RD Congo: Abasirikare 66 bakatiwe urwo gupfa bagirijwe kuba 'abanyabwoba'

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Basillioh Rukanga
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 2
Abasirikare bagera kuri 66 ni bo baciriwe igihano co gupfa bagirizwa kuba abanyabwoba, kugarariza no kwanka gukurikiza amategeko bahawe, nk'uko bishikirizwa n'ibimenyeshamakuru vyo muri Repuburika ya Demokarasi ya Kongo (RDC).
Ico gihano caciwe inyuma y'urubanza rw'abasirikare 71 rwabereye mu gisata c'ubutungane ca gisirikare i Walikale, mu ntara ya Kivu ya Ruguru, mu buseruko bwa RDC. Bane muri bo barejejwe, mu gihe uwundi umwe yakatiwe gupfungwa imyaka 10.
Igisirikare ca RDC kivuga ko urwo rubanza rwari rugamije gutsimbataza indero mu basirikare, mu gihe bahanganye n'imirwi yitwaje ibirwanisho mu buseruko bw'ico gihugu.
Ako karere kamaze imyaka mirongo karangwamwo intambara, aho n'ubu ingwano ikibandanya hagati y'ingabo za Reta n'umuhari FRN (Front pour la refondation de la nation), ugizwe n'urunani rw'imihari yitwaje ibirwanisho, harimwo M23.
Amakuru avuga ko abo basirikare bafashwe kw'igenekerezo rya 20 Gitugutu(10) i Walikale, bagirijwe kuba barataye ibirindiro barahunga igihe bariko batana mu mitwe n'abarwanyi ba FRN.
Igikorwa c'igisirikare ca Kongo co guhangana n'imirwi yitwaje ibirwanisho, harimwo M23, kimaze igihe kirekire kigeramiwe n'ukutagira indero ikwiye hamwe n'akajagari mu basirikare.
Reta ya Kongo yagumye yagiriza igihugu kibanyi c'Urwanda gushigikira M23. Ivyo Urwanda ruvyamirira kure, co kimwe na M23, n'ubwo hari ibimenyetso bibigaragaza.
Igisirikare ca Kongo kimaze igihe kinengwa kubera kutagira ubunyamwuga n'akaranga mu kazi, hamwe n'indero bikwiye. Abasirikare na bo bidogera imishahara mito n'ibikoresho bidakwiye.
Mu kwezi guheze, abandi basirikare 27 na bo nyene barakatiwe urwo gupfa, bagirizwa ivyaha bisa n'ivyo. Amakuru avuga ko bari bataye urugamba barahunga igihe bariko batana mu mitwe n'abaroberi.
Muri Ntwarante (3) 2024, RDC yarasubijeho igihano c'urupfu, inyuma y'imyaka 20 cari kimaze gihagaritswe, aho reta yavuze ko ikeneye gutuza "abansi b'igihugu" bari mu gisirikare.
Reta yavuze ko ico gihano kizohabwa kandi abantu bagize uruhara mu mirwi yitwaje ibirwanisho, mu migumuko, hamwe n'abakoze icaha co guhemukira igihugu n'ivyaha vy'intambara.
Ingingo yo gusubizaho igihano c'urupfu yaraneguwe cane n'imirwi iharanira agateka ka zina muntu. Ariko, kuva ico gihano gisubijweho, nta muntu aricwa biciye mw'ishirwa mu ngiro icese ry'ico gihano.
Kuva mu ntango za 2025, nibura abasirikare 507 baramaze gucirwa imanza, harimwo 381 bakatiwe urwo gupfa, nk'uko ibitigiri vyegeranijwe n'iradiyo y'Abafaransa RFI bivyerekana.
Mu Gitugutu (10) 2025, uwahoze ari Perezida wa RDC, Joseph Kabila, yakatiwe urwo gupfa atariho ari, ku vyaha birimwo ivyo mu ntambara no guhemukira igihugu. Kabila yarahakanye ivyo yagirizwa, ariko ntiyitaba urubanza ngo yiregure. Ubu rero ni we yatowe ngo abe umukuru wa FRN.














