Ukraine: Ugutanga umuyagankuba birageramiwe, mu gihe ibitero vy'Uburusiya bituma haba umwijima n'imbeho

Ahavuye isanamu, Daniel Wittenberg
- Umwanditsi, Dan Johnson
- Yakoze inkuru ari, Kyiv
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 5
Daryna Kulchytska ni umuvyeyi ari mu ngorane nyinshi. Ntagira uwumufasha kurera abana. Abitaho ari wenyene, mw'igorofa y'indwi i Kyiv. Agerageza kubeshaho abana biwe babiri, no gukurikirana ko bakoze ibikorwa vyo kw'ishure basabwa gukorera muhira. Ariko Daryna ahanzwe kandi n'iyindi ngorane atazi neza igihe izoherera.
Ico azi gusa ni uko mu kanya umuyagankuba uza gucika, amatara azime, internet ihagarare, n'amazi yo mu mabombo acike. Iri joro, umuyagankuba wamaze isaha irenga ku gihe bari batangaje ko uzomara, ariko Daryna aracihuta kugira ngo agaburire abana imfungurwa z'umugoroba, yongere arangize n'akazi kiwe akorera muhira.
Mu majambo yiwe, agira ati: «Mu misi iheze, twaronka umuyagankuba amasaha ane canke atanu gusa ku musi, ariko ntiwaza ku masaha amwe. Twamara amasaha abiri dufise umuyagankuba, hanyuma tukamara umunani ata wuhari. »
Iyi ngendo yo gukabukanya umuyagankuba yatanguye muri Gitugutu (10), inyuma y'uko Uburusiya bwongereje ibitero ku bigo ntanganguvu vya Ukraine. Mu kwishura, Ukraine na yo yagavye ibitero ku nganda zitunganya igitoro imbere mu Burusiya.
Abategetsi barafise amakenga ko ubuzima bushobora kugorana cane ku banya Ukraine amamiliyoni, mu gihe umuyagankuba utazoshobora kuboneka nibura amasaha ane ku musi. Bamwe muri abo bategetsi, mw'ibanga, baremeza ko ico gihe kiri hafi gushika. Mbere, i Kyiv, hasigaye hari imiryango imara amasaha ashika kuri 20 ata muyagankuba.
Uyu mwaka, gukabukanya umuyagankuba vyatanguye kare kurusha mu gihe c'imbeho giheze, kandi ubu bimara amasaha menshi gusumba. Ivyo bituma inzu zitandukanye nk'iyo Daryna abamwo zirushiriza kubamwo umwijima n'imbeho. Yambaye impuzu nyinshi yazigerekeranije, aca arenzako ikoti iremye, kubera imbeho iguma yiyongera.
Imbere gato y'isaha imwe n'igice z'ijoro, humvikanye akantu kameze nk'agakocotse. Ni umuyagankuba wari ugiye, maze umwijima ukwira hose. Aho rero abantu baca bategerezwa kurindira gushika mu gitondo.
Ivyuma bidugana abantu canke bikabamanukana mw'igorofa (ascenseur) ntibikora. Amazi na yo nyene aca acika, kuko umuyagankuba ari wo ukenewe kugira ngo ashobore gushika muri iyo nyubakwa.
Baca bakoresha amatoroshi maze Daryna, umuhungu wiwe Kyryll n'umukobwa wiwe Olena bakegerana bagakina amakarata imbere yo kuryama.
Kyryll, afise imyaka 12, avuga icongereza neza cane, ururimi yize mu kiringo c'imyaka ibiri yamaze muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Aravuga ata guca ku ruhande ingaruka iri cika ry'umuyagankuba rigira ku buzima bwabo.
Ati: "Nta muco, nta mazi, nta buryo bwo gushusha, nta muyagankuba. Nta n'ukuryoherwa n'ubuzima bikibaho".
Abandanya ati: "Ibintu vyose vyaduhimbara ntibikibaho. Dufise imikino myinshi ngaha y'amakarata, n'ibindi bikoresho bijanye. Aho tubibika haruzuye, ariko turamaze kuyikina nk'incuro ibihumbi amajana, kubera umuyagankuba uba wagiye."
Imiryango myinshi usanga iri mu kizime, mu gihe ibice vyose vy'ibisagara umuyagankuba uguma ucika.
Daryna agira ati: «Uravye hanze, rimwe rimwe nta na kimwe ubona. Uba uri mu gisagara kinini ariko ntubona na kimwe kubera umwijima."
Igisagara ca Kyiv ni co cakozweko cane n'ivyo bitero. N'amatereni canke imodoka zunguruza ingenzi mu gisagara zikoresheje umuyagankuba, kenshi zirahagarara. Mu gihugu cose, mu ndwi ziheruka, Abanya Ukraine ibihumbi amajana baramaze igihe ata muyagankuba bafise.
Mu rugendo twagiriye kuri kimwe mu bigo ntanganguvu binini cane muri Ukraine, twariboneye igituma bigenda uko. Ico kigo casa nk'aho casenyutse cose, kubera ibitero cari giherutse kugabwako hakoreshejwe misire yo mu bwoko bwa 'balistique'. Cari co gitero gikomeye kandi casambuye vyinshi kuruta ibindi vyose mu vyo Uburusiya bumaze kugaba ku bibanza vy'inguvu vya Ukraine.

Ahavuye isanamu, Matthew Goddard
Ico kigo kinini cane gitanga umuyagankuba - twasabwe kutakivuga izina ku mvo z'umutekano - carasambutse ku buryo casigaye ari nk'ikirundo c'ivyuma vyononekaye, imiringoti y'amazi nayo iravunagurika iyindi iragondama. Imashini zaco zitanga umuyagankuba zarafuriwe n'ibibomoke, bituma gihagarika burundu ibikorwa vyaco.
"Cari igitero kidasanzwe. Ntitwari bwigere tubona igisa naco. Ibisenge vy'inyubakwa vyari bisanzwe vyarakorotse, ariko iki gitero cari giteye ubwoba mu buryo budasanzwe", ni ko Volodymyr Kovalenko, umwe mu bakozi yari muri ico kibanza umusi haba igitero.
Kovalenko, yakurikiye amakanda y'abavyeyi biwe na we agatangura gukorera muri ico kigo, akaba amaze imyaka 25 ahakora, avuga ko iyo abonye ivyahononekariye bimubabaza cane. Gusa, yizigiye ko bishobora gusanurwa.
Hari iyindi ngorane. Ibikorwa vyo gusanura ico kigo gihambaye cane biguma bidindizwa n'imburi zigabisha ko hagira habe ibindi bitero ziba buri minota 15 canke 30. Mu masaha ane twahamaze, izo mburi zatanzwe incuro indwi. Igihe cose hamenyeshejwe ko hari 'drones' canke misire ziriko ziraza, abakozi baca bahagarika akazi bakihutira kurondera aho bikinga. Ariko mu gihe twari tuhari, izo 'drones' zararashwe izindi zibandanya zerekeza mu bundi burere.
Vadym Bobyr, arongoye ibikorwa vyo gusanura agira ati: "Biragoye cane. Uba witeguriye gukora igikorwa kanaka, maze bukwi na bukwi ukumva imburi ziravuze, ugaca wihutira kuva aho uri ukaja kwikinga."
Uyu mugabo w'imyaka 39, amaze hafi igice c'ubuzima bwiwe akorera muri ico kigo, urabona ko yaherewe iyo ariko arihweza ibisigarira vy'inyubakwa zasambutse.
Avuga ati: "Biratuntuza umutima, kuko ibi vyose twari twaramaze kubisanura, uruganda rukongera gukora. None ubu vyasubiriye guterwa. Biratubabaza, ariko turabandanya dukora no kurangura ibikorwa dutegerezwa gukora.»
Tukiriko turayaga, haciye hatangwa iyindi mburi ivuga ko hari misire iriko iraza.
Abakozi baca biruka bashwiragira ata wujanye n'uwundi baciye mu nzira nyinshi ziri hagati y'inyubakwa no mu miyoboro itandukanye, ariko ntibashobora gushika mu kibanza co kwikingamwo. Baca bahitamwo kwinyegeza inyuma y'uruhome rumwe mu zikomeye cane kuri ico kigo. Iyo misire yahavuye itangirwa n'ubuhinga bwo kwikingira ibitero vyo mu kirere iranasamburwa. Yasamburiwe nko ku birometero bitatu uvuye aho.
Abakozi bo mu gisata c'amasoko ntanganguvu bari mu kaga gakomeye cane. Kuva muri Myandagaro (8), ibitero ku bigo ntanganguvu biba hafi imisi yose, bigahitana abantu benshi, buri ndwi. Kandi uko imisi igenda, ni ko akaga karushiriza kwiyongera.
Ku ruhande rw'ico kigo, iyo akaga kagabanutse, umurwi w'abakozi uca usubira mu gikorwa co gusubizaho imihora y'umuyagankuba. Ariko, biragoye ko ico kigo kizosubira kumera neza ku buryo cotanga umuyagankuba mu banyagihugu, imbere y'uko igihe c'imbeho kirangira.
Perezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky, avuga ko igihugu kigifise ubushobozi buhagije bwo gutanga umuyagankuba ukenewe. Avuga ko ingorane ari ukuntu uwo muyagankuba ushobora gushikanwa mu mazu no mu bijanye n'ubucuruzi, mu gihe imihora myinshi hamwe n'ibibanza ntanganguvu vyagabweko ibitero.
Uburusiya buriko bukoresha 'drones' zitwa «waiter drones», zishobora kumata ku biti vy'umuyagankuba canke ku ntsinga, zikamara igihe ata n'umwe arazibona gushika aho Uburusiya bufashe ingingo yo kuzituritsa.















