Amerika na RDC bigiye kwihutisha gufashanya mu vy'ubutunzi no gushora imitahe

Perezida wa Amerika Donald Trump na Félix-Antoine Tshisekedi wa RDC bahanye ibiganza. (Ifoto mbarankuru)
Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 2

Reta Zunze Ubumwe za Amerika na Repuburika ya Demokarasi ya Kongo (RDC) zivuga ko zigiye kwihutisha no gukomeza imigenderanire mu bijanye n'umutekano hamwe no gufashanya mu vy'ubutunzi, cane cane mu gisata co gucukura amabuye y'agaciro.

Biri mw'itangazo Amerika yasohoye, inyuma y'inama abaserukira ibihugu vyompi bahuriyemwo ku wa gatanu, i Paris, mu Bufaransa, mu ntumbero yo gusuzumira hamwe aho ishirwa mu ngiro ry'amasezerano yo gufashanya asanzwe hagati y'ivyo bihugu rigeze.

Mu bindi bisata Amerika ivuga ko itegekanya gushiramwo imitahe, harimwo igisata c'amasoko ntanganguvu n'ico kwunguruza abantu n'ibintu.

Aya masezerano yashizweko umukono hagati ya Amerika na RDC mu mpera z'umwaka wa 2025, mu co bamwe babona ko Perezida Félix Tshisekedi yarondera ko Amerika igira uruhara rufadika mu gufasha gutorera inyishu ikibazo c'umutekano muke, usa n'uwabaye akananirabahinga, kirangwa mu buseruko bw'igihugu ciwe.

Urunani AFC-M23, ruherutse guhinduka FRN, rwarigaruriye uturere dutandukanye muri Kivu ya Ruguru na Kivu y'Epfo, igisirikare ca RDC kikaba kitarashobora kurudukuramwo. Ubutegetsi bw'i Kinshasa n'abahinga ba ONU bagiriza Urwanda ko ari rwo rufasha abo barwanyi, ariko rwo rurabihakana. Ruvuga gusa ko rwashizeho ingamba z'ubwirinzi.

Itangazo ryashizwe ahabona na Amerika ntiritomora nimba hari imitahe ico gihugu kimaze gushora muri RDC, ukwo yoba ingana, canke ko hari iyo kigiye gushira mu migambi itandukanye vuba.

Ntirinavuga uburere ibikorwa vyo gucukura amabuye y'agaciro bizorangurirwamwo.

Ikizwi gusa ni uko ayo masezerano, yasinywe muri 2025, yemerera kompanyi zo muri Amerika kuzana imitahe mu gisata co gucukura amabuye y'agaciro nkenerwa cane kw'isi harimwo cobalt, cuivre, lithium, germanium, n'ayandi.

Nk'uko bigaragara muri iryo tangazo, impande zompi zishimangira ko amahoro n'umutekano ari vyo bizotuma ayo masezerano ashobora gushika ku co yashiriweho, na co kikaba ari iterambere rirama rya RDC n'iry'abenegihugu bayo.