'Igitangaro ku ruzi Mississippi' - Ingenzi zose zarokotse inyuma y'aho ubwato bwazo bugonganiye n'ubw'igitoro

Ahavuye isanamu, Reuters
- Umwanditsi, Ana Faguy
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 2
Abantu bababa 130 bari mu bwato bw'ingenzi bwari buhagaze ku kivuko i New Orleans bose bashoboye gutabarwa bararokoka inyuma y'aho bugongewe n'ubwato butwara igitoro.
Ubwo bwato, American Heritage, bwatembagariye mu ruzi Mississippi buryamira urubavu, inyuma y'uko bugonzwe n'ubwato butwara imizigo, Atlantic Asphalt.
Abantu 32 bari muri ubwo bwato bwagonzwe bajanywe kwa muganga bakomeretse bukebuke, ariko nta n'umwe yaburiwe irengero. Abategetsi bati: "Ni igitangaro kuri Mississippi".
Naho igituma nyaco cateje iyi mpanuka kitaramenyekana, Kapiteni Melanie Burnham arongoye ingabo zicungera inkengera z'ibahari yavuze ko hari ibimenyetso vyerekana ko ubwo bwato bushobora kuba bwaragize ikibazo c'i vola (volant/ steering).
Umukuru w'igisagara ca New Orleans, Helena Moreno, yabwiye abanyamakuru ko ari ugushima ku gikorwa nyamukuru c'ubutabazi cakozwe n'abajetwe ubutabazi ba mbere "baciye bihutira gufasha mu bubangutsi ntangere".
Yagize ati: "Nta muntu n'umwe yaburiwe irengero, kandi mu vy'ukuri iki ni igitangaro kuri Mississippi."
Melanie Montroll, umukuru w'Ikivuko ca New Orleans, yavuze ko amakuru y'iyo mpanuka yatanguye gushika nk'isaha indwi n'igice z'umutaga (13:30) mu masaha y'ako karere, ni ukuvuga (isaha zibiri n'igice, 20h30, mu masaha ya Gitega na Kigali) ejo ku wa gatanu, abantu baca batangura kugerageza gufasha abari muri ubwo bwato bwari bwatanguye kwinjiramwo amazi.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Uburongozi bw'iki kivuko buvuga ko bwarimwo ingenzi zishika 129 hamwe n'abakozi babwo igihe iyo mpanuka yaba.
Ubwo bwato bwariko burarangiza urugendo rw'imisi umunani rwaciye mu bibanza bitandukanye biri ku ruzi Mississippi mu ntara za Louisiana na Mississippi.
Perezida Donald Trump yanditse ku rubuga nyagiro rwa Truth Social ko ico gikorwa co gutabara cari "igikorwa c'agatangaza".
Umushikiranganji w'Umutekano mu gihugu, Markwayne Mullin, yavuze ko abajejwe gucungera inkengera na bo nyene bafashije mu bikorwa vy'ubutabazi.
Buramatari Jeff Landry na we nyene yavuze ko ubwo butabazi ari "igitangaro kuri Mississippi" uravye "igitigiri kinini c'abari muri ubwo bwato" bose barokotse.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Landry yavuze ko ingendo z'amato zimaze imyaka myinshi ata gatosi ku ruzi Mississippi, akaba yiyemeje gukora amatohoza yimbitse kugira icateye iyo mpanuka kimenyekane.
Umwe mu babonye iryo sanganya yabwiye CBS, ikimenyeshamakuru gikorana na BBC muri Amerika, ati: "Wamengo ni filime y'intambara. Iyumvire nawe amatoni menshi y'ivyuma asekanye. Ni ko vyari bimeze. Vyasa nk'ivyabaye kuri Titanic."
Yavuze ko yabonye ingenzi n'abakozi b'ubwato bariko basemerera, barira, mu kugerageza kuva muri ubwo bwato igihe bwariko buribira mu mazi.
Nk'uko bigaragara ku rubuga rwabwo, ubwato American Heritage bushobora gutwara ingenzi zishika 150, kandi burimwo inzu y'ibiyo yo gufunguriramwo, ikigo c'imyimenyerezo ngororamubiri hamwe n'ivyumba bitatu ingenzi ziruhukiramwo.
Bwubatswe mu mwaka wa 2015 kandi bufise nibura amagorofa ane.











