Messi yanditse ayandi mateka mu gutsindira ikirato c'inzahabu mw'ihiganwa MLS

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Ben Ramsdale
- Igikorwa, Umunyamakuru w'inkino wa BBC
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 2
Umusatirizi wa Inter Miami, Lionel Messi, abaye umukinyi wa mbere mu mateka y'ihiganwa rya MLS (ry'imirwi y'umupira w'amaguru yo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika na Canada) atahukanye ikirato c'inzahabu (Golden Boot) mu bihe bibiri vy'ihiganwa bikurikirana.
Messi, amaze no gutahukana agashimwe ka 'Ballon d'Or' incuro umunani, yinjije ibitsindo 26 mu nkino 31 yakinye. Arusha ibitsindo bine Peter Musa, umukinyi w'imbere wa FC Dallas, na bitanu Sam Surridge, umukinyi w'imbere w'Umwongereza akinira Nashville.
Messi abaye umukinyi agira gatandatu atahukanye ako gashimwe incuro zibiri. Agiye ku rutonde rw'abandi bakinyi harimwo Bradley Wright-Phillips yahoze akinira imirwi ya Charlton Athletic na Southampton.
Uretse ibitsindo yinjije, uwo mukinyi w'imyaka 39 yatanze kandi imipira 17 yavuyemwo ibitsindo mu nkino zose z'ihiganwa rya MLS. Ivyo vyatumye agira uruhara mu bitsindo 43, biciye mu kwinjiza ibitsindo no gufasha abandi kuvyinjiza, aca aba umukinyi wa mbere mwiza ku mwaka ugira kabiri yikurikirana.
Uwo yatwaye igikombe c'isi, arashobora kandi kwandika ayandi mateka mu gihe ariko arondera kuba umukinyi wa mbere atahukanye incuro zitatu agashimwe ka Landon Donovan MLS MVP, gahabwa uwigenjeje neza kurusha abandi muri MLS.
Messi yahoze akinira umurwi nserukiragihugu wa Argentine yatwaye ako gashimwe mu 2024, igihe Inter Miami yatahukana igikombe ca Supporters' Shield, yongera kukegukana mu 2025, igihe uwo murwi watwara igikombe ca MLS Cup.
N'ubwo yerekanye ubuhinga budasanzwe, Inter Miami ntiyashoboye kurangiza ihiganwa iri mu kibanza ca mbere mu karere ka Eastern Conference ka MLS. Uwo murwi warangije urushwa amanota 17 na Nashville ya Surridge.
Ubu Inter Miami igiye gukina na Columbus Crew mu nkino zitatu zo mu gice ca mbere c'ihiganwa ryo kurondera igikombe ca MLS Cup, zizotangura inyuma y'uku kwezi.













