bititezwe

Perezida Donald Trump wa Amerika avuga ko intambara igihugu ciwe kirimwo na Irani “yarangiye ku ruhande rwa gisirikare”, kandi ko hari intambwe nziza ziriko ziraterwa mu biganiro.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Bernard Bankukira, Didier Bikorimana na Gildas Yihundimpundu

  1. Hegseth yashyigikiye ibikorwa bye bijyanye n'intambara yo muri Iran nyuma yuko hatangijwe igerageza ryo kumweguza

    Pete Hegseth yashyigikiye ibikorwa yakoze nka Minisitiri w’ingabo w’Amerika, mu kiganiro cya mbere agiranye n’abanyamakuru mu mezi atandatu ashize, nyuma yuko depite wo mu ishyaka ry’abarepubulikani atangije igerageza ryo kumweguza.

    Ubwo yavugiraga mu biro bikuru by’ingabo z’Amerika, Pentagon, uwo Minisitiri w’ingabo yavuze ko ubusabe bwo kumweguza ari “ikinamico” ndetse ashyigikira “ibikorwa bya gisirikare bikurikije amategeko” by’Amerika.

    Hegseth yongeyeho ati: “Ibi si ugukunda igihugu. Ibi ni ukwangiza.”

    Yakomeje kunengwa ku kuntu yitwaye ku ntambara yo muri Iran, anengwa n’abademokarate hamwe n’abarepubulikani, ariko Perezida w’Amerika Donald Trump avuga ko uwo Minisitiri we yitwaye neza cyane.

    Ku wa mbere, ingingo zo kumweguza zagejejwe mu nteko ishingamategeko y’Amerika, umutwe w’abadepite, zijyanwe na Depite w’umurepubulikani, Thomas Massie, uvuga ko Minisitiri w’ingabo yarenze ku itegekonshinga igihe atasabaga uruhushya inteko ishingamategeko kuri iyo ntambara yo muri Iran.

    Uwo muhate wo kumweguza birashoboka ko nta cyo uzageraho, kubera ko abarepubulikani ari bo bakigenzura inteko ishingamategeko kugeza muri Mutarama (1) mu 2027, bisobanuye ko mu matora ayo ari yo yose yabaho mu nteko ishingamategeko baba bafite ububasha bushingiye ku bwiganze bwabo.

    Izindi nkuru wasoma:

  2. Trump avuga ko FBI iri gukora iperereza ku mubano umukuru wa kompanyi Nvidia yagiranye n'uvugwa ko ari maneko w'Ubushinwa

    Perezida w’Amerika Donald Trump yavuze ko urwego rw’ubugenzacyaha rw’icyo gihugu (FBI) rurimo gukora iperereza ku mubano w'urukundo hagati y’umukuru wa kompanyi Nvidia – ikora mu bijyanye na mudasobwa n'ubwenge buhangano (AI) – n’ucyekwa ko ari maneko w’Ubushinwa.

    Ku wa mbere, Trump yavuganye na Jensen Huang nyuma y’amakuru yuko Amerika yemera ko uwo mugabo yibasiwe mu gikorwa cy’ubutasi cy’Ubushinwa.

    Trump yabwiye abanyamakuru ati: “Namubajije icyo kibazo, nti ‘Wari ubizi ko yari maneko?’ Aravuga ati: ‘Sinari mbizi ko yari maneko’ kandi rwose [Huang] ndamwemera [ndamwizera].”

    Ubushinwa bwahakanye ibivugwa ko Huang yibasiwe na bwo mu gikorwa cy’ubutasi. Minisiteri y’ububanyi n’amahanga y’Ubushinwa yavuze ko ibyo birego “nta shingiro bifite na gato, ni ibyo guhwihwisa kandi bigamije guharabika [gusebya] Ubushinwa”.

    Nyuma, ubwo yavugiraga mu kiganiro n’abanyamakuru mu biro bye bya White House, Trump yabwiye abanyamakuru ati: “Ndabizi ko FBI irimo gukora iperereza” kuri uwo mubano ariko Trump nta makuru arambuye yatanze kuri iryo perereza, cyangwa ngo yemeze igihe ryatangiriye.

    Trump yongeyeho ko atekereza ko Huang ari “umuntu wiyubashye kandi nizeye neza ko azamera neza” nyuma y’amaperereza.

    FBI ntiyasubije ubwo BBC yayisabaga kugira icyo ibivugaho.

    Kompanyi ya Nvidia, yakoresheje iperereza ryigenga kuri uwo mubano urimo Alice Huang, uvugwa ko ari maneko w’Ubushinwa, yavuze ko nta mpamvu ifite yo kwemeza ko amabanga yayo cyangwa umutekano w’igihugu byinjiriwe.

    Izindi nkuru wasoma:

  3. Jean Léonard Teganya ukekwaho kugira uruhare muri jenoside yaraye yoherejwe n'Amerika mu Rwanda

    Leta Zunze Ubumwe z’Amerika zohereje mu Rwanda Jean Leonard Teganya ukekwaho kugira uruhare muri Jenoside.

    Ubushinjacyaha bw'u Rwanda buvuga ko Teganya, w'imyaka 55, akekwaho ibyaha byakorewe mu mujyi wa Butare (ubu ni mu Karere ka Huye) mu majyepfo y'u Rwanda, mu gihe yari umunyeshuri wiga ubuganga muri Kaminuza y'u Rwanda.

    Jean Leonard Teganya akekwaho kugira uruhare mu rupfu rw'Abatutsi biciwe hirya no hino mu mujyi wa Butare, harimo no mu bitaro bya Kaminuza bya Butare.

    Jenoside yo mu 1994 yamaze iminsi igera ku 100, aho abantu bagera ku 800.000, cyane cyane abo mu bwoko bw’Abatutsi n'Abahutu batari bashyigikiye ubwicanyi, bishwe.

  4. Biritezwe ko Manchester United yirukana Michael Carrick mu misi iri imbere

    Biriko birushiriza kwibonekeza ko umurwi Manchester United ushobora kwirukana umumenyereza mukuru Michael Carrick.

    Uwo murwi wari wahisemwo kugumana na Carrick inyuma y'uko Bournemouth iwunyagiye 3-0 mu rukino rwabereye i muhira kw'igenekerezo rya 25 Gitugutu (10), ariko wari wafashe iyo ngingo mu ntumbero yo gusubira gusuzuma uko ibintu vyifashe muri iki kiringo c'ukwezi kw'akaruhuko k'inkino z'imirwi nserukiragihugu.

    Amakuru atandukanye BBC Sport yahawe n'amasoko yayo avuga ko abagize inama nyobozi y'uwo murwi bakibandanya gukurikiza iyo nzira bari bafashe, kandi ko ata ngingo ya nyuma irafatwa ku bijanye na kazoza ka Carrick muri uwo murwi.

    Ariko, biriko birushiriza kuvugwa ko umuyobozi nshingwabikorwa w'umurwi, Omar Berrada, hamwe n'umuyobozi ajejwe ivy'inkino, Jason Wilcox, bazosaba Sir Jim Ratcliffe, afise imitahe mike muri uwo murwi, hamwe n'umuryango wa Glazer, kwirukana Carrick.

    Kunganya ibitsindo 4-4 n'umurwi Aston Villa ku musi wa Mungu vyatumye Manchester United, iri mu kibanza ca 18, igira intango mbi kuruta izindi zose mu mahiganwa yo mu gihugu mu myaka 40 iheze.

    Muri Gitugutu (10), BBC Sport yari yatangaje ko Manchester United yari yatanguye gukurikiranira hafi uwahoze amenyereza Newcastle, Eddie Howe, hamwe n'uwahoze amenyereza umurwi nserukiragihugu w'Ubudagi, Julian Nagelsmann, mu ntumbero yo kurondera umusubirizi wa Carrick.

    Birazwi ko uwahoze amenyereza Chelsea, Antonio Conte, na we nyene yipfuza cane kuronka iryo banga. Amakuru atandukanye BBC Sport yahawe n'amasoko yayo avuga ko na Mauricio Pochettino, yahoze amenyereza umurwi wa Tottenham Hotspur, yipfuza kumenyereza Manchester United.

    Muri Myandagaro (8), Pochettino yarongereje amasezerano yo kubandanya amenyereza umurwi nserukiragihugu wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

    Ariko, ayo masezerano bivugwa ko arimwo ingingo zimwemerera kuyahagarika igihe yoba aronse akazi gakomeye cane kandi kadasanzwe.

    Umurwi nserukiragihugu wa Amerika urafise inkino zibiri zo gukuranamwo na Haiti, mu mahiganwa ya Concacaf Nations League, zizoba kw'igenekerezo rya 14 n'irya 18 Munyonyo (11).

    Izindi nkuru wosoma:

  5. Amerika yakuye indege zayo z'intambara i Mildenhall mu Bwongereza ku bwoba bw'igitero ca Irani

    Ikinyamakuru Wall Street Journal co muri Amerika gitangaza ko igisirikare ca Amerika cakuye indege zitari nke ku kigo c’ingabo zayo zirwanira mu kirere kiri mu buseruko bw'Ubwongereza inyuma y'uko habaye amakuru avuga ko gishobora guterwa na Iran.

    Ntibiremezwa ku mugaragaro ko izi ndege zari ku kibuga c’ahitwa Mildenhall, ahakorera ingabo zo mw’ishami rya Amerika rizwi nka 100th Air Refueling Wing rijejwe kunywesha igitoro indege ziri mu kirere zimuriwe ahandi.

    Umunyamakuru wa BBC mu vy’umutekano avuga ko amakuru ava ku bantu bakurikirana uruja n’uruza rw’indege yerekana ko zimwe muri zo zishobora kuba zarimuriwe ku bindi birindiro vya Amerika biri ku mugabane wa Buraya.

    Mu kwezi guheze, igisirikare ca Amerika carakuye indege zaco zose zitera ibibombe ku kigo caco kiri mu bumanuko bushira uburengero bw’Ubwongereza, inyuma y’amakuru yavuga hari umugambi w’igitero cariko gitegurwa na Iran.

    Ayandi makuru ushobora gusoma:

  6. Trump yasubiriye gushigikira Hegseth inyuma y'uko hatangujwe itohoza rigamije kumubogoza

    Donald Trump yongeye kwerekana ko ashigikiye umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi, Pete Hegseth, n’ubwo umushingamateka wo mu mugambwe w'aba Républicains yatanze iciyumviro c’uko yokurwa mu mabanga, amwagiriza gutanguza intambara muri Irani no mu bindi bice vy'isi ata ruhusha yahawe n'Inama nshingamateka ya Amerika.

    Trump yabwiye abamenyeshamakuru mu biro vyiwe - White House - ko agishigikiye uwo mushikiranganji, n’ubwo hatangujwe iryo tohoza, asigura ko yatsinze “intambara zibiri” kandi ko abasirikare bamukunda.

    Umushingamateka Thomas Massie ariko arashikiriza integuro ijanye no kumubogoza, yagize ati: “Mu kugira uruhara mu ntambara yo muri Irani mu kiringo c’imisi irenga 90, adafise uruhusha rw’inama nshingamateka, Hegseth yararenze amategeko kandi ategerezwa kubibazwa”.

    Kugeza ubu, inama nshingamateka ya Amerika igizwe n’aba Républicains 218 hamwe n'aba Démocrates 214.

    Kugira ingingo yo gukura umutegetsi mu mabanga yemezwe n'Inama nshingamateka, bisaba amajwi angana n’ica kabiri c'abashingamateka bose. Yamara, kugira Inama nkenguzamateka na yo yemeze iyo ngingo, haca hasabwa bibiri vya bitatu vy'abayigize. Ivyo rero biragoye gushikwako muri iki gihe, bivanye n'ingene urwo rwego ruhagaze.

    Izindi nkuru wosoma:

  7. Ubufaransa bwagiriza Irani ko ari yo iri inyuma y'ibitero vyo ku mafirigo

    Ubufaransa bwagirije Iran kugaba ibitero vyo kuri internet ku vyuma bikanyisha (firigo) ibifungurwa mu maduka manini, ivyo bikaba vyatumye ibifungurwa bifise agaciro k’amamiliyoni y’amadolari vyononekara.

    Umushikiranganji w’Ubufaransa ajejwe imigenderanire, Jean-Noël Barrot, yavuze ko ivyo bitero bitari bwigere bibaho uravye urugero rwavyo.

    Yagirije ingabo za Irani zijejwe gukingira ubutegetsi bwa Kisilamu (IRGC) ko ari zo ziri inyuma y’ivyo bitero, yongerako ko Ubufaransa bushobora gufatira Iran ibihano.

    Tehran ntiragira ico ishikirije kuri ibi birego vy’Ubufaransa, ariko ibinyamakuru bimwebimwe vyo muri Irani bivyamirira kure, bivuga ko ata shingiro bifise.

    Amaduka agera ku 700 hirya no hino mu Bufaransa yarahungabanye kubera ivyo bitero, vyagabwe kuri logiciel/software ikoreshwa mu kugenzura ubushuhe bw’aya mafirigo.

    Umushikirizamanza mukuru wa Paris yatangaje ko amatohoza yatanguye ku muyobozi w’ishami rikora ibitero kuri internet rifitaniye isano na IRGC, hamwe n’ivyegera vyiwe bibiri.

    Laure Beccuau yavuze ko iri shami ryitwa Shahid Kaveh, kandi ko rifitaniye isano n’ikigo ca IRGC kijejwe ubuhinga bwa none n’ibitero vyo kuri internet.

    Shahid Kaveh ni izina rihabwa umurwi w’abahinga mu bitero vyo kuri internet bikekwa ko bakorera ubutegetsi bwa Iran ku buryo butaziguye.

    Mu ndwi iheze, ibitero bisa n’ibi vyaribonekeje mu bindi bihugu vy’i Buraya, harimwo Ububirigi, Suwede, Ireland, Ubuholande, Estonia na Finland.

    Ayandi makuru ushobora gusoma:

  8. Igipolisi mu matohoza inyuma ya videwo y'abagabo babiri bafashwe n’umuriro kuri kaminuza ya Ohio

    Ibikorwa vy’ishirahamwe ry'abanyeshure b'abahungu kuri Kaminuza ya Ohio muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika vyahagaritswe vy'agateganyo inyuma y'aho hasohokeye videwo yerekana abagabo babiri bafashwe n’umuriro.

    Iyo videwo, yakwirakwijwe cane ku mbuga nyagiro, yerekana umurwi w'abantu bariko bitwengera bavuza n’akaruru mu gihe impuzu z'umwe muri abo bagabo zafatwa n'umuriro. Uwo mugabo yaciye yita ku wundi muntu na we nyene impuzu yari yambaye zifatwa n’umuriro.

    Abo bagabo bompi baboneka bivumbagatanya hasi mu kugerageza kuzimya uwo muriro, imbere y’uko inyuma y’akanya abari aho baza kubatabara.

    Abategetsi ba kaminuza bavuga ko abo vyashikiye bariko baravurwa, mu gihe ivyabaye vymaze gushikirizwa igipolisi co muri ako karere kugira gikore amatohoza.

    Ishirahamwe Sigma Alpha Epsilon rivuga ko abo bizoboneka ko babigizemwo uruhara bazobibazwa.

  9. Trump avuga ko intambara ya gisirikare muri Iran ‘mu vy'ukuri yarangiye'

    Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika avuga ko intambara igihugu ciwe kirimwo na Irani “yarangiye ku ruhande rwa gisirikare”, kandi ko hari intambwe nziza ziriko ziraterwa mu biganiro bigamije kuyihagarika.

    Mu kiganiro n’abanyamakuru ejo ku wa mbere muri Maison Blanche/White House (ibiro vy’umukuru w’igihugu), Trump yavuze ko Amerika igumije ibintu uko bimeze ubu bisabwe n’ibihugu bibanyi vya Iran. Yongeye avuga ko amahirwe y’uko Amerika yosubira kugaba ibitero kuri Iran ari make cane, naho ashimangira ko ingabo zayo ziteguriye kwishura mu gihe ibintu vyohinduka.

    Trump yanse gutangaza ku mugaragaro ko intambara yarangiye, avuga ko ibihugu vy’incuti za Amerika biri mu Kigobe c’Abarabu bishobora kubandanya bihura n’iterabwoba riva muri Iran. Yavuze kandi ko icemezo c’ingabo za Amerika co kugota ibivuko vya Irani kiriko kirafasha mu gukomeza umutekano w’akarere no gukingira ibihugu bibanyi vya Iran.

    "Dufise incuti nyinshi zikomeye hariya, rero dutegerezwa gukora ibishoboka kugira ntizihave zigirirwa nabi," niko Donald Trump yavuze.

    Imbere y’aho kuri uwo munsi nyene, Trump yari yakiriye muri Maison Blanche umushikiranganji wa mbere wa Qatar, Sheikh Mohammed bin Abdul Rahman Al Thani. Impande zompi zavuze ko ibiganiro vyabo ku bijanye no kurangiza intambara vyagenze neza. Qatar nayo yavuze ko ibiganiro vyabaye hagati y’abategetsi bayo, Trump hamwe n’icegera c’umukuru w’igihugu JD Vance vyibanze ku gushika ku masezerano no kugarukana amahoro mu karere.

    Kuva intambara itanguye inyuma y’ibitero rusangi vya Amerika na Israel kuri Irani muri Ruhuhuma (2) uno mwaka, bimwe mu bihugu vy’incuti za Amerika mu Kigobe, harimwo Arabia Sawudite, Qatar na Emira Zunze Ubumwe z’Abarabu, vyarahuye n’ibitero vya Iran mu gihe c’iyo ntambara, vyatumye ingendo z’indege mu karere zihungabana cane.

    Kuva aho Abarepubulikani batsindiwe cane mu matora y’abashingamateka n’abakenguzamateka yabaye ku wa 3 Munyonyo (11), Trump yagiye yerekana kenshi ko ashigikiye ko imishamirano igabanuka. Mu kiganiro aheruka kugira kuri televiziyo, yavuze ko ata mpamvu abona yotuma intambara yongerekana.

    Iyo ntambara kandi yarateje impari za poritike i Washington. Umushingamateka w’Umurepubulikani Thomas Massie yasavye ko umushikiranganji w’ukwivuna abansi Pete Hegseth abogozwa, nubwo Trump yamushigikiye avuga ko ibi bifise intumbero za poritike. Abademokarate bavuga ko bashobora kubandanya n’uno mugambi mu gihe inama nshingamateka na nkenguzamateka nshasha zizoba zitanguye ibikorwa vyazo.

    Ayandi makuru ushobora gusoma ku ntambara yo muri Irani:

  10. Mwaramutse.

    Kaze mu makuru yo mu karere no mu makungu tubashikiriza mu buryo bw'ikibiriraho.