Amerika igabisha Madagascar ku kwiyongera kw'ubucuti n'Uburusiya mu vya gisirikare

Abasirikare babiri bambaye umwambaro ubaranga bahagaze impande y'imodoka ya gisirikare.
Insiguro y'isanamu, Madagascar yaragiranye amasezerano yo gufashanya n'Uburusiya mu vya gisirikare kuva abasirikare bafashe ubutegetsi haraciye umwaka
    • Umwanditsi, Basillioh Rukanga
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 3

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zagabishije Madagascar ku bijanye no gukomeza ubucuti ifitaniye n'Uburusiya, zivuga ko ugukorana nk'ukwo intwaro z'abasirikare zagiranye n'Uburusiya mu bihugu vyo muri Afrika y'Uburengero kutashoboye gutuma umutekano utera imbere.

Icegera c'umuyobozi ajejwe ibikorwa vy'igisirikare ca Amerika muri Afrika, Lt Gen John Brennan, yavuze ko kuba Madagascar iherereye mu karere k'ibahari Indiyano bituma igira uruhara rukomeye mu bijanye n'urudandaza mpuzamakungu.

Yagabishije ico gihugu kudakurikiza "uburorero bwo muri Sahel", avuga ko bushobora gutuma umutekano muke urushiriza gukwira ku mugabane wa Afrika.

Ibihugu vya Mali, Burkina Faso na Niger, vyose birongowe n'abasirikare, vyarahagaritse ubucuti bwavyo n'ibihugu vyo mu Burengero, bihitamwo kwitura Uburusiya kugira ngo bubifashe mu vya gisirikare mu rugamba birimwo rwo kurwanya imihari y'abajihadiste.

Uburusiya bwaraguye imigenderanire mu vya gisirikare na Madagascar kuva abasirikare bafashe ubutegetsi muri ico gihugu mu 2025. Buyirungikira ibirwanisho hamwe n'abamenyereza mu vya gisirikare.

Mu kiganiro n'abamenyeshamakuru biciye kuri internet, Brennan yagize ati: "Turatewe umutima uhagaze n'ukuntu Uburusiya bushaka gukwiragiza akarorero ko muri Sahel mu bindi bice vy'umugabane wa Afrika".

Yabandanije ati: « Madagascar iherereye ahantu hahambaye cane, co kimwe na Mozambike, rero ntitwipfuza kubona ubwo burorero bukoreshwa muri ivyo bihugu bibiri".

Abategetsi b'ibihugu bitatu vyo mu karere ka Sahel bari babanje kwagiriza ibihugu vyo mu burengero vyahoze ari ibifatanyabikorwa ko bitashoboye guhagarika imihari y'abajihadiste, imbere y'uko bahindukirira Moscou kugira ngo ibifashe.

Skip podcast promotion and continue reading
BBC Gahuza WhatsApp
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ariko rero, ibitero vy'iyo mihari vyarabandanije, n'ubwo ivyo bihugu vyongereje ugufashanya n'Uburusiya mu vya gisirikare.

Brennan yagaragaje kandi impungenge zijanye n'umutekano mu muhora wo mu kiyaga ca Mozambike (Mozambique Channel), utandukanya Mozambike na Madagasikari n'umugabane wa Afrika. Uwo muhora ni inzira ihambaye ikoreshwa mu gutwara ibidandazwa hagati y'ibihugu.

Yavuze ko ari ngirakamaro cane gukingira ibikorwa vyo mu mazi, kugira ngo abarwanyi bafitaniye isano n'umuhari wiyita 'reta ya kiislam' mu buraruko bwa Mozambike hamwe n'abandi bashobora guhungabanya umutekano ntibabibangamire.

Afatiye ku biheruka kuba ku nkengera z'ico gihugu bifitaniye isano n'ubusuma bwo mu kiyaga, Brennan yavuze ko imihari y'abarwanyi mu buraruko bwa Mozambike iriko irahindura imikenyuro ikoresha mu bikorwa vy'ubugizi bwa nabi vyayo, harimwo no kurushiriza guteza imbere ubushobozi bwo kugaba ibitero biciye mu mazi.

Yavuze ko abafatanyabikorwa ba Amerika "bafise umwidegemvyo wo gukorana n'abo bashaka", ariko abahimiriza gutahura ingaruka bishobora kugira.

Madagasikari ntaco irashikiriza ku mugaragaro ku majambo ya Brennan.

Perezida Michaël Randrianirina aherutse gusubira gushimangira ko ashigikiye ko ubucuti hagati y'Uburusiya n'ibihugu vya Afrika burushiriza gukomera.

Mu nama y'Uburusiya na Afrika yabaye mu kwezi guheze, Madagasikari n'Uburusiya vyarashize umukono ku masezerano atari make y'ugufashanya mu bijanye n'ukwivuna abansi, ingenzi n'urudandazwa.

Muri Ruhuhuma (2), inyuma y'amezi makeyi afashe ubutegetsi biciye mu guhirika ubutegetsi, Randrianirina yaciye agendera Moscou. Wari umusi wa mbere mu myaka hafi 50 umukuru w'igihugu ca Madagasikari agendeye icese Uburusiya.