Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.

Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa

Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke

Amerika yagirije abagabo batatu gukorana na Irani mu gutegura igitero ku kigo RAF Fairford mu Bwongereza

Irani irahakana ivyo yagirizwa, ikavuga ko ibirego ku bijanye n'ivyabereye ku kigo ca RAF Fairford bidafise ishingiro kandi ko bifise intumbero yo kuyicafuza.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Bernard Bankukira, Didier Bikorimana na Gildas Yihundimpundu

  1. Mwakoze kubana natwe uyu munsi muri iyi gahunda y'amakuru yo mu buryo bw'aka kanya. Ni aho ku wa kane mu yindi gahunda nk'iyi.

  2. Kenya yasezereye umurwayi wa nyuma wa Ebola

    Kenya yasezereye mu bitaro umurwayi wa nyuma wa Ebola muri icyo gihugu – wa karindwi ukize iyo virusi, ikaba ibaye intambwe ikomeye itewe mu bikorwa bigamije guhagarika iyo ndwara muri icyo gihugu.

    Ubu Kenya itangiye igihe cyo kubara iminsi 42 kugira ngo itangazwe ku mugaragaro ko itakirangwamo Ebola, haramutse nta wundi murwayi wa Ebola uhagaragaye muri iyo minsi.

    Yari yemeje umurwayi wa mbere na mbere wa Ebola mu ntangiriro y’Ukwakira (10) uyu mwaka, ubwo umucuruzi w’Umunya-Kenya w’umugabo yapfaga hashize iminsi ageze mu murwa mukuru Nairobi.

    Yari yanduriye iyo virusi muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo, aho abantu barenga 5,000 bamaze kwicwa n’icyorezo cya Ebola gikomejeyo, cyatangajwe muri Gicurasi (5) uyu mwaka. Na nyina yaje gupfa nyuma yaho.

    Minisitiri w’ubuzima wa Kenya Aden Duale yavuze ko abantu 135 bamenyekanye ko bagize aho bahurira n’abarwayi, na bo barangije akato k’iminsi 21.

    Yagize ati: “Uyu munsi, hamwe n’isezererwa ry’umurwayi wa nyuma, dushobora kwemeza no kumenyesha isi ko abarwayi barindwi bakize – ndetse n’abantu bose bahuye na bo barangije igihe cyo kubakurikirana.”

    Ikigo cy’Afurika cyo kurwanya no kwirinda indwara (Africa CDC) cyasobanuye ibyo byabaye muri Kenya nk’ikintu cy’ingenzi icyo gihugu kigezeho mu rwego rw’ibikorwa byo mu karere byo guhangana na Ebola.

    Izindi nkuru wasoma:

  3. Pochettino yiteguye kwemera gusimbura Carrick mu gutoza Man Utd

    Mauricio Pochettino yiteguye kwemera ubusabe bwa Manchester United bwo kuyibera umutoza mukuru mushya.

    United yatangiye ibiganiro n’uwo Munya-Argentine ku kuba ashobora gusimbura Michael Carrick, witezwe gukurwa mu mirimo ye mu masaha 48 ari imbere.

    Mu gihe ejo hazaza ha Carrick haba hamaze gusobanuka, abahaye amakuru BBC Sport bavuze ko Pochettino, umutoza w’ikipe y’igihugu y’abagabo y’Amerika, ashaka gukora ako kazi.

    Uwo wahoze ari umutoza wa Tottenham na Chelsea arashaka gukomeza kubaha ishyirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Amerika ndetse azategereza kugeza United itangaje ku mugaragaro ko imushaka.

    Man Utd byayisaba kuriha miliyoni 10 z’amadolari y’Amerika – ni ukuvuga miliyari 14 FRW – kugira ngo Pochettino ashobore kuva muri kontaro yo gutoza Amerika, yasinye vuba aha muri Kanama (8) uyu mwaka.

    Izindi nkuru wasoma:

  4. Eswatini yahaye amezi 12 abacuruzi b'abanyamahanga batemewe n'amategeko ngo babe bamaze kuhava

    Ubucuruzi bw’abakomoka ku mugabane w’Aziya burimo gufungwa muri Eswatini mu gihe leta y’icyo gihugu irimo guhashya ibigo by’ubucuruzi by’abanyamahanga.

    Uko guhashya ubwo bucuruzi kubaye nyuma yuko inteko ishingamategeko yemeje itegeko ryo kongerera abaturage ubushobozi mu by’ubukungu, rigamije kongera ubucuruzi bw’Aba- emaSwati – nkuko abaturage b’ubwo bwami bitwa – no gutuma barushaho kwitabira ubucuruzi.

    Iryo tegeko rigiyeho rikurikiye ibirego byatanzwe n’abacuruzi bo muri icyo gihugu bavuga ko ubucuruzi bw’abanyamahanga burimo kuvogera ubucuruzi gakondo bwo muri icyo gihugu, kongera ihatana mu bucuruzi no guteza inkeke ku mibereho.

    Afurika y’Epfo yo yabayemo ibikorwa bikaze cyane byo gushyira mu ngiro ihashywa ry’ubucuruzi bw’abanyamahanga, birimo ibikorwa byo gusaka, guta muri yombi no kubangamira ubucuruzi buciriritse bw’abanyamahanga, mu gihe Kenya na yo yakajije ingamba ku bacuruzi b’abanyamahanga.

    Ishyirwa mu ngiro ry’iryo tegeko muri Eswatini ryateje impaka zikomeye mu nteko ishingamategeko, abadepite bacikamo ibice ku ngingo ijyanye n’igihe byafata kugira ngo ubucuruzi bw’abanyamahanga bube bwamaze kuva muri icyo gihugu.

    Depite Welcome Dlamini, uhagarariye akarere ka Mbabane East, ku wa kabiri yabwiye inteko ishingamategeko ko abategetsi bo muri minisiteri y’ubucuruzi bamaze gutangira gushyira mu bikorwa iryo tegeko bagafunga amaduka y’Abanya-Aziya.

    Depite Tanele Magagula, uhagarariye akarere ka Hhohho, yasabye ko hagira igikorwa ako kanya, avuga ko “Ubucuruzi bw’abanyamahanga mu turere tw’icyaro bugomba gufatwa aka kanya”.

    Ariko Depite Dlamini yibajije niba ba rwiyemezamirimo bo muri Eswatini biteguye gusimbura ubwo bucuruzi, avuga ko abanyamahanga bakwiye guhabwa igihe cyo kubanza guhugura abazabasimbura.

    Izindi nkuru wasoma:

  5. RD Congo: Abanduye Ebola barenze 11,000 mu gihe abategetsi batangaje abandi bantu 52 banduye

    Abantu 11,000 ni bo bamaze kwemezwa ko banduye Ebola mu cyorezo cyadutse ku nshuro ya 17 muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo (RDC), nkuko bikubiye mu mibare mishya yatangajwe n'abategetsi bo mu rwego rw'ubuvuzi muri icyo gihugu.

    Raporo ikubiyemo iyo mibare ivuga ko ubu abantu 11,042 bamaze kwemezwa ko banduye Ebola, mu gihe abantu 5,387 bemejwe ko bishwe na yo kuva itangajwe ku itariki ya 15 Gicurasi (5) uyu mwaka.

    Soma inkuru irambuye hano

    Izindi nkuru wasoma:

  6. Nta gahengwe hagati y'Uburusiya na Ukraine mu gihe ibiganiro bibandanya

    N'ubwo ibiganiro hagati y'impande zose bibandanya, Uburusiya na Ukraine birabandanya biterana ibisasu, cane cane ku bigo ntanganguvu nyamukuru.

    Umushikiranganji wa mbere wa Ukraine, Serhii Koretsky, yavuze ko Uburusiya bwagavye ibitero mw'ijoro ryakeye ku bigo binini vy’umuyagankuba bitandatu hamwe n'ikigo gitanga ubushuhe kiri hagati mu gihugu. Yavuze kandi ko ibigo vya gari ya moshi vyononekaye mu burengero no mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Ukraine.

    Mu gisagara ca Kherson kiri mu bumanuko, ishure rimwe ryononekaye inyuma yo guterwa igisasu. Koretsky yavuze ko abantu n'imiburiburi 14 bakomerekeye muri ivyo bitero vyo mw’ijoro ryakeye.

    Kuri uyu wa gatanu, Ubushikiranganji bw'Uburusiya bujejwe kwivuna abansi bwatangaje ko bubandanya n’ibitero vy’indege zitajamwo abadereva (drone) ku bigo ntanganvuru mu gisagara ca Kryvyi Rih no mu karere ka Odessa.

    Ku rundi ruhande, Ukraine nayo yongeye gutanguza ibitero bikomeye ku nganda zitunganya igitoro vy'Uburusiya kuva mu mpera z'ukw’icumi. Mw'ijoro ryakeye, ikivuko ca Ust-Luga mu ntara ya Leningrad catewe.

    Ni mu gihe ubushikiranganji bw'Uburusiya bujejwe kwivuna abansi bwatangaje ko drones 627 za Ukraine zarashwe mu turere 22 tw'Uburusiya, mu ntara ya Crimée/Crimea yigaruriwe n'Uburusiya no hejuru y'Ikiyaga ca Azov.

    Buramatari w'intara ya Leningrad, Alexander Drozdenko, yavuze ko amadrone 150 yarasiwe mu kirere. Yanditse ku rubuga rwa Telegram ko ico gitero cari gitumbereye ku kivuko ca Ust-Luga mu karere ka Kingisepp.

    Yavuze ko amwe muri ayo madrone yateje umuriro wakomerekeje abakozi batatu, ariko ko ubuzima bwabo butari mu kaga. Ico kivuko ca Ust-Luga kimaze igihe kigabwako igitero vya drone.

    Mu ntara ya Smolensk, mu gisagara ca Yartsevo, ibisigarira vy’amadrone vyaguye ku nyubakwa y'amagorofa menshi biteza umuriro vyongera bihitana n’abantu babiri, nk'uko buramatari Vasily Anokhin yabitangaje.

    Ayandi makuru ushobora gusoma:

  7. RD Congo: Tshisekedi yaraye ateye igikumu kw'itegeko rya kamarampaka, abakeba biwe bararyiyamiriza

    Repubulika ya Demokarasi ya Congo yatangaje itegeko rishasha rigena uko amatora ya kamarampaka yo ku rwego rw'igihugu ategurwa, ingingo iriko yongereza impari zikomeye ku bijanye n'ihindurwa rishoboka ry'Ibwirizwashingiro.

    Iri tegeko ryateweko igikumu na Perezida Félix Tshisekedi inyuma y'amezi menshi y'impari, risomwa ku mugaragaro ku mboneshakure y'igihugu nijoro ku wa kabiri n'icegera c'umuvugizi w'Umukuru w'Igihugu.

    Ryari rimaze igihe kirekire ricibwa irya n’ino mu nama nshingamateka na nkenguzamateka, bagerageza kurihinyanyura.

    Nk'uko bigaragara mu rwandiko rusigura iri tegeko, amatora ya kamarampaka ashobora gukoreshwa mu kwemeza ibwirizwashingiro rishasha canke mu guhindura ingingo zimwe zimwe z'irisanzwe rihari.

    Rivuga ko kamarampaka ishobora gusabwa n’umukuru w’igihugu, inama nshikiranganji, igice c'abagize inama nshingamateka, igice c'abagize inama nkenguzamateka, canke urwandiko rwateweko igikumu n’abanyagihugu ibihumbi ijana.

    Abatavuga rumwe n'ubutegetsi bavuga ko rishobora gufungura inzira yo guhindura ingingo zimwe zimwe zikingira demokarasi, harimwo n'izigena igitigiri c'ibiringo umukuru w'igihugu ashobora kumara ku butegetsi.

    Ihuriro ry'abatavuga rumwe n'ubutegetsi rizwi nka C64 ryiyamirije iri tegeko, rivuga ko ari "ugusenyura Ibwirizwashingiro", kandi ko ari ukurondera kworohereza Perezida Tshisekedi kugira agume ku butegetsi, ivyo reta ihakana.

    Muri Rusama (5) haradutse impari igihe Perezida Tshisekedi yavuga ko ashobora kwiyamamariza ikindi kiringo inyuma ya 2028, mu gihe "abanyagihugu" bobimusaba biciye muri kamarampaka.

    Iki kibazo kiboneka ko kizobandanya kuba isoko nyamukuru ry'icuka kibi muri RD Congo uko igenda yegereza amatora y'umukuru w'igihugu ategekanijwe mu 2028.

    Ayandi makuru ushobora gusoma:

  8. Ubundi bwato butwara igitoro bwahiriye mu muhora wa Hormuz inyuma yo guca kuri ‘mine’ – Igisirikare ca Iran

    Igisirikare co mu mazi ca Iran catangaje ko ubwato butwara igitoro bwafashwe n’umuriro mu gitondo co ku wa gatatu, mu buseruko bw’Umuhora wa Hormuz, inyuma y’uko buciye kuri ‘mine’, nk’uko bishikirizwa na BBC Persian, ishami rya BBC ryandika mu rurimi rw’igi Perse.

    Mw’itangazo casohoye, ico gisirikara cadondoye ubwo bwato nk’ubwari “bwarenze ku mategeko ». Catomoye ko bwaciriye kuri iyo ‘mine’ mu karere “kabujijwe kandi k’akaga”.

    Ico gisirikare congeye kugabisha ko ubwato bwose bwipfuza kurengana mu muhora wa Hormuz mu mutekano, butegerezwa kubanza gukorana n’inzego za Iran bukongera bukubahiriza amategeko agenga ingendo zo mu mazi.

    Imbere y’aho, Ikigo c’Abongereza kijejwe gukurikirana ibikorwa vy’ubudandaji bwo mu mazi cari catangaje ko caronse amakuru yerekeye “ikintu giteye amakenga” cabaye ku bwato bucisha igitoro muri Hormuz, kandi ko amatohoza yari akibandanya.

    Ntibiramenyekana neza nimba ayo makuru y’ico kigo n’itangazo ry’igisirikare ca Iran vyerekeye ubwato bumwe canke ibintu bibiri bitandukanye.

    Mw’itangazo ry’igisirikare ca Iran, nta zina ry’ubwo bwato canke ibendera ry’igihugu bwanditswemwo vyavuzwe. Nta makuru kandi yatanzwe ku kuntu abakozi babwo bamerewe canke urugero rw’ivyononekaye.

    Izindi nkuru wosoma:

  9. Umushikiranganji w’ikigega ca reta wa Amerika yimukiye ku kigo ca gisirikare ku bwoba bwo guterwa na Irani

    Ibinyamakuru vyo muri Amerika bitangaza ko umushikiranganji w’iki gihugu ajejwe ikigega, Scott Bessent, yavuye muhira iwe akimukira ku kigo c'igisirikare ku bwoba bw’uko ashobora guterwa na Irani.

    Ikinyamakuru The New York Times gisubiramwo amakuru cahawe n’abegereye uno muryango avuga ko Bessent n'umuryango wiwe bafashe iyi ngingo kubera impungenge ku mutekano wabo.

    Nk'uko ico kinyamakuru kibivuga, amatangazo yashizwe ahabona mu mpera z'ukwezi guheze n'umwe mu barongoye igendereza mu butegetsi bwa Perezida Trump yagabishije ko Irani yariko irongereza akariro mu nteguro zayo z’ibitero ku ngabo no ku bategetsi ba Amerika.

    Irani yari imaze guhakana ko ata mugambi n’umwe ifise wo kugaba ibitero ku bategetsi canke ku bandi bantu bari ku butaka bwa Amerika.

    Vyongeye, abategetsi ba Amerika bavuga ko ubushobozi bwa Irani bwo kugaba ibitero bikomeye ku butaka bwa Amerika buri ku rugero ruto.

    Bessent ni we ari kw’isonga ry’ibihano be n’igitutu ku butunzi bwa Irani, kuva muri Myandagaro (8), mu gikorwa ciswe Operation Economic Outcast (twogereranya mu Kirundi na ‘Igikorwa co gukumira Irani mu vy'ubutunzi’) mu ntumbero yo guhatira Tehran (ubutegetsi bwa Irani) guhagarika ibitero ku mato aca mu Muhora wa Hormuz, kandi ikugurura iyi nzira kirumara yo mu mazi. Kuva Amerika na Israel bitanguye ibitero kuri Irani ku wa 28 Ruhuhuma (2), Tehran yaciye izibira uno muhora.

    Itororokanirizo ry’amakuru Reuters risubiramwo ubutumwa muravyo (email) bw’umuvugizi w’ubwo bushikiranganji avuga ati: "Umushikiranganji ntajugumizwa n'iterabwoba ry'ubutegetsi bwa Irani, arabandanya n’igikorwa co gukumira Irani mu vy'ubutunzi, be n’ico kugota ibivuko vyayo, ibi vyompi bikaba biriko birasenyura ubutunzi bwa Irani."

    Ayandi makuru ushobora gusoma:

  10. Ukraine – Uburusiya: Zelensky yizeye ko ibiganiro biriko biraba bizotuma abonana na Putin

    Ibiganiro hagati y’Uburusiya na Ukraine biriko bibera i Abu Dhabi, muri Emirats Zunze Ubumwe z’Abarabu, bitegekanijwe kubandanya ku musi ugira kabiri uno musi, inyuma y’uko ingunga ya mbere yabaye ku wa mbere idondowe nk’iyagenze neza.

    Perezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky, yavuze ko ahimbawe cane no kubona abahuza b’Abanyamerika, Jared Kushner na Steve Witkoff, barahinduye umukenyuro bakoresha muri ivyo biganiro. Ni inyuma y’uko yari yagaragaje ko atewe umutima uhagaze n’ukwiyongera kw’ubucuti bafitaniye na Moscou.

    Avuga ko yizigiye ko ivyo biganiro bishobora gutuma haba inama ihuza abakuru b’ibihugu, harimwo na Perezida w’Uburusiya, Vladimir Putin.

    Ku ruhande rwiwe, Jared Kushner yavuze ko bashoboye kugabanya ubutandukane bw’ivyiyumviro hagati y’impande zishamiranye, ariko ntiyatanze ido n’ido ry’ivyo bumvikanyeko.

    Ibi ni vyo biganiro vya mbere hagati y’Uburusiya na Ukraine kuva muri Ruhuhuma (2), igihe Reta Zunze Ubumwe za Amerika zasamazwa n’intambara yo muri Iran.

    Ariko rero, n’ubwo ibiganiro bidondorwa nk’ibiriko bigenda neza, intambara yo yabandanije mw’ijoro ryakeye nk’uko bishikirizwa n’itororokanirizo ry’amakuru AFP. Buramatari w’intara ya Leningrad mu Burusiya, Aleksandr Drozdenko, yanditse ku rubuga rwa Telegram ko ibitero vy’ama ‘drone’ vyatumye haduka umuriro ku kivuko ca Ust-Luga, kimwe mu bihambaye Uburusiya bukoresha mu gushora igitoro biciye mu kiyaga ca Baltic.

    Mu bundi butumwa yasohoye mu nyuma, yavuze ko ico gitero cakomerekeje abakozi batatu. Yongeyeko ko ubuhinga bwo kwikingira ibitero vyo mu kirere vy’Uburusiya bwakoroye ama ‘drone’ 150 muri iyo ntara muri iryo joro nyene.

    Izindi nkuru wosoma:

  11. Argentine : Papa Leo asaba urwaruka kutagwa mu mutego w’amafaranga canke ibiyayuramutwe

    Umwungere wa Ekleziya Katolika, Papa Leo, yabwiye isinzi ry’urwaruka rwari rwakoraniye mu gisagara ca Buenos Aires, umurwa mukuru wa Argentine, ko rudakwiye gutwarwa n’amahera canke ngo ruharanire cane kumenyekana ku mbuga ngurukanabumenyi.

    Abantu barenga umuriyoni bitavye amasengesho y’urwaruka yo mw’ijoro, yabonesherezwa n’ama ‘bougie’ ariko araka, akaba yari arongowe n’uwo mwungere.

    Ahanura abayitavye, yavuze ko bakwiye “guhagarara rugabo” imbere y’ “ibihimbara ariko amaherezo bigashobora kutugira abaja”, nk’amasanamu y’ibiterasoni canke ibiyayuramutwe.

    Hagereranywa ko abantu imiriyoni zibiri n’igice bitavye inkuka ya misa Papa Leo yasomeye i Buenos Aires ku wa mbere.

    Iryo joro ry’amasengesho ni ryo rya mbere ryitabwe n’abantu benshi kuruta ayandi yose yabaye kuva atorewe ayo mabanga.

    Papa Leo ariko agendera ibihugu bitatu vyo muri Amerika y’Epfo mu rugendo ruzomara imisi cumi n’ibiri.

    Izindi nkuru wosoma:

  12. Sudani: ‘Mumbwirire Vinicius ko ndamukunda cane’ – umwana yacitse amaguru yarungikiwe ubutumwa na Vinicius

    Umwana w'Umunyasudani yacitse amaguru yose mu gitero c’indege itajamwo umudereva (drone) mu ntambara yo muri Sudani yaronse ubutumwa budasanzwe buvuye ku mukinyi akunda cane, Vinícius Júnior wa Real Madrid.

    Zaher w'imyaka 13 yakomerekeye mu gitero ca drone mu 2024 igihe we na nyina wiwe bari bazibiriwe i Khartoum, igihe ingabo za Sudani zariko zitana mu mitwe n'umuhari wa RSF. Inyuma yo gucibwa amaguru yompi, yabwiye BBC ko yaguma arota kuzosubira gutambuka no gukina umupira w'amaguru.

    Inyuma y'igikorwa co kwegeranya imfashanyo cakozwe n'abantu bo hirya no hino kw'isi, Zaher yarajanywe i Cairo mu Misiri kugira avurwe yongere akurikiranwe. Inyuma y'amezi atari make akorerwa ubuvuzi ngorora mubiri (physiotherapy), ubu arashobora gutambuka ku maguru y’amakorano, kandi ariko arasubira gukora bimwe mu bikorwa yahora akunda.

    Mu butumwa bwa videwo yamurungikiye, Vinícius Júnior yaramukeje ku butwari bwiwe, yongera aramuremesha ko atohagarika gukurikira indoto ziwe. Uno mukinyi w’umunya-Brezili yaciye atumira uno mwana kugira azoje kurorera urukino rwa Real Madrid no kuzomarana umwanya na we muri Espagne.

    Uyu mwana yararengewe amaze kubona ubutumwa bwa Vinicius. Yavuze ati: "Mumbwirire Vinícius ko ndamukunda cane. Ubutumwa bwiwe bwaranshitse ku mutima."

    Abaganga n'abamufashije bavuga ko yahindutse cane haba ku mubiri canke mu buryo yiyumva. Zaher na nyina basubiye i Khartoum, n'aho igihugu kigifise ingorane z'umutekano.

    Abamushigikiye bizeye ko inkuru yiwe izofasha kwerekeza amaso ku bandi bana benshi bo muri Sudani bahuye n'ingaruka zikomeye z'intambara.

  13. Amerika: Inama nshingamateka yabaye irahagaritse icipfuzo co kubogoza Pete Hegseth

    Akigoro ko kubogoza mu mabanga umushikiranganji wo kwivuna abansi wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Pete Hegseth, yagirizwa gutanguza intambara kuri Irani atabiherewe uruhusha n'Inama nshingamateka, ntaco kashitseko ku wa kabiri.

    Benshi mu bashingamateka bashigikiye ko ibirego bisaba ko Hegseth abogozwa birungikirwa umurwi ubijejwe kugira ubisuzume – ivyatumye ico gikorwa cari catangujwe n'umushingamateka w’umu Républicain wo muri Kentucky atavuga rumwe na bamwe mu mugambwe wiwe, Thomas Massie, gihagarara - muri iki gihe.

    Mu kiganiro n'abamenyeshamakuru, ica mbere mu mu mezi atandatu, Hegseth yavuze ko ico gikorwa co kumukura mu mabanga ari “inkinamico idafise ishingiro” kandi ko ari ikigamije “kudurumbanya”.

    Vyaragaragara ko ico gikorwa kidashobora gushika kw’ihangiro, kuko cari gusaba ko n’abandi bashingamateka b’aba Républicains biyamiriza Perezida Donald Trump.

    Massie ni we wenyene mu bashingamateka b’aba Républicains yatoye yanka ko integuro irungikirwa umurwi ujejwe ubutungane mu Nama nshingamateka, uhurikiyemwo ahanini abanywanyi b'uwo mugambwe.

    Iyo nteguro y’ivyagiriji ntiyashitse ku co yari igamije kuko yashigikiwe gusa ku majwi 211, mu gihe abashingamateka 204 bayanse. Abandi barenga 12, harimwo 11 bo mu mugambwe w'aba Démocrates ntibitavye igikorwa co gutora.

    Kurungikira iyo nteguro uwo murwi bisigura ko ico gikorwa co kubogoza Pete Hegseth gisa n'uko gihagaritswe burundu, kuko hasigaye igihe gito ngo ikiringo c'Inama nshingamateka ihari ubu kirangire, imbere y'uko aba Démocrates bafata uburongozi muri Nzero (1).

    Mu butumwa yacishije ku rubuga rwiwe Truth Social, Perezida Trump yarashimagije iyo ngingo aho yavuze ko igikorwa co kubogoza Hegseth “cananiwe bimwe bibabaje cane”.

    Izindi nkuru wosoma:

  14. Umusirikare wa Amerika apfungiwe i Londres yagirizwa kunekera Uburusiya

    Umusirikare mukuru wa Amerika apfungiwe ku kigo c’igipolisi i Londres mu Bwongereza inyuma yo gufatwa yikekwa gukorera igendereza ry’Uburusiya.

    Uwo mugabo w'imyaka 41 yafashwe mu gikorwa co kurwanya iterabwoba carimwo igisirikare ca Amerika hamwe n'igisata kijejwe igendereza muri Amerika, FBI.

    Amakuru avuga ko yakorera mw’ikambi ya Imjin Barracks muri Gloucestershire, ari na ho hari icicaro gikuru c'igisata ca NATO gishinzwe ubutabazi bwihuta kizwi nka Allied Rapid Reaction Corps.

    Igipolisi c'Ubwongereza cakoze isakwa mu bibanza bibiri biri hafi y'aho.

    Umukuru wa FBI, Kash Patel, yavuze ko ibi birego nk'ivyo vyo kunekera umwansi "biteye amakenga menshi cane kuri Amerika no ku bihugu vy’incuti".

    Yongeyeko ko FBI "itihanganira uwo ari we wese ahemuka ku ndahiro yagiriye Amerika".

    Ayandi makuru ushobora gusoma:

    Ushobora kandi gukurikirana amakuru ya Gahuzamiryango kuri: YouTube ya BBC Gahuza

  15. Amerika yagirije abagabo batatu gukorana na Irani mu gutegura igitero ku kigo RAF Fairford mu Bwongereza

    Ubushikiranganji bw'Ubutungane bwa Amerika (DOJ) bwagirije abagabo batatu bivugwa ko bakorana n'imirwi ishigikiwe na Irani gutegura ibitero bitandukanye i Buraya, harimwo n'umugambi wo kugaba igitero ku kigo c'indege za gisirikare ca RAF Fairford mu Bwongereza.

    Abagirizwa ni Mohammad Ali al-Hassani wo muri Iraki, Mohsen Mohajeri wo muri Irani na Mohammad Baqer Saad Dawood al-Saadi, afise ubwenegihugu bwa Irani n'ubwa Iraki. Amerika ivuga ko bafitaniye isano n'umurwi witwa HAYI, umaze kwiyemerera ibitero canke imigambi y'ibitero hafi 20 ku mugabane wa Buraya.

    Abajejwe amatohoza bavuga ko al-Hassani yatanze amafaranga kandi agategura igitero kuri RAF Fairford, ikigo gicumbikiye ingabo za Amerika. Bavuga ko abo bakorana bakoze ibikorwa vya maneko kuri ico kigo, barondera amakamyo, ingunguru z’ibitoro n'ibindi bikoresho, hanyuma muri Nyakanga (9) batwara amakamyo atatu bayerekeza kuri ico kigo.

    Abategetsi batangaje ko hari ikibazo kidasanzwe c'umutekano cadutse inyuma y'aho amakamyo ateye amakenga abonetse hafi y'ikigo c'indege za gisirikare kiri muri Gloucestershire. Naho ata biturika vyahatowe, igipolisi carafashe ibitoro. Abagabo indwi bamaze gufatwa mu Bwongereza ku bijanye n'iyo dosiye.

    Amerika ivuga ko umurwi HAYI wakoze ibitero vyarimwo imiriro, ibiturika n’imbugita i Londres, kandi ko uwo murwi wakorera ingabo zidasanzwe za Irani zijejwe gukingira ubutegetsi bwa Kisilamu (IRGC) hamwe n'umuhari w'abarwanyi bo muri Iraki witwa Kataib Hezbollah.

    Irani irahakana ko ata ruhara urwo ari rwo rwose yagize muri uwo mugambi, ikavuga ko ivyo yagirizwa ku bijanye n'ivyabereye kuri RAF Fairford ata shingiro bifise kandi ko bifise intumbero yo kuyicafuza.

    Ivyo vyatumye Amerika ikura indege zayo z'intambara muri ico kigo, Perezida Donald Trump akaba yavuze ko vyatewe n'ikibazo c'umutekano. Ikigo ca RAF Fairford kimaze imyaka myinshi gikoreshwa n'ingabo za Amerika zirwanira mu kirere mu bikorwa vya gisirikare vyo mu karere k'Ubuseruko bwo Hagati.

    Ayandi makuru ushobora gusoma:

  16. Mwaramutse.

    Kaze mu makuru yo mu karere no mu makungu tubashikiriza mu buryo bw'ikibiriraho.